Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Tuesday, 20 January 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Inkuru canke igihuha: Koko hoba hari ibiduga vyoba biriko birinjira mu Burundi bizanye igitoro ?

    Inkuru canke igihuha: Koko hoba hari ibiduga vyoba biriko birinjira mu Burundi bizanye igitoro ?

    0
    By BURUNDI FACTS on 31 August 2025 Amakuru Yacu
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Mu gihe ubukene bw’igitoro bubandanya kuba ndanse mu Burundi , amasanamu y’ibiduga bininiya bitwara igitoro yatanzwe nk’ikimenyetso cuko igitoro coba kigiye kuboneka kubwinshi yabaye menshi ku mbuga hwaniro. Inyuma yico gihuha ukuri ni ukundi: ayo masanamu nayo mu 2022 hanyuma nta murongo muremure w’ibiduga bizanye igitoro wigeze utangazwa k’umugaragaro.

    Kuva kw’igenekerezo rya 27 Myandagaro 2025, amasanamu menshi y’ibiduga bininiya bitwara i gitoro yarahanahanywe k’urubuga rwa whatsapp n’izindi mbuga hwaniro,ziherekejwe n’amajambo yemeza ko ivyo biduga vyoba biriko vyerekeza mu Burundi bizanye igitoro ,muri kino gihe igihugu cugarijwe n’ubukene bw’igitoro. Mu mwanya muto,izo nyandiko zazanye icizere  n’amakenga mu banyagihugu. Mugabo n’ukugaba: kuko gushika muri kino gihe ,nta kimenyetso nakimwe gishobora gutuma umuntu yemeza iyo nkuru.

    Isanamu ya kera yasubiwemwo

    Hifashishijwe ubuhinga bwa google lens ,haramenyekanye inkomoko yayo masanamu yaherekezwa n’amajambo .Amasanamu yifashishijwe nk’ayavuba, yakoreshejwe ubwa mbere igenekerezo rya 1.10.2022 igihe c’isaha y’icumi n’imwe n’igice z’umuhingamo zitanzwe n’ikinyamakuru Ikiriho .Ntizerekana rero na gato umurongo w’ibiduga bizanye igitoro muri uno mwaka wa 2025.

    Mubisanzwe ubu ni uburyo bumenyerewe bwo gutanga amakuru ahuvya biciye mugukoresha amakuru yakera, ibintu bimenyerewe ku mbuga hwaniro mu gihe hari uruhagarara canke ikibazo. Ayo ma sanamu yarifashishijwe mu buryo butaribwo kugira herekanwe ko hari ivyo Reta iriko irakora mugukemura ikibazo. Ubwo buryo burakunze gukoreshwa mukugwiza ibihuha canke mu kurema icizere mu bantu.

    Amakuru yukuri mubisanzwe aca ahantu hazwi

    Ishiramwe rya Reta riraba ivy’ibitoro mu Burundi (SOPEBU),iyinjizwa n’itangwa ry’igitoro mu Burundi, ntiryigeze rishira ahabona urwandiko na rumwe rwishika canke umurongo w’ibiduga vyoba biriko birinjira bizanye igitoro. Haba ku mbuga zitandukanye za SOPEBU ,nta nahamwe usanga ayo makuru y’igitoro kiriko kirinjizwa.

    Mu bisanzwe, mu gihe hari igitoro citezwe, SOPEBU irabitangariza abanyagihugu, yerekana ama sitasiyo aza kuronka, amatariki igitoro kizotangigwako, rimwe rimwe n’urugero bw’igitoro kihari. Rero nta nkuru nk’iyo yigeze itangwa gushika ubu kuri ivyo.

    N’ubwo SOPEBU itanga intonde z’ama sitasiyo aronswa igitoro,ayatari make mu gihugu ntagira n’ima,hakaguma hari imirongo y’imiduga itonze irindiriye hamwe n’uruhagarara mu ma karitiye y’i Bujumbura no mubindi bisagara. Iyaba hari igitoro cinjiye,umuntu yabwirizwa kuba yamaze  kubona impinduka k’urubuga yamara ibintu si uko biri.

    Ikena rituma harwira ibihuha

    Mu gihe c’ikena rimaze umwanya muremure, abanyagihugu bafata nka nkama akantu kose koba kerekana ko hagiye kuboneka agahengwe .Ikibabaje ,n’uko uyo mwitwarariko utuma harwira ihanahanwa ry’amakuru y’ibinyoma, ata gutohoza kwimbitse kwigeze kuba.

    Indongozi zamye zigabisha akatari gake ku nkwirikizi zo guhanahana amakuru atariyo, agashobora gutuma abantu barema, bagira inyifato itariyo canke agatuma agashavu kaduga.

    Muri make:

    Amakuru ariko arahanahawa kumbuga hwaniro kuvyerekeye ibiduga biriko vyerekeza mu Burundi bizanye igitoro siyo. Afatiye ku masanamu ya kera yakuwe mu kibanza cayo  kandi ntaho ahuriye n’ukuri kw’ibiri k’urubuga canke ngo abe yatanzwe n’abategerezwa kuyatanga. Mu gihe c’ikena nk’iri, nivyiza kwitondera inkuru zitangwa hamwe no guhanahana amakuru atohoje.

    ________________________________________________

    Isanamu :Imwe mu masanamu y’ibiduga bitwara igitoro yahanahanywe k’urubuga hwaniro rwa whatsapp,ifatwa nk’iyizanye igitoro mu Burundi muri kino gihe harangwa ikena rikabije ry’igitoro. © DR

    Related Posts

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 20264 Mins Read

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 20253 Mins Read

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.