Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Friday, 16 January 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Mu kudashira ahabona amatungo yabo, abatowe n’abaheruka kugenwa muri Reta barahonyanze amategeko

    Mu kudashira ahabona amatungo yabo, abatowe n’abaheruka kugenwa muri Reta barahonyanze amategeko

    0
    By BURUNDI FACTS on 4 September 2025 poritike
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Mu Burundi, abashingamateka bashasha, abakenguzamateka hamwe n’abashikiranganji binjiye mu mabanga batabanje kwerekana amatungo yabo, ivyo navyo bikaba binyuranye n’Ibwirizwa Shingiro hamwe n’itegeko rirwanya igiturire. Ivyo biza bitera amakenga kubijanye n’umuco utegerezwa kuranga abari mu nzego za Reta mbere bigatuma umuntu yibaza uko izo nzego zigiye gutuza igiturire.

    Kw’igenekerezo rya 28 Mukakaro 2025, Inama Nshingamateka yarashashe ubwa mbere, mu nyuma harakwirikira Inama Nkenguzamateka kw’igenekerezo rya 1 Myandagaro. Mu maguru masha, haragenywe Reta nshasha kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaragenye Umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye, hanyuma kuva igenekerezo rya 6 Myandagaro, Reta igizwe n’abashikiranganji 13 yaratangajwe icese. Igenekerezo rya 7 Myandagaro,Reta yararahiye. Ariko nta mutegetsi n’umwe yigeze yerekana amatungo yiwe nk’uko bisanzwe bitegekanijwe n’amategeko.

    Ingingo isanzwe itegekanywa n’Ibwirizwa Shingiro

    Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi ryo mu mwaka wa 2018 riratomoye: Ingingo y’i 151 itegeka abagize Reta   kwerekana amatungo yabo kugira habemwo umuco kandi hongere hatuzwe ingendo yo kurya igiturire.Ingingo ya 95 irerekana neza ko umukuru w’igihugu, icegera ciwe, umushikiranganji wa mbere hamwe n’abashikiranganji bategerezwa kwerekana urutonde rw’amatungo yabo imbere ya Sentare Ntahinyuzwa.

    Iryo bwirizwa riza ryunganirwa n’irindi inomero 01/12 ryo kuwa 18 Ndamukiza 2006, ritegeka abakozi bakuru kwerekana ubutunzi bwabo, ubwaba fasha babo hamwe n’ubwabana babo bakiri bato. Ivyo biraheza bigakorwa mu mu kwezi gukurukira batanguye amabanga canke bahejeje amabanga. Intumbero iratomoye: ni ukugira umuntu ashobore kubona vyoroshe umuntu yoba yararonse amatungo adasiguritse ni nukugira kandi inzego zihari zibe ari inzego zizewe

    Yamara, izo ngingo zose ziherera mu mpapuro. Ntazindi ngingo zigeze zishirwaho zotuma umuntu atubahirije amategeko aheza agahanwa, ari naco gituma gushika ubu abategetsi bashasha batanguye amabanga batabanje gushira mu ngiro izo ngingo zo kwerekana amatungo yabo.

    Ukwivuguruza kw’umukuru w’igihugu muri 2020

    Agishika k’ubutegetsi muri 2020, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yari yijeje ko abagize Reta babwirizwa kwerekana amatungo yabo mukiringo c’indwi zitatu bakigenwa mu mabanga .Ariko inyuma yaho haheze amezi atari make, mu kwezi kwa Kigarama uyo mwaka nyene, yavugiye k’umugaragaro ko hari ivyamugoye. Kubwiwe, kwerekana amatungo kuri bamwe vyotwara umwanya muremure kuko bamwe muribo “batunze vyinshi” bikaba vyotwara indwi zirenga zibiri kugira bavyerekane .Yagiriyeko avuga ko gusa abo bizogaragarako ko bafise amatungo adaciye mu muco aribo bazoheza bagategekwa kuyasigura bahejeje ikiringo cabo.

    Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu bikaba vyarateye amakenga vyongera biranegurwa n’abatari bake, kuko biza vyaka inguvu ya ngingo ya 95 y’Ibwirizwa Shingiro hamwe n’itegeko rirwanya ibiturire.

    Kwirengagiza akamomo katewe n’amashirahamwe adaharanira ivy”icaro vya poritike

    Ishiramwe rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta OLUCOME kuva muri Mukakaro 2020 ryari ryagumye risemerera risaba umukuru w’igihugu gushira mu ngiro amategeko ajanye no kwerekana amatungo yabo kuri abo bose bagenywe mu mabanga. Olucome yagira iti: “mugihe abategetsi  baterekanye amatungo yabo bizoguma bigoye gutuza ingeso yo kwegeranya amatungo adasiguritse.”

    Ayo makenga ya Olucome ntiyigeze afatirwako na gato. Uno musi kubona haterekanwa amatungo yabagenywe mu mabanga biza binigira mu menshi ibijanye no gutuza igiturire,mu gihugu gisanzwe kiri mu kibanza ca 165 k’urutonde rw’ibihugu 180 mubihugu vyamunzwe n’igiturire nk’uko bitangwa na Transparency International muri 2024.

    Ikimenyetso kibi mubijanye n’ibitegerezwa kuranga intwaro ibereye

    Mukwanka gushira mu ngiro ingingo zisanzwe zanditse neza kandi zisiguritse mw’Ibwirizwa Shingiro, abashingamateka n’abashikiranganji b’Uburundi batanze ubutumwa buteye amakenga: kurwanya igiturire biguma bivugwa biherera mu majambo, Uko kudakwirikiza amategeko biza bica kubiri n’umuco utegerezwa kuranga intwaro ibereye, biranatuma kandi hashobora gutsimbatara umuco wo kudahana, bigatuma kandi intwaro ihari idaheza ngo yizerwe n’abanyagihugu eka mbere bigatuma igira n’ishusho mbi mu makungu.

    ________________________________________________

    Isanamu: Reta iheruka kugenwa muri Myuandagaro 2025 mu Burundi © DR

    Related Posts

    Ni iki twomenya kubijanye no kuba Bunyoni yarinjijwe ibitaro

    23 October 20252 Mins Read

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 20253 Mins Read

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 20254 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.