Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Tuesday, 20 January 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    0
    By BURUNDI FACTS on 24 September 2025 Amakuru Yacu
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Amakuru yahanahanywe ku mbugahwaniro arahushanye n’uko ibintu vyifashe, abasirikare b’abarundi ntibariko barakinjura mu gisagara ca Uvira, mu ntara ya Kivu yepfo m’ubuseruko bwa Congo. Amatohoza yakozwe na Burundi Facts hamwe na Congo Check ku basirikare hamwe n’aba baba ngaho n’uko n’ubu abasirikare b’abarundi bakiri Uvira, ahubwo nyabuna ko baguma bitunganya neza kuko hari n’abandi basirikare baguma barungikwa gufasha abasanzweyo.

    Vyose vyatanguriye k’urukurukuru rwaciye k’urubuga rwa X rw’uwiyita SimarongoNgongoMba, aho yemeza ko inyuma y’intambara hagati y’igisirikare ca Congo FARDC hamwe n’umurwi w’abarwanyi ba Wazalendo, ko igisirikare c’Uburundi coba caciye gihitamwo gukinjura muri Uvira.

    Iyo nkuru yaratumye aba nabariya bagira ico bayivuzeko ku mbugahwaniro, bamwe bakaba baravyemeye kwarivyo abandi n’abo bakaba baguma babaza iyo iyo nkuru yazananye.

    Mu vyukuri iyo nkuru nta makuru namwe yizewe ayiherekeza canke amakuru atangwa n’igisirikare. Igisirikare c’Uburundi FDNB ntakintu nakimwe kirigera gishikiriza, canke abategetsi ba Congo.

    Inkuru yagiye irabeshuzwa n’amasoko yo kwizera

    Umwe mubasirikire bakuru b’abarundi yaganiriye na Burundi Facts agira ati: «Inkuru nk’iyo ntiyari ku ncika, kuko nguma ngavye, n’abasirikare banje, kugira tuje gufasha mu gisagara ca Uvira hamwe coterwa. »

    Birigade (Brigade) imwe igizwe n’amakambi abiri imwe yose iba irimwo abasirikare 800, ni ukuvuga bose hamwe ni 1600. Abasirikare b’abarundi, abarungitswe barashitse 9600, umuntu adashizemwo imbonerakure zigera ku 3000 nazo nyene zarungitswe gukorana n’igisirikare.

    Amakuru dukura mubakorera mu gisata ca kumenyeshamakuru muri FDNB aravyemeza akagira ati: «Sindigera numva hari uwuvuga ko hari abasoda boba bakuwe Uvira.Kuko iyo hafashwe ingingo mwe n’izo bimwe mu bisata vyacu birabimenyeshwa.»

    Amakuru dukura mu Cibitoke aremeza ko hari  abasirikare b’abarundi binjiye muri RDC kw’igenkerezo rya 19 Nyakanga 2025. Amajana y’abasirikare barikumwe y’imbonerakure barajabutse baciye kw’ibarabara rya 6  ku kiraro ca Kaburantwa, mu karere k’ikiyaya ca Rusizi berekeza i Sange, igice cegereye igisagara ca Uvira.

    Ayo makuru aremeza mbere ubu ko ikigaragara ari uko atari abasirikare b’ababarundi bagenda, atabava muri Congo binjira mu Burundi. Ivyo rero bikaba biza bishimangira ko vyukuri aho gukura abasirikare kubirindiro muri Uvira , igisirikare c’Uburundi kiriko kirabikomeza.

    Igituma abasirikare b’abarundi barungikwa muri RDC

    Uburundi bwarungitse abasirikare kuva muri Gitugutu 2023, mu ntumbero yo gushira mu ngiro amasezerano yo gufashanya muvya gisirikare hagati y’Uburundi n’igihugu ca RDC, yateweko umukono muri Myandagaro 2023 i Kinshasa. Ihangiro nyamukuru ni ugutuza umurwi wa M23, gushigikira FRDC hamwe n’abo bafashanya mu buseruko bwa Congo.

    Murimake

    Urukurukuru ruvuga ko igisirikare c’Uburundi coba gishaka gukinjura ntashingiro rufise. Amatohoza yacu yerekana igihushane: uretse ko igisirikare c’Uburundi kitariko kirakinjura ahubwo kiriko kiritunganya neza kurusha mu gukomeza ibirindiro, kuva hashitseyo birigade igira kabiri.

    Related Posts

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 20264 Mins Read

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 20253 Mins Read

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.