Author: BURUNDI FACTS

Amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, aho yariko yishura abariko bamuhamagarira gushinga amabanga ababikwiye mubibanza vya Reta vyarateye  icuka .Imbere y’igisabo c’uwurongoye ishiramwe OLUCOME , Gabriel Rufyiri asaba kohoshingwa amabanga abantu binryamunyu ,imvugakuri mubibanza bikomeye vy’igihugu ,umukuru w’igihugu yamwishuye yemeza ko bidakunda na gato kurondera mubarundi abantu babushitse kandi bagendera ubuntu .Imvugo yababaje abatari bake ,igatuma hari vyinshi bigenda birashikirizwa n’aba na bariya ,ivyatumye dushaka kumenya ukuri aho guhagaze. Kw’igenekerezo rya 6 Mukakaro 2025,mu kiganiro “Ku Kivi “,Gabriel Rufyiri arongoye ishiramwe ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta OLUCOME ,yahamagariye umukuru w’igihugu gushinga amabanga abantu bazwi neza kandi bagendera ubuntu…

Read More

Mu kiganiro co kuwa 6 Mukakaro 2025, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaremeje ko umuntu wese atemera ivyavuye mu matora yategerezwa ubwa mbere kumwitura, imbere yokwitura  ubutungane. Ivyo yashikirije vyatumye haba impari mbere biratera agashavu abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe na benshi mubanonosoye ibijanye n’amategeko, babona muri ayo majambo ihonyangwa ry’amabwirizwa n’amategeko asanzwe ahari muri kino gihe. Mubisanzwe amategeko y’Uburundi avuga iki kukibazo mwe n’ico? Amategeko arategekanya ko umukuru w’igihugu yivanga mubibazo biba bivuye kuvyavuye mu matora ? Ari umutumire mu kiganiro “Ku kivi ” caciye ku mirongo ya radiyo y’igihugu kuwa 6 Mukakaro 2025, Evariste Ndayishimiye yarakoresheje ano majambo akurikira :…

Read More

Isanamu yerekana umusirikare w’Umurundi yoba yari yambaye ikirato ca gisirikare gitobotse munsi, mu gihe hariko hahimbazwa intahe yo kwikukira ku wa 1 Mukakaro 2025, yatumye abantu batari bake bagira ico bavuze ku mbuga ngurukanabumenyi. Nubwo iyo sanamu yahawe insiguro itari yo, yaratumye hari ibishikirizwa na bamwe na bamwe kandi vyari ivy’ukuri: nk’ivyerekeye itunganywa ritarimwo umuco, hamwe n’ubusumbasumbane mu bijanye n’ibikoresho mu gisirikare c’Uburundi (FDN). Mu gihe Uburundi bwahimbaza intahe yo kwikukira ku ncuro ya 63, kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 2025, nk’uko bisanzwe no mu yindi myaka, kimwe mu vyari birindiranywe igishika cari défilé y’agakura y’abasirikare. Kimwe mu vyavugishije abatari bake…

Read More