- Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
- kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
- Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
- «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
- Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
- Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
- Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
- Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
Author: BURUNDI FACTS
Mu gihe umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ahayagiza akarorero keza k’imbonerakure ku rwego mpuzamakungu, ivyegeranyo bitangwa n’amashirahamwe mpuzamakungu vyerekana ibindi. Kure yokuba akarorero, imbonerakure zagirizwa ivyaha vyoguhohotera abandi, kutihanganirana muvya poritike hamwe noguhonyanga agateka kazina muntu. Ariko atanga ikiganiro kubamenyeshamakuru ari mu gisagara ca Ngozi kw’igenekerezo rya 23 Myandagaro 2025,umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ,Révérien Ndikuriyo yarahayagije inyifato y’imbonerakure yemeza ko zabaye akaroro ku rwego mpuzamakungu.Agira ati: “Bimwe mu bihugu biribaza ukuntu twabigenjeje kugira dushobore gupanga neza urwaruka rwacu rw’imbonerakure.Kwanza, hariho n’abipfuza kurungika intumwa kugira baze tubigushe ukuntu twabikoze kugira dushobore gushika kuri iyo ntambwe ” Ariko yishura kumakenga y’abamenyeshamakuru ku bijanye …
Mu gihe ubukene bw’igitoro bubandanya kuba ndanse mu Burundi , amasanamu y’ibiduga bininiya bitwara igitoro yatanzwe nk’ikimenyetso cuko igitoro coba kigiye kuboneka kubwinshi yabaye menshi ku mbuga hwaniro. Inyuma yico gihuha ukuri ni ukundi: ayo masanamu nayo mu 2022 hanyuma nta murongo muremure w’ibiduga bizanye igitoro wigeze utangazwa k’umugaragaro. Kuva kw’igenekerezo rya 27 Myandagaro 2025, amasanamu menshi y’ibiduga bininiya bitwara i gitoro yarahanahanywe k’urubuga rwa whatsapp n’izindi mbuga hwaniro,ziherekejwe n’amajambo yemeza ko ivyo biduga vyoba biriko vyerekeza mu Burundi bizanye igitoro ,muri kino gihe igihugu cugarijwe n’ubukene bw’igitoro. Mu mwanya muto,izo nyandiko zazanye icizere n’amakenga mu banyagihugu. Mugabo n’ukugaba: kuko…
Umuryango uhurikiyemwo ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko EAC wari ufise indoto yo gushika kure: mu gukuraho imbibe hagati y’ibihugu biwugize, ikoreshwa ry’ifaranga rimwe, n’ibindi. Inyuma y’imyaka 25, iyo ndoto isa n’uko bigoye kuyishikako. Umuntu afatira kubituma umuryango wiyunga biza bitandukanye n’ibiriko biraba muri kino gihe. Ugutatana kw’umuryango wa EAC kuragarira i Dar es_salaam ,aho mu kwezi kwa Mukakaro 2025, Reta ya Tanzaniya yahagaritse imyuga igera kuri 15 kubanyamahanga bose bose bose bava mu bihugu vyo mu karere: kumwa, kudandaza, kurungika amafaranga, gukora za ngendanwa, Tanzaniya yitwaje ko ishaka «gukingira abanyagihugu b’amikori mato bo muri ico gihugu bashaka kwiyungunganya.» Iyo ngingo…
Umukuru w’igihugu, Évariste Ndayishimiye, aragiriza abahuza abaguzi n’abagurisha kwaribo (commissionnaires) batuma ibiciro vy’ibifungurwa biduga mu gisagara ca Bujumbura. Ariko inyuma y’ayo majambo ya poritike, ibiharuro muvy’ubutunzi vyerekana ukundi kuri. Ukugabanuka kw’agaciro k’ifaranga, ihindagurika ry’ibihe, ingorane mpuzamakungu, na poritike y’ifaranga, vyose vyerekana ko iyo nsiguro ari nto cane. Abahinga batanga inzira zokwifashishwa kugira hahagarikwe itakaza ry’agaciro k’ifaranga ry’Uburundi. Ku munsi wa kabiri, igenekerezo rya 12 Myandagaro umwaka wa 2025, ku kibuga c’inkino citiriwe Intwari, mu birori vyo gushikiriza Buramatari mushasha w’intara ya Bujumbura na musitanteri wa Mukaza, umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ukuduga kw’ibiciro vy’ibifungurwa mu gisagara ca Bujumbura guterwa n’abahuza abaguzi…
Inyuma yaho hatunganirijwe amatora kw’igenekerezo rya 05 Ruheshi 2025,amatora yaranzwe n’ubusuma, inzego zatorewe ikiringo co kuva mu 2025_2030 zaramaze kujaho. Reta igizwe n’abashikiranganji 13, arongowe n’umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye yarashinzwe. Ariko abatari bake mu mpunzi z’abarundi amakenga ni menshi. Izo mpunzi zibonako ata mpinduka zokwitegwa Ku gihugu kuko poritike izoguma ari nk’iyahahora. Impunzi twaganiriye zihuriza ku kintu kimwe :inzego nshasha zose zavuye mu matora yaranzwe n’ikumira ,ata guhiganwa vyukuri kurimwo.Umugambwe CNDD_FDD,ari nawo uri k’ubutegetsi,bisa nk’uko watunganije wongera witabira amatora wo nyene Daniel Ngendakumana afasha abakenyezi bibaruka akongera akaba n’umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’urwaruka rw’abarundi (MIJB), avuga ko ivyabaye ari “inkinamico…
Kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2025 , igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika caratangaje ko gihagaritse ivyo gutanga impusha zo kwinjira muri ico gihugu kuri zimwe mu mpusha cahora gitanga ku bava mu Burundi. Iyo ngingo ikaba yaciye itangura gushirwa mu ngiro kuva mu ntango z’ukwezi kwa Myandagaro 2025 n’ubuserukizi bwa Amerika i Bujumbura,ivyo bikaba vyatumye hari ibibazo vyinshi abantu bibaza : ni bande berekewe n’iyo ngingo ,kuberiki, inkwirikizi n’izihe? Mbega n’ingingo ishobora gusubirwamwo ?Uko ibintu vyifashe Muri rusangi,ibihugu 19 nivyo birabwa n’iyo ngingo yafashwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Imvo zatanzwe kandi si zimwe :kuri…
Ibikorwa vya mbere vy’abashingamateka baheruka gutorwa (2025_2030) vyarabaye kw’igenekerezo rya 28 Mukakaro mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe,nk’uko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo kuwa 21 Mukakaro 2025 . K’urutonde rw’ivyirwa n’abo bashingamateka batowe kw’igenekerezo rya 05 Ruheshi 2025, hakaba hariko ingingo zibiri gusa: Itorwa ry’abagize biro hamwe n’ugutora itegeko ringenga Inama Nshingamateka.Yamara muri iryo sasa hari icateye amakenga: isasa ry’abashikiranganji batatu baheruka gutorwa nk’abashingamateka kandi gushika ubu bakiri mu mabanga, ivyatumye bamwe bibaza nyimba isasa ry’abo ridahonyanga amategeko. Abo bashikiranganji batatu Martin Niteretse (umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ,iterambere rusangi n’umutekano), Alain Tribert Mutabazi (umushikiranganji wo kwivana abansi nogukurikirana abahoze…
Ku wa 23 Mukakaro 2025, ari i Gitega, umurwa mukuru wa poritike w’Uburundi, Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, Iterambere rusangi n’Umutekano rusangi, yategetse ko ibiciro vyashinzwe na Leta mu bijanye no kwiyunguruza vyo kwubahirizwa ata n’umwe asigaye inyuma. Yagaragabishije ko uwo wese azofatwa azohanwa bikomeye.Inyuma y’iyo ngingo ivyo ivyokwiyunguruza bikaba vyaciye bihagarara mu gisagara ca Bujumbura no mu zindi ntara. Mbega ko iyo ngingo irafise ishingiro muri kino gihe? Reka turabire hamwe uko ibintu vyifashe. Igenekerezo rya 23 Mukakaro,mu nama i Gitega, umushikiranganji Martin Niteretse yagabishije avuga ko umuntu wese atariko yubahiriza ibiciro vyo kwiyunguruza hagiye kubaho imanza z’ikibiriraho…
Mu gihe ifaranga ry’amarundi riguma rita agaciro kandi ibiciro vy’ibidandazwa biguma biduga bidasanzwe, umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye avuga ko ikibazo c’ikena ry’amafaranga mvamakungu kidakora ku banyagihugu bo mu gihugu hagati . Ivyo avuga biri kure cane y’ukuri kw’ukuntu ubutunzi bw’igihugu buhagaze muri kino gihe. Mu nama yabereye i Gitega ku bijanye no gusuzuma uko ibikorwa vy’amatora biriko biragenda, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarishuye ku kibazo ca Gabriel Rufyiri, arongoye OLUCOME, aho yari yerekanye amakenga afise ku bukene bw’amafaranga mvamakungu bwibonekeza mu Burundi. Umukuru w’igihugu yagize ati: « Wewe ufise ikibazo c’amadevize, ariko ni iciwawe. Umunyagihugu wo muri Buhiga nta kibazo…
Hakoreshejwe uburyo bwegeranijwe burenga imiriyaridi 100 mu mafaranga y’amarundi,imigambi y’uburimyi PATAREB na PADCAE_B yari ifise ihangiro ryogutunganya gushasha ibijanye n’uburimyi m’uburaruko bw’Uburundi .Mugihe bitegekanijwe ko isango izoherahezwako ryegereje mu mwaka wa 2026,intahe z’abantu batari bake zerekana ko inyubako zahagarikiwe hagati ,ibikoresho bitigeze bikoreshwa ,hamwe n’ikoreshwa ry’uburyo rirangwamwo igipfungu.Ivyo bishikirizwa vyoba bifise ishingiro?Dushaka kurondera ukuri dufatiye kuvyagiye birashikirizwa n’abategetsi,intahe hamwe n’uko vyifashe k’urubuga. Iyo migambi yatangujwe mu mwaka wa 2018,umugambi warugamije guteza imbere uburimyi PATAREB waje wunganirwa n’uwundi mugambi ufasha mubijanye no guhingura ibifungurwa hamwe nokwiyungunganya mu Burundi PADCAE_B. Iyo migambi uko ari ibiri ikaba yahawe uburyo n’ibanki y’isi, ibanki ya…