Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Friday, 16 January 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa

    Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa

    0
    By BURUNDI FACTS on 13 September 2025 Ubutunzi
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarijeje abanyagihugu bo muri komine Kiremba kazoza gasayangana biciye mu giterwa c’amavoka. Ariko ku rubuga, ubukene  bw’impapuro zitangwa zijanye n’ubuziranenge, amikoro make y’abarimyi hamwe no kuzera inze biratanga igihushane kubijanye n’imbono. Amatohoza yacu.

    Mu birori vyo gushikiriza musitanteri mushasha wa komine Kiremba mu ntara ya Butanyerera, umukuru w’igihugu yarakoresheje imvugo yerekana icizere co muri kazoza aho yagize ati: «mwebwe murahiriwe muzoba muri abatunzi mu myaka 5 iri mbere,umwe wese azoba afise umuriyoni mu mufuko. »

    Imvugo iraremesha nivyo ariko ibintu bimeze gute vyukuri?

    Ikigaragara n’uko iyo mvugo y’umukuru w’igihugu atacizere itanga.

    Nta buhinga bwokwemeza ko ivyahinguwe bikwije ubuziranenge

    Kugira ivyahinguwe bivuye mu biterwa bishobore gushikanwa ku masoko mpuzamakungu bitegerezwa kuba bifise urupapuro rwemewe. Ariko rero mu Burundi, ubwo buhinga busa n’uko ataburiho.

    «Rimwe rimwe, urupapuro rutangwa n’ikigo CNTA ruremerwa ahandi naho ntirwemerwe. » ivyemezwa n’umwe mu bakozi bo mubushikiranganji bw’ubudandaji bakuwe na Burundi Facts.

    Igikorwa n’uko,amavoka yo mu Burundi adashorwa hanze yitirirwa igihugu, kuko biheza bigakorwa n’abadandaza bava mu gihugu ca Kenya canke abo muri Tanzaniya basanzwe bafise ibigo bitanga impapuro z’ubuziranenge iwabo. Amavoka y’Uburundi agaca aheza agashika kw’isoko mpuzamakungu abitirirwa.

    Akabirya kivyo twirimira gakamishwa n’ibihugu bibanyi

    Umuhinga mubijanye n’uburimyi Rénovat Nitunga ntarya umunwa aho agira ati: «abadandaza b’abatanzaniya n’abakenya nibo bungukira m’urudandazwa rw’amavoka y’Uburundi. »

    Ibiharuro birashimangira ayo majambo: muri 2023, ikiro c’amavoka cagurwa hafi 2083 mu mafaranga y’amarundi mu ntara ya Kayanza. Yamara mugihe arenze imbibe z’igihugu, ico kiro kiraheza kikagurishwa kugera 14879 mu mafaranga y’amarundi. Ubusumbasumbane mubijanye n’ibiciro burenga incuro indwi, ivyerekana ko umurimyi w’umurundi ata kibanza kinini ahabwa muri urwo rudandazwa.

    Ingorane zurusukirane zikomeye

    Uretse ingorane z’impapuro,igisata c’amavoka kirahanzwe n’:

    • ubukene bw’amatongo,kubera umurindi w’irwirirana ry’abantu;
    • ukuba abanyagihugu batobato batabona ko igiterwa c’amavoka ari igiterwa cinjiza;
    • ukubura kwabahinga muri ico gisata vyunyurwa no kuba hari koperative nke kandi zidafise ubumenyi.

    Rénovat Nitunga agira ati: «kugira amavoka ashobore kuba igiterwa njabukamazi, umuntu atabanje gukemura ibibazo bitandukanye, amahirwe aragoye gushikwako. »

    Icizere gitangwa kiratandukanye n’ibiri k’urubuga

    Ikigaragara n’uko hari ubutandukane hagati y’ijambo ry’umukuru w’igihugu n’ukuri kw’uko ibintu vyifashe:

    • Igihugu ntikigira inyubako n’amategeko akenewe kugira gishore hanze amavoka;
    • Inyungu abarimyi bakura mu mavoka iracari nto, abanyamahanga nibo bavyungukiramwo;
    • Ico gisata kiracabuze ubufasha buhagije bwa Reta

    Murimake

    Oya, abarimyi bo muri komine Kiremba ntibazoba ari abarwizatunga mu myaka 5 iri imbere mu gihe intambamyi zibonekeza zitarakemurwa. Uburimyi bw’amavoka burafise akarusho kagaragara,yamara azovyazwa umusaruro biciye muri poritike y’igihugu itomoye hamwe no kugwiza ubuhinga.

    Ibintu bimeze uko, imvugo y’umukuru w’igihugu igaragara ko ari imvugo ya poritike aho kuba imvugo igaragaza ubutunzi bwizewe mu misi iri imbere.

    ____________________________________________

    Isanamu: Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye ariko aragendera umurima w’amavoka. © DR

    Related Posts

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 20253 Mins Read

    Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi

    27 October 20254 Mins Read

    Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi

    14 September 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.