Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Tuesday, 20 January 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Amajambo ashikirizwa n’umukuru w’igihugu ku mpari zivyavuye mumatora yoba anyuranye n’amategeko y’Uburundi ?

    Amajambo ashikirizwa n’umukuru w’igihugu ku mpari zivyavuye mumatora yoba anyuranye n’amategeko y’Uburundi ?

    0
    By BURUNDI FACTS on 17 July 2025 poritike
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Mu kiganiro co kuwa 6 Mukakaro 2025, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaremeje ko umuntu wese atemera ivyavuye mu matora yategerezwa ubwa mbere kumwitura, imbere yokwitura  ubutungane. Ivyo yashikirije vyatumye haba impari mbere biratera agashavu abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe na benshi mubanonosoye ibijanye n’amategeko, babona muri ayo majambo ihonyangwa ry’amabwirizwa n’amategeko asanzwe ahari muri kino gihe. Mubisanzwe amategeko y’Uburundi avuga iki kukibazo mwe n’ico? Amategeko arategekanya ko umukuru w’igihugu yivanga mubibazo biba bivuye kuvyavuye mu matora ?

    Ari umutumire mu kiganiro “Ku kivi ” caciye ku mirongo ya radiyo y’igihugu kuwa 6 Mukakaro 2025, Evariste Ndayishimiye yarakoresheje ano majambo akurikira : “Mugihe muriko muravuga ko amatora yaranzwemwo ubusuma hanyuma mugaca mwitura ubutungane imbere yuko jewe binanira gutora umuti ,n’ikimenyetso cuko jewe mutanyemera ,nukuvuga ko mutemera n’inzego .”

    Muri make ivyo bisigura ko kubwiwe ,kwitura ubutungane basaba kurenganurwa mu matora hari ahandi vyategerezwa guca mubisanzwe : Yategerezwa kubanza kugerageza gutatura amatati .Ico kintu umukuru w’igihugu ahagararako giteje ikibazo gikomeye :Mbega uko umukuru w’igihugu abivuga birafise uko bisanzwe bitegekanijwe mu mategeko y’Uburundi ?

    Amategeko y’Uburundi avuga iki

    Amategeko y’Uburundi aratomoye .Ingingo ya 228 yo mw’ibwirizwa ringenga amatora iratomora ko sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ariyo yonyene itegerezwa kwiturwa igihe cose hadutse impari zivuye mu matora, haba kumatora y’umukuru w’igihugu,ayabashingamateka canke abajenama b’amakomine. Nta nahamwe handitse ko umukuru w’igihugu ariwe ahagararira canke agac urubanza ruhagaze ku mpari z’ matora.Umushingwamanza Félix Niyonkuru,yahoze yegukira urwego rw’abashingwamanza b’Ibujumbura hamwe n’abashikirizamanza,aravyemeza:”Ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu ntashingiro bifise.Mu mategeko y’Uburundi,ntahantu nahamwe handitse yuko umukuru w’igihugu abwirizwa kwiturwa imbere ya sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.Ni ugushaka kugerageza kwiha ububasha bwo kuba umuhuza ahantu amategeko ahagenga aba  asanzwe atomoye .”

    Abatavuga rumwe na Reta bariyamiriza ico bavuga ko gisa no gushaka kubanigira mu menshi

    K’uruhande rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi,imigambwe itari mike muri iyo harimwo CDP,FPI canke Urunani Burundi Bwa Bose, baremeza kuba barakozweko n’utunenge twagaragaye mu matora aheruka kuba: iterabwoba kubanywanyi babo, guhohoterwa,iburabuzwa rimwe rimwe ryegekwa kumbonerakure zegukira umugambwe CNDD_FDD.

    Kubwiyo migambwe ,inzego za Reta bigaragara ko ataco zakoze kandi n’ibigara nkana kuko zabona ibiriko biraba .Vyumvikana ko bigoye muri ico gihe ko umukuru w’igihugu aba uwa mbere wo kwitura mu gihe habaye kutemera ivyavuye mu matora .

    Umunywanyi w’urunani Burundi Bwa Bose atashatse ko tumuvuga agira ati: “Bigenda gute ngo umukuru w’igihugu yigire nk’umuntu atari abizi kandi twagumye tuvugira hejuru intambamyi turiko turabona kugira ayo matora mu ntumbero yo gukosora kugira abe meza aha ndavuga ihohoterwa n’terabwoba ryakorerwa abanywanyi bacu ?”

    Arongera akagira ati :”Inama zose zitunganywa n’umukuru w’igihugu i Gitega muri kino gihe zigamije gucuresha agashavu hamwe no kuzibagiza kugira ntihagire uwukwirikiza inzira zirekuwe n’amategeko .N’uburyo bwa politike ,ataho bihuriye n’ubutungane .”

    Ibintu vyose vyoba bigiye kuja mu minwe y’umuntu umwe

    Amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yerekana intumbero iteye amakenga ya Reta :Iyo nayo ni iy’urwego nshingwa ntwaro yogushaka gusubirira izindi nzego zose ,iyo nayo akaba ari iyo gushaka kurengera amategeko .Kubatari bake bakwirikiranira hagufi ibibera mu Burundi ,iyo mforo y’umukuru w’igihugu iza inigira mu menshi kubijanye n’ubwigenge bw’inzego .

    Umushingwamanza Niyonkuru aragabisha :”Gushaka ko  ariwe yiturwa ubwa mbere ,imbere y’ubutungane ,umukuru w’igihugu ashaka guteza igipfungu hagati yahagarukira urwego nshingwantwaro n’urw’ubutungane .Ashaka  kwerekana ko ubutungane bukora bubanje guterwa igitsure,ivyo navyo bikaba binyuranye n’ingendo ya demokarasi .”

    Muri make :Ni ugushaka guca kubiri n’uko inzego zibwirizwa kuba zitunganijwe

    Nta ngingo n’imwe ihamagarira umurundi uwariwe wese kubanza guca k’umukuru w’igihugu imbere yo kwitura sentare yubahiriza ibwirizwashingiro ku mpari zivuye mu matora.Mugushira imbere ico citwazo ,Evariste Ndayishimiye aba aciye kubire n’amategeko ivyo navyo bigaheza bigasubiza inyuma intwaro ishingiye kumategeko .

    Aho gukomeza ukwizerana hagati y’inzego, ukwo kwerekana aho ahagaze bituma haba amakenga kuri bwabwigenge hamwe no gushobora gutunganya amatora meza,yizewe kandi arimwo umuco.

    Ubutungane bwigenga vyukuri ni ubutungane umuntu ashobora kwitura umwanya uwo ariwo wose atarinze gusaba uruhusha umukuru w’igihugu.

    ________________________________________________

    Ifoto : Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu kiganiro “Ku kivi ” caciye ku mirongo ya radiyo y’igihugu kuwa 6 Mukakaro 2025 © DR

    Related Posts

    Ni iki twomenya kubijanye no kuba Bunyoni yarinjijwe ibitaro

    23 October 20252 Mins Read

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 20253 Mins Read

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 20254 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.