Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Tuesday, 20 January 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Imbonerakure ntaho zihuriye n’akarorero keza ko kunywana

    Imbonerakure ntaho zihuriye n’akarorero keza ko kunywana

    0
    By BURUNDI FACTS on 2 September 2025 poritike
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Mu gihe umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ahayagiza akarorero keza k’imbonerakure ku rwego mpuzamakungu, ivyegeranyo bitangwa n’amashirahamwe mpuzamakungu vyerekana ibindi. Kure yokuba akarorero, imbonerakure zagirizwa ivyaha vyoguhohotera abandi, kutihanganirana muvya poritike hamwe noguhonyanga agateka kazina muntu.

    Ariko atanga ikiganiro kubamenyeshamakuru ari mu gisagara ca Ngozi kw’igenekerezo rya 23 Myandagaro 2025,umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ,Révérien Ndikuriyo yarahayagije inyifato y’imbonerakure yemeza ko zabaye akaroro ku rwego mpuzamakungu.Agira ati:

    “Bimwe mu bihugu biribaza ukuntu twabigenjeje kugira dushobore gupanga  neza urwaruka rwacu rw’imbonerakure.Kwanza, hariho n’abipfuza kurungika intumwa kugira baze tubigushe ukuntu twabikoze kugira dushobore gushika kuri iyo ntambwe  ”

    Ariko yishura kumakenga  y’abamenyeshamakuru ku bijanye  nokwigisha abana bakiri bato bita “Ibiswi vy’inkona, Ndikuriyo yarahumurije ko ari ukugira bategure urwaruka ruzoba rufise ijunja n’ijambo muri kazoza .Agira ati :

    “Urwaruka rwacu rutegerezwa gukura rufise ubuntu murirwo kandi umuntu adafatiye kuvyiyumviro vya poritike.”

    Ishusho idahuye n’ibibera k’urubuga

    Ivyo bishikirizwa biranyuranye cane n’ibibera k’urubuga . Imbonerakure zagirizwa n’amashirahamwe mpuzamakungu menshi kugira iterabwoba hamwe no guhohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

    Ishiramwe mpuzamakungu ONU ryoryo riramaze no gufata imbonerakure nk'”akarwi k’inkorabara ” kubera ibikorwa vyazo. Mu rwandiko rwasohowe n’amashirahamwe abiri Raoul Wallenberg hamwe na SOS-Torture Burundi rugira ruti:

    “Kuva hatangujwe imyiyamamazo ,imigambwe itari mike itavuga rumwe n’ubutegetsi ,yagumye yiyamiriza ihohoterwa rikorerwa abanywanyi bayo ,ikubagurwa ,hamwe n’itotezwa bikorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure .”

    Ugucureha kw’akanya gato

    Kubw’ishirahamwe Human Rights Watch ,kuva Evariste Ndayishimiye ashitse k’ubutegetsi harabaye icizere. Umukuru w’igihugu yaragabanije amabi yakorwa n’urwo rwaruka .Ariko amwe mumashirahamwe avuga ko urwo rwaruka rutahagaritse burundu amabi rukora.,mubijanye nihagarika ry’agasakisaki,ihohotera hamwe no kunyuruza abo bose bikekwa kuba batavuga rumwe n’ubutegetsi,ivyo vyose urwaruka rukabikora rufashijwe n’ubutegetsi hamwe n’abari mu nzego z’umutekano n’iziperereza.

    Ibinyamakuru bikorera mu gihugu bikaba vyarerekanye uturorero tutari duke imbere y’amatora, aha bikaba vyavuga ibijanye no gukizura kw’imbonerakure mw’ijoro zitwaje ibirwanisho,bamwe mubaguye mu minwe yarwo bakaba barakubiswe abandi baramburwa utwabo.

    No ku mbuga hwaniro nko kuri facebook umuntu arondeye arasangako uko imbonerakure zifatwa .

    “Urondeye uraheza ukabona ko imbonerakure ziyitirira ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi n’urwanko .”

    Ishiramwe mpuzamakungu ONU riragabisha

     

    Intumwa ya ONU idasanzwe ku Burundi Fortuné Gaëtan Zongo ntahengeshanya kwerekana amakenga yiwe n’ubwo Reta yanse ko bakorana. Mucegeranyo aheruka gushikiriza mu nama ya ONU iraba agateka ka zina muntu, yagize ati :

     

    “Reta ibandanya yikora ku biro vy’igendereza, imbonerakure hamwe  harimwo n’abajejwe umutekano muri bimwe mu bice vy’igihugu.”

     

    Kubwiwe ,urwo rwaruka rwarihaye uburenganzira bwo kuvuga rikijana ,guhagarika hamwe no guhohotera uwo wese rushatse.

    Amashirahamwe yigenga arahagaritse umutima

    Amashirahamwe arenga 40 adaharanira ivy”icaro vya poritike yarandikiye umurwi wa ONU uraba ivy’agateka ka  zina muntu,werekana uruhara rw’umugambwe CNDD_FDD hamwe n’urwaruka ruwukomokako hamwe n’amabi rukora mu kugira iterabwoba hamwe no guhohotera abandi .Ayo mashirahamwe arerekana kandi inyifato nk’iya gisirikare muri kino gihe harangwa intambara mu buseruko bwa Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

    Ayo mashirahamwe arafise ibitari bike asaba :

    • Ko amakungu yokomeza gufasha u Burundi mubijanye no gutsimbataza agateka ka zina muntu n’intwaro ibereye;
    • Kwongereza ikiringo c’intumwa idasanzwe ya ONU mubijanye n’agateka ka zina muntu ;
    • Gutunganya ku rwego rw’igihugu ibiganiro nk’umuti wo kugarukana amahoro arama.

    Ico gufata

    Oya. Nk’uko bishishikirizwa n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, imbonerakure ntabwo ari akarorero keza kubindi bihugu. Kuba zagirizwa amabi ajanye no guhohotera,hamwe no kutihanganiranira birerekanwa n’ivyegeranyo bitangwa n’amashirahamwe atandukanye

    Muri make

    Kuba imbonerakure zagirizwa kwivanga mubikorwa vy’inzego z’umutekano ,biracateye amakenga.Aho kubera akarorero ibindi bihugu ,ahubwo ukwo kuba igikoresho ca poritike bibandanya bitera amakenga kubijanye n’icuka ca poritike.Kubatari bake bakwirikiranira hagufi ibijanye na poritike y’Uburundi ,ivyo bigaragaza ugushaka kw’umugambwe uri k’ubutegetsi mu kuzivya iyindi migambwe hamwe no gusasagaza iterabwoba.

    ________________________________________________

    Isanamu : Urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD ziriko ziratambuka mw’ikoraniro © DR

    Related Posts

    Ni iki twomenya kubijanye no kuba Bunyoni yarinjijwe ibitaro

    23 October 20252 Mins Read

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 20253 Mins Read

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 20254 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.