Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Tuesday, 20 January 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?

    Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?

    0
    By BURUNDI FACTS on 23 September 2025 Amakuru Yacu
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Ireresi yerekana umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye aciye imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid Tebboune atamuhaye ukuboko ngo amuramutse yarateje uruhagarara ku mbugahwaniro. Ivyo bikaba vyafashwe nko kugaragaza akababaro mubijanye n’imigenderanire, mu gihe ivyabaye ari ikwihenda gusanzwe mubatunganya ingendo n’ibikorwa vy’abategetsi.

    Ireresi yarahanahanywe ku mbugahwaniro yemeza ko umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye yoba yanse guha ukuboko umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid Tebboune n’ibigirankana mu birori vyo kwugurura ihayanisha gurisha rihuhuza ibihugu  vyo ku mugabane wa Afrika (IATF 2025). Bamwe mubakoresha imbugahwaniro, babona ko ico ari ikimenyetso kigaragaza agashavu muvy’imigenderanire Uburundi bufitiye igihugu ca Algérie.

    Intandaro ya vyose :urugendo rw’umushikiranganji wa mbere muri IATF 2025 mu gisagara ca Alger

    Kw’igenekerezo rya 2 Nyakanga 2025, umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye yarafashe urugendo yerekeza mu gisagara ca Alger aho yaserukiye umukuru w’igihugu mw’ihayanisha gurisha hagati y’ibihugu vya Afrika (IATF 2025), ryatunganijwe kuva kw’igenekerezo rya 04 Nyakanga gushika kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga 2025 rikaba ryari ryiharije umugabane wa Afrika (ZLECAF). Ni mugihe hariko hakirwa abaje baserukira ibihugu hafatwa iyo reresi iteje ikibazo: turabona neza umushikiranganji wa mbere w’Uburundi atambuka ariko adahagaze na gato imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid Tebboune.

    https://burundifacts.org/wp-content/uploads/2025/09/WhatsApp-Video-2025-09-15-at-10.52.53_1d2b786d-1.mp4

    Ireresi yarahanahanywe ku mbugahwaniro yerekanaa ko umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye yanse guha ukuboko umukuru w’igihugu ca Algérie

    Ahmed Attaf aratanga umuco:Ntakosa ryabaye hagati y’Uburundi na Algérie

    Kuri izo mpari, umushikiranganji w’imigenderanire w’igihugu ca Algérie, Ahmed Attaf yaragize ico ashikiriza yongera atanga umuco imbere y’abamenyeshamakuru mu kiganiro yaremesheje kw’igenekerezo rya 13 Nyakanga 2025. Yamenyesheje ko imigenderanire hagati y’Uburundi na Algérie yifashe neza kandi ko gushika ubu gufashanya vyifashe neza cane. Yaratanze n’akarorero,aho yavuze ko mbere hariko harategurwa n’urugendo rw’umukuru w’igihugu c’Uburundi muri ico gihugu mu misi iri imbere. Umukuru w’igihugu Abdelmadjid Tebboune akaba kandi yarakiriye umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye,aho yaramushiriye ubutumwa bwanditse bw’umukuru w’igihugu c’Uburundi.Ahmed Attaf akaba yagize ati ivyo vyafashwe nk’agashavu yamara ari ukwihenda gusanzwe. Akaba yagize ati: “Jewe ubwanje, sinigeze numva ivyo ko hari agahaze kagaragaye. Ubutumwa yashikirije igihe yakirwa n’umukuru w’igihugu bwerekana neza ko imigenderanire yifashe neza hagati yivyo  bihugu bibiri .” Yarongeye aranibutsa ahubwo ko icari kuba agahaze ari mugihe ata ntumwa ziserukira Uburundi zari kuba zahishikiye, umuntu aretse ko muri ivyo birori hari haje intumwa idasanzwe iri ku rwego rw’umushikiranganji wa mbere.

    Ukuri n’ibitari ukuri biteje icuka: Agahaze karabaye mubijanye n’ukuntu ibirori vyari bitunganijwe

    Ireresi yagiye irahererekanwa ku mbugahwaniro yakoreshejwe ukutariko hanyuma iraheza irahabwa inguvu zidafise ishingiro, mukwerekana ko ibijanye n’imigenderanire vyahungabanye. Ntakintu nakimwe kigaragara cerekana ko umushikiranganji wa mbere w’Uburundi yanse gukora mu minwe n’ibigirankana umukuru w’igihugu ca Algérie, mubisanzwe umushikiranganji wa mbere  yabuze uwumubwira uko ibintu bitunganijwe mubatunganije urubanza  kandi ivyo ntankwirikizi ku migenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu ca Algérie.

    Muri make,ivyagiye biravugwa ntashingiro bifise, kuko bishingiye mu kwihuta guca urubanza ufatiye kuma sanamu.

    Related Posts

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 20264 Mins Read

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 20253 Mins Read

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.