Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Tuesday, 20 January 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » «Abarundi bose n’ababeshi »? Amajambo y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yatumye benshi bibaza ibitari bike

    «Abarundi bose n’ababeshi »? Amajambo y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yatumye benshi bibaza ibitari bike

    0
    By BURUNDI FACTS on 28 July 2025 Amakuru Yacu
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, aho yariko yishura abariko bamuhamagarira gushinga amabanga ababikwiye mubibanza vya Reta vyarateye  icuka .Imbere y’igisabo c’uwurongoye ishiramwe OLUCOME , Gabriel Rufyiri asaba kohoshingwa amabanga abantu binryamunyu ,imvugakuri mubibanza bikomeye vy’igihugu ,umukuru w’igihugu yamwishuye yemeza ko bidakunda na gato kurondera mubarundi abantu babushitse kandi bagendera ubuntu .Imvugo yababaje abatari bake ,igatuma hari vyinshi bigenda birashikirizwa n’aba na bariya ,ivyatumye dushaka kumenya ukuri aho guhagaze.

    Kw’igenekerezo rya 6 Mukakaro 2025,mu kiganiro “Ku Kivi “,Gabriel Rufyiri arongoye ishiramwe ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta OLUCOME ,yahamagariye umukuru w’igihugu gushinga amabanga abantu bazwi neza kandi bagendera ubuntu .Akaba yaraneguye igenwa mumabanga rifatiye kuri ka mwana wa mama hamwe n’uguta ubuntu mubari mu nzego.

    Inyuma yaho ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye vyaratangaje abantu  ,aho yagize ati:”Ni uguta umwanya ,ukaba ushaka kuronka abantu b’imvugakuri mu Burundi ( …).Kuba umwizigirwa n’akaryo kaba kabuze gusa .Uno musi umuntu arakwereka kwari intama ,ariko wamushinga amabanga ejo agahinduka imfyisi .”

    Ayo majambo yatumye abarundi batari bake bayafata nko gufatira mu kivunga ,nk’uko womengo mu Burundi nta muntu w’imvugakuri yoba akiriho .Imvugo nk’iyo ituma hari ibibazo bikomeye umuntu ashobora kwibaza :Umukuru w’igihugu yoba yararengeje urugero?Hoba koko mu Burundi hakiriho abantu b’imvugakuri ?

    Intahe zinyuranye n’ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu

    Igihushane c’ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu; benshi mubagiye barashinga intahe bemeza ko hakiriho abantu b’ubuntu , b’imvugakuri, abagabo babushitse ,kandi ko no munzego za Reta barimwo .

    Umwe mubategetsi bahoze  bakomeye mu mugambwe CNDD_FDD atashatse ko tumuvuga agira ati: «Uburundi bwuzuyemwo abantu benshi b’ubuntu,ariko nta kibanza bahabwa .Nta mazina mvuga ,ariko noshobora  kudondagura abatari bake ,haba abari mu mugambwe canke abatari mu mugambwe.»

    Iyo ntahe irerekana neza ingorane ziri mubutegetsi hejuru :Si ukabura kw’abantu babizigirwa kandi babishiboye ahubwo ni ukubireka n’ibigira nkana mu kwirengagiza abantu b’ubuntu.

    N’umwe mubahoze mu ndongozi z’urwego rw’abakenyererarugamba aravyemeza akagira ati:«Yarakwiye guhagarika iyo mvugo yuko mu Burundi ata bantu b’imvugakuri bahari .Muri make atinya kugena mu mabanga abantu badashobora kwihanganira ibinyoma aguma ashikiriza .»

    Arongera akanegura kandi abagize Reta yiwe muri kino gihe ,abona ahubwo ko ubuntu babutaye.

    Akarorero k’umuntu w’ubuntu :Umushikirizamanza mukuru wa Répubirika Léonard Nduwayo

    Kahise karerekana neza ko Umushingwamanza mukuru wa Repubilika Léonard Nduwayo ,ku ntwaro ya perezida Michel Micombero yagaragaje ubutwari ,ubuntu n’ubushingantahe .Mugihe intwaro y’ico gihe yamutegeka kugumiza abantu mu busho ,wewe yahisemwo gukwirikiza amategeko mukubarekura ,kuko yabona ko kubagumiza mubusho binyuranye n’amategeko .Iyo nyifato y’ubutwari ishingirwa intahe na Pierre Claver Mbonimpa ,umwe mubaharanira agateka ka zina muntu igihe yari umutumire kuri tereviziyo Renaissance.

    Akarorero ka Nduwayo karerekana ko abakozi bijunja n’ijambo babayeho mu Burundi kandi ko n’ubu bariho .Kuba imvugakuri kugendera ubuntu si ingorane ,ingorane ni uko ahubwo abantu mwe n’abobafatwa nabi mbere bakanacibwa intege.

    Imvugo ica intege

    Si ubwa mbere umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avugiye muri rusangi asuzugura abarundi.Bamwe mubarabira kure ibibera mu Burundi basanga ahubwo yoba ashaka gusigura:

    • Ibijanye no gushinga amabanga abatabishoboye ;
    • ukudahana kugaragara kubarya ibiturire;
    • .hamwe rero no gushaka kuzibirira kure abo bose haba abari indani canke inyuma berekana ibitagenda neza .

    Mukudaha agaciro ivyo asabwa ko yoja aragena abantu b’ubuntu mu mabanga , umukuru w’igihugu aba ashaka kubaca inkokora hanyuma kandi bigatuma n’abo yagenye biyumva ko n’ubwo bari muri ivyo bibanza  ataco bamaze .

     

    Ukugenwa mu mabanga gufatiye kubuyoboke ,atari ubushobozi n’ubuhinga

    Kuva umugambwe CNDD_FDD ushitse k’ubutegetsi ,benshi bariyamirije ingendo yo gushinga amabanga abantu bayoboka umuntu ubwiye canke uko yitanga kurusha mu mugambwe .Gabriel Rufyiri agira ati:”Ico umuntu ashoboye hamwe n’ubuntu ntibikiri urufatiro kugira umuntu ashingwe amabanga .Bibandanije bimeze uko ,bishobora gutuma ibintu biguma vyunyuka mubisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu :ubutunzi,imibano na politike.

    Muri make:Iyo mvugo y’umukuru w’igihugu ntifise ishingiro kandi irateye  ubwoba

    Oya, sivyo ko mu Burundi atabantu bimvugakuri babizigirwa bakihari .

    Intahe zo gufatirako hamwe n’uburorero bwo muri kahise n’ubwubu buriho umuntu ashobora kwifashisha mukwerekana ko Uburundi bufise abashingantahe n’abapfasoni b’ubuntu kandi babizigirwa mu kibano eka mbere no mu nzego .Ingorane  rero si uko abo bantu batariho ahubwo ingorane ni ukutabaha ikibanza .

    Mukwemeza ko “gukora iciza ari igitangaro”, umukuru w’igihugu ashaka kwabantu biyakira hamwe no guha intigi ingendo y’ukudahana .Iryo jambo riza rica inkokora abafise agatima ko gukora ngo babere akarorero abandi  bongere bazane impinduka mu nzego za Reta k’urwego rwo hejuru.

    Aho gushaka gufatira mu kivunga muburyo ataribwo ,vyari vyiza ko ubutegetsi bw’Uburundi buha agaciro bukongera bugashira imbere abizigirwa basanzwe bahari mu bibanza vya Reta .Hamwe hoshirwa imbere abantu b’imvugakuri vyotuma kandi mu Burundi hatsimbatazwa intwaro yizewe na bose kandi ishingiye kumabwirizwa n’amategeko.

    ________________________________________________

    Ifoto : Gabriel Rufyiri,arongoye ishiramwe OLUCOME mu kiganiro “Ku Kivi ” caciye kuri tereviziyo nkuru y’igihugu kw’igenekerezo rya 6 Mukakaro 2025

    Related Posts

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 20264 Mins Read

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 20253 Mins Read

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.