Author: BURUNDI FACTS

Amakuru yahanahanywe ku mbugahwaniro arahushanye n’uko ibintu vyifashe, abasirikare b’abarundi ntibariko barakinjura mu gisagara ca Uvira, mu ntara ya Kivu yepfo m’ubuseruko bwa Congo. Amatohoza yakozwe na Burundi Facts hamwe na Congo Check ku basirikare hamwe n’aba baba ngaho n’uko n’ubu abasirikare b’abarundi bakiri Uvira, ahubwo nyabuna ko baguma bitunganya neza kuko hari n’abandi basirikare baguma barungikwa gufasha abasanzweyo. Vyose vyatanguriye k’urukurukuru rwaciye k’urubuga rwa X rw’uwiyita SimarongoNgongoMba, aho yemeza ko inyuma y’intambara hagati y’igisirikare ca Congo FARDC hamwe n’umurwi w’abarwanyi ba Wazalendo, ko igisirikare c’Uburundi coba caciye gihitamwo gukinjura muri Uvira. Iyo nkuru yaratumye aba nabariya bagira ico bayivuzeko…

Read More

Ku magenekerezo ya 4 na 5 Nyakanga 2025 i Muyinga, hamwe na 10 Nyakanga i Gitega, umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD, waratunganije umwiherero wa poritike ku ndongozi nkuru z’igihugu. Mubitabiriye uyo mwiherero harimwo uwutwara igisirikare, uwutwara igisipolisi hamwe n’umushikirizamanza mukuru wa Repubilika. Ukwo kwitabira ivyo bikorwa kw’izo ndongozi kukaba gutuma umuntu agira amakenga kubijanye n’ubwigenge bw’inzego nk’uko bisanzwe bitegekanijwe n’amategeko. Ibwirizwa Shingiro ryo muri 2028, riratomora neza ko inzego za Reta zitegerezwa kwigenga, na cane cane inzego z’igisirikare, igipolisi hamwe n’urwego rw’ubutungane. Ingingo ya 262 igira iti: « inzego zo kwivuga abansi n’iz’umutekano zitegerezwa gutunganywa kuburyo zikora mubwiyunge , mukutivanga muvya…

Read More

Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga harahimbzwa umusi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi (démocratie), umusi washinzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu mwaka wa 2017 kugira ngo rihamagarire ibihugu kwijukira ubwo buryo bwo kurongora. Mu Burundi, vyitwa ko hari intwaro rusangi . Yamara, abanyaporitike  n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bemeza ko ibitegerezwa kuranga intwaro rusangi ata kibanza bigifise mu Burundi. Intwaro rusangi, canke intwaro ya demokarasi n’uburyo bwa poritike bwo kuyobora aho ubutegetsi butangwa bukongera bugasubira kubanyagihugu , mu buryo ubu canke buriya. Insiguro ya demokarasi ikunze kwifashishwa n’iya Abraham Lincoln aho agira ati :”Demokarasi n’intwaro y’abanyagihugu, kubw’abanyigihugu n’abanyagihugu.” Demokarasi…

Read More

Ireresi yerekana umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye aciye imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid Tebboune atamuhaye ukuboko ngo amuramutse yarateje uruhagarara ku mbugahwaniro. Ivyo bikaba vyafashwe nko kugaragaza akababaro mubijanye n’imigenderanire, mu gihe ivyabaye ari ikwihenda gusanzwe mubatunganya ingendo n’ibikorwa vy’abategetsi. Ireresi yarahanahanywe ku mbugahwaniro yemeza ko umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye yoba yanse guha ukuboko umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid Tebboune n’ibigirankana mu birori vyo kwugurura ihayanisha gurisha rihuhuza ibihugu  vyo ku mugabane wa Afrika (IATF 2025). Bamwe mubakoresha imbugahwaniro, babona ko ico ari ikimenyetso kigaragaza agashavu muvy’imigenderanire Uburundi bufitiye igihugu ca Algérie. Intandaro ya vyose :urugendo rw’umushikiranganji…

Read More

Ikigo cegeranya amakori n’amatagisi mu Burundi OBR cashize icizere kinini kuri mashini zo guharura kugira congereze amakori n’amatagisi. Ariko koko ubwo buryo bushasha bwoba bukwiye bwo nyene kugirango hakemurwe ingorane zirangwa muri ico gisata? Abahinga muvy’ubutunzi bagumana amakenga: Kubwabo,ubwo buhinga bushasha buzotanga umusaruro igihe buzoba buherekejwe n’izindi ngingo nshasha ziyaguye. Kuva kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2025, ikigo OBR caratanguje isekeza ryo guhimiriza no kwigisha abatangakori ibijanye no gukoresha utu mashini dushaha twifashishwa mugusohora igipapuro carihiweko ibidandazwa (Machine de Facturation Électrique MFE). Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 2 Nyakanga 2025. Ferdinand Nitunga arongoye vy’imfatakibanza igisata c’amakori n’amatagisi muri OBR yasiguye…

Read More

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarijeje abanyagihugu bo muri komine Kiremba kazoza gasayangana biciye mu giterwa c’amavoka. Ariko ku rubuga, ubukene  bw’impapuro zitangwa zijanye n’ubuziranenge, amikoro make y’abarimyi hamwe no kuzera inze biratanga igihushane kubijanye n’imbono. Amatohoza yacu. Mu birori vyo gushikiriza musitanteri mushasha wa komine Kiremba mu ntara ya Butanyerera, umukuru w’igihugu yarakoresheje imvugo yerekana icizere co muri kazoza aho yagize ati: «mwebwe murahiriwe muzoba muri abatunzi mu myaka 5 iri mbere,umwe wese azoba afise umuriyoni mu mufuko. » Imvugo iraremesha nivyo ariko ibintu bimeze gute vyukuri? Ikigaragara n’uko iyo mvugo y’umukuru w’igihugu atacizere itanga. Nta buhinga bwokwemeza ko ivyahinguwe…

Read More

Iyirukanwa rya David Leysens, umuyobozi w’igisata c’Ububiligi kiraba ivy’iterambere (Enabel), inyuma yo gushira k’urubuga rwiwe  inshushanyo ngereranyo ijanye n’ubukene bw’igitoro burangwa mu Burundi ,ivyo vyatumye haba ibibazo bitari bike. Iyo ngingo, ifatwa nk’iyagihutihuti na bamwe mubakurikiranira hagufi ibibera mu gihugu ,irerekana ko uburenganzira bwo kugira ico umuntu ashikirije butubahirijwe mu Burundi ,kandi iryo yirukanwa rishobora gutosekaza imigenderanire hagati y’Uburundi n’ingoma y’Ububiligi, inyuma yo kubangamira imfashanyo zari zimaze kwegeranywa kugira zifashe Uburundi. Kw’igenekerezo rya 5 Nyakanga 2025, abategetsi b’Uburundi bategetse David Leysens kuba yavuye mu gihugu ubutarariye hatarenze ku munsi wa gatandatu. Imvo, kuba yarashize ku rubuga rwiwe wa LinkedIn inshushanyo…

Read More

Mu gihe hariko hahimbazwa imyaka 20 iheze umugambwe CNDD-FDD ushitse ku butegetsi, umunyabanga mukuru w’umugambwe, Révérien Ndikuriyo, yararase ukwitanga kwaranze abarwanyi ku rugamba. Ku bwiwe, indwano barwanye hamwe n’amaraso basheshe vyoba arivyo vyatumye muri kino gihe abarundi «babayeho bahimbawe ». Kandi bongera kubaho bariko barakamisha ivyiza vya demokarasi. Ariko inyuma y’iyo mvugo yo guhayagiza ubutwari, ibigaragara n’uko ari igihushane: ubukene, ivyo biyemeje ntibishitswe hamwe n’indyane zidahera. Imbere y’urwaruka rw’Imbonerakure, mu birori vyo guhimbaza imyaka 20 umugambwe CNDD-FDD umaze ushitse ku butegetsi, Révérien Ndikuriyo yaragarutse kuri kahise k’urugamba. Yaragarutse ku karorero k’umurwanyi yapfuye urupfu rubabaje, ahamagarira abo barikumwe kubandanya urugamba kugirango…

Read More

Mu gihe umurwi wo kurundera ukuri no kunywanisha abarundi (CVR), ariwo wahavuye wakira ama dosiye yose ajanye n’amatati y’amatongo yari muri CNTB, imyidogo ibandanya irwira. Urangwa no kutagira umuco, uguhengama, ivyo umaze gushikako mu kiringo c’imyaka 10 umaze ushinzwe biranegurwa, bigatuma haba amakenga kw’ihangiro ryo gushikana Uburundi ku butungane n’ukunywana. Igihe hatanguzwa ikindi gice c’ibikorwa vy’umurwi wo kurondera ukuri no ku nywanisha abarundi (CVR), Pierre Claver Ndayicariye awurongoye yaragerageje guhumuriza agira ati : «Aka ni akaryo keza kuri abo bose bafise inyota yo kumenya ukuri n’ubutungane, kuri abo bose banyazwe ivyabo.» Yamara, inyuma yayo majambo, ukubona ukuri n’ubutungane biriko birateba…

Read More

Mu Burundi, abashingamateka bashasha, abakenguzamateka hamwe n’abashikiranganji binjiye mu mabanga batabanje kwerekana amatungo yabo, ivyo navyo bikaba binyuranye n’Ibwirizwa Shingiro hamwe n’itegeko rirwanya igiturire. Ivyo biza bitera amakenga kubijanye n’umuco utegerezwa kuranga abari mu nzego za Reta mbere bigatuma umuntu yibaza uko izo nzego zigiye gutuza igiturire. Kw’igenekerezo rya 28 Mukakaro 2025, Inama Nshingamateka yarashashe ubwa mbere, mu nyuma harakwirikira Inama Nkenguzamateka kw’igenekerezo rya 1 Myandagaro. Mu maguru masha, haragenywe Reta nshasha kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaragenye Umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye, hanyuma kuva igenekerezo rya 6 Myandagaro, Reta igizwe n’abashikiranganji 13 yaratangajwe icese. Igenekerezo rya…

Read More