Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Tuesday, 20 January 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Ihagarikwa ry’impusha zo kwinjira mu Reta zunze ubumwe za Amerika ku barundi: yoba ari ingingo yimfata kibanza canke ingingo yo kwugara burundu?

    Ihagarikwa ry’impusha zo kwinjira mu Reta zunze ubumwe za Amerika ku barundi: yoba ari ingingo yimfata kibanza canke ingingo yo kwugara burundu?

    0
    By BURUNDI FACTS on 13 August 2025 poritike
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2025 , igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika caratangaje ko gihagaritse ivyo gutanga impusha zo kwinjira muri ico gihugu kuri zimwe mu mpusha cahora gitanga ku bava mu  Burundi. Iyo ngingo ikaba yaciye itangura gushirwa mu ngiro kuva mu ntango z’ukwezi kwa Myandagaro 2025 n’ubuserukizi bwa Amerika i Bujumbura,ivyo bikaba vyatumye hari ibibazo vyinshi abantu bibaza : ni bande berekewe n’iyo ngingo ,kuberiki, inkwirikizi n’izihe? Mbega n’ingingo ishobora gusubirwamwo ?Uko ibintu vyifashe

    Muri rusangi,ibihugu 19 nivyo birabwa n’iyo ngingo yafashwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Imvo zatanzwe kandi si zimwe :kuri bimwe muri ivyo bihugu, n’ingingo zifatiye k’umutekano w’igihugu,kubindi navyo nk’Uburundi n’ingingo ifatiye kukurenza ikiringo c’imisi baba baronkeye uburenganzira bwokwinjira muri ico gihugu.

    Ingingo ziharije ku Burundi

    Kubijanye n’Uburundi ,ingingo ya 3 iri muri iyo ngingo yafatiwe ivyo bihugu yateweko umukono n’umukuru w’igihugu Donald Trump irasigura neza ko Uburundi burabwa n’iyo ngingo kuko abantu babuvamwo  impusha zabo zokwinjira zibaye zirahagarikwa vyimfata kibanza bivanye  n’uko barenza ikiringo babaronkeye impusha. Kubwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika,amakosa mwe n’ayo “aza aremereza ibisata biraba abinjira hanyuma bikaza vyongereza ivyoshobora gutuma umutekano w’igihugu uhungabana.”

    Ibiharuro bitangwa:

    Urugero rw’ibice 15,35 kw’ijana rw’abarenza ikiringo kubafise impusha zo ku rugero rwa B_1/B_2 (kubakora ivy’urudandazwa hamwe n’aba mukerarugendo)

    Ibice 17,52 kw’ijana kubaja kwiga n’ugufashanya (F,M hamwe na J)

    Ikigaragara n’uko umurundi Umwe kuri batandatu barenza ikiringo kiba kiri Ku mpusha zokuba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika .

    Imirwi y’impusha zo kwinjira muri Amerika zahagaritswe

    Impusha (visas) abarundi batemerewe guhabwa impusha :

    B_1: amanama, ibiganiro,amahwaniro arimwo ibikorwa ataco vyinjiza.

    B_2 (abaja gutembera): kuja kuruhuka,kuramutsa incuti,kwicuza,canke ibindi bikorwa vyose bihuza abantu …

    B_1/B_2(abaja muvy’ubudzngaji n’ugutembera)

    F: abaja kwiga kaminuza,amashure yisumbuye,abaja kwiga ururimi…

    M: Abaja kwiga amashure  y’ubuhinga

    J: Gufashanya mubijanye n’imico hamwe n’ubumenyi (abimenyereza,abakora ubushakashatsi ,abigisha ba kaminuza ….)

    Impusha zose kubashaka  kuja kubayo ,harimwo ibijanye na za mpusha z’amahirwe (green card).

    Impusha zikiriho

    iryo hagarikwa ry’impusha ntizerekeye imirwi yose yizahora zitangwa .Kubw’umunyabanga ntayegayezwa mubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ,abarundi barashobora gusaba zimwe mu mpusha zitari iz’abimukira nka:

    H_1B: abakozi bafise ubuhanga budasanzwe

    H_2B: abakozi bakora kubihe ariko atari mu gisata c’uburimyi

    L: guhanahana abakozi hagati y’amashirahamwe

    O: Ubuhinga budasanzwe(bumenyi,Ubuhinga,inkino)

    P: abaririmvyi,abakinyi,imirwi ndangakaranga

    R: abanyamashengero

    A/G:abaserukira ibihugu hamwe n’abakora mumashirahamwe mpuzamakungu

    Izo mpusha ziguma zerekewe n’ibijanye n’isuzumwa ridasanzwe ribera mubuserukizi bw’igihugu ,kandi igihe casabwe gishobora kuba gito nk’uko biri mubisabwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

    Inkwirikizi mu vy’ubutunzi, ubumenyi hamwe n’imigenderanire

    Mu mwaka wa 2024, abarundi bagera 9500 barinjiye mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika (ku migwi yose yose y’impusha zose zitangwa zokwinjira muri Amerika).

    N’ubwo inkwirikizi zidashoka zibonekeza ubunyene ,abanyeshure bari mubambere bakozweko. Ibisata bitari bike mu mashure yisumbuye naza kaminuza mu Burundi birategurira abanyeshure  gushobora kuja kwiga muri Amerika. Ayo mahirwe muri kino gihe akaba atakiri menshi kubera iyo ngingo.

    Urwaruka rwogiye kwungura ubumenyi biciye muri Humphrey Fellowship canke Mandela Washington barakozweko .

    Ihagarikwa ryizo mpusha zokwinjira muri Amerika rirahagarika ivya green card ku barundi bigatuma abajayo biciye mu muco bigabanuka.

    Kubijanye n’imigenderanire,iyo ngingo iza n’isubiza inyuma imigenderanire hagati yivyo bihugu bibiri Uburundi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

    Hoba hagiye kuboneka agahengwe?

    Muri Ruheshi, imbere yuko ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika zemeza iyo ngingo, Ubushikiranganji bw’Uburundi buraba ivy’imigenderanire bwari bwatangaje ko hariko haraba

    ibiganiro kugira barabe ko iyo ngingo yosirwamwo. Ariko kuva ico gihe ,iyo ngingo yarashizwe mu ngiro kandi nta ngingo yaho izohagararira yigeze itangangazwa.

    Igihushane, ubutegetsi bwa Trump ahubwo bushobora gukomeza izo ngingo kurusha gushika aho busaba kugera kumafaranaga y’amadorari 15000 y’ingwati kubarundi bashaka gutembera kugira berekane ko bazogaruka.Ingingo ishobora kunaniza abarundi batari bake bipfuza impusha zo kwinjira muri Amerika.

    Muri make

    Kubona ko umuti wogukemura ikibazo c’abarundi barenza ikiringo c’uruhusha baba bahawe, muguhagarika Itangwa ryizo mpusha biza bihungabanya ibijanye n’ukurahura ubwenge, ubuhinga hamwe n’imico hagati y’Uburundi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Kandi bishobora no gutosekaza imigenderanire hagati yivyo bihugu bibiri

    Kugira umuntu agire icizere, Reta y’Uburundi , umushikiranganji w’imigenderanire mushasha vy’umwihariko ategerezwa gutunganya ibiganiro na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hanyuma agatanga intumbero kugira ivyokurenza ikiringo kubarundi bahabwa impusha bihagarare ariko ibijanye no gutembera kubarundi bitabanje kunigirwa mu menshi .

    ________________________________________________

    Photo : Isanamu :Inyubako z’ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi © DR

    Related Posts

    Ni iki twomenya kubijanye no kuba Bunyoni yarinjijwe ibitaro

    23 October 20252 Mins Read

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 20253 Mins Read

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 20254 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.