Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Tuesday, 20 January 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Imigambi PATAREB na PADCAE-B: amamiriyaridi yakoreshejwe mu nyubako z’impfagusa?

    Imigambi PATAREB na PADCAE-B: amamiriyaridi yakoreshejwe mu nyubako z’impfagusa?

    0
    By BURUNDI FACTS on 28 July 2025 Ubutunzi
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Hakoreshejwe uburyo bwegeranijwe  burenga imiriyaridi 100 mu mafaranga y’amarundi,imigambi y’uburimyi PATAREB na PADCAE_B yari ifise ihangiro ryogutunganya gushasha ibijanye n’uburimyi m’uburaruko bw’Uburundi .Mugihe bitegekanijwe ko isango  izoherahezwako ryegereje mu mwaka wa 2026,intahe z’abantu batari bake zerekana ko inyubako zahagarikiwe hagati ,ibikoresho bitigeze bikoreshwa ,hamwe n’ikoreshwa ry’uburyo rirangwamwo  igipfungu.Ivyo bishikirizwa vyoba bifise ishingiro?Dushaka kurondera ukuri dufatiye kuvyagiye birashikirizwa n’abategetsi,intahe hamwe n’uko vyifashe k’urubuga.

    Iyo migambi yatangujwe mu mwaka wa 2018,umugambi warugamije guteza imbere uburimyi PATAREB waje wunganirwa n’uwundi mugambi ufasha mubijanye no guhingura ibifungurwa hamwe nokwiyungunganya mu Burundi PADCAE_B. Iyo migambi uko ari ibiri ikaba yahawe uburyo n’ibanki y’isi, ibanki ya Afrika y’iterambere (BAD) hamwe n’iikigega mpuzamakungu c’iterambere (FIDA); ihangiro kukaba kwari uguteza imbere uburimyi mu ntara z’uburaruko bw’Uburundi.Amahera yategerezwa gukoreshwa yose hamwe arenga imiriyaridi 100 mu mahera y’amarundi .

    Yamara abatari bake  bagumye batabaza kuco iyo migambi iriko irafasha koko abanyagihugu. Mu makomine ya Gashikanwa ,Kiremba,Gashoho ,Vumbi hamwe no muzindi ntara ,inyubako zubatswe muri iyo migambi ubu ntaco ziriko zirakora ,izindi ntizarangiye hari naho rero zahebwe burundu .

    Ayo makuru aremezwa n’abashikiranganji babiri ba Reta y’Uburundi Uw’ikigega ca Reta Nestor Ntahontuye hamwe n’uwuburimyi Prosper Dodiko ,mu rugendo rw’akazi bagize muri ivyo bice kw’igenekerezo rya 11 Mukakaro 2025.Icegeranyo c’ivyavuye muri urwo rugendo kirerekana inyubako zitabaho izindi nazo ari umusaka hamwe n’ibikoresho bitigeze bikora .Umushikiranganji w’ikigega ca Reta yaremeje ko uburyo bwategerezwa bwasohotse ariko ko budahuye n’ivyaranguwe,agira ati : “Uyu mugambi uhura n’ingorane nyinshi ..Hariho inyubako ataco ziriko ziramara kandi uburyo bwarasoohotse .”

    Ibiharuro vyegeranywa biragaragaza ko n’ubwo hakoreshejwe uburyo bwinshi ,umusaruro ugaragarira k’urubuga ari muto cane .Itunganywa ry’imyonga ya Nyavyamo yategerezwa kuduza umwimbu yarahomvye.Ububiko butari buke bwubatswe hifashishijwe uburyo bwo  muri iyo migambi muri kino gihe buragaragara ahandi naho ntibwaheze kwubakwa,ibigaragaza itandukaniro ry’ibiri k’urubuga n’ivyari vyitezwe .

    Hari kandi n’amakuru agenda aravugwa hirya nohino ko uburyo bw’iyo migambi bwoba bwaribwe nk’uko vyemezwa n’amashirahamwe adaharanira ivy”icaro vya politike nka OLUCOME.Ariko gushika ubu ntacegeranyo c’ubusuzumyi bwoba bwarakozwe kugira cerekane inyonorwa ry’ayo mahera.

    Yamara rero ibishikirizwa n’abashikiranganji hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivy’icaro vya poritike birahuriza kw’itunganywa nabi riguma rigaruka kubaba bakurikirikarana imigambi ya Reta ifashwe mu mugongo n’abasanzwe bayifasha .Amatohoza yigenga yarakwiye kugira yemeze canke ahakane ivyo bivugwa  .

    Ikindi gishasha kigaragara ni ukuvanga poritike n’ikwirikiranwa ry’imigambi mwe n’iyo. Aha nka Olivier Nkurunziza arongoye umugambwe Uprona canke umuhinga muvy’ubutunzi Francis Rohero ,bamirira kure ivyo kudashira imbere ubushobozi bw’umuntu ahubwo hakisungwa abayoboke b’umuntu canke b’umugambwe mukugena umuntu mukurongora imigambi mwe n’iyo .Umukuru w’inama nkenguzamateka Emmanuel Sinzohagera n’umushikiranganji wa mbere bemeza ko hari abajejwe gukwirikirana imigambi bakora ibishoboka vyose kugira yikwege bashize imbere inyungu zabo .

    Ukwo kwonona ibintu biza vyunyurwa no kuba  ata mategeko asanzwe ahari ategekanya uko abantu bataranguye neza imirimo yabo baheza bagahanwa .Bamwe mubasanzwe bari muri Reta baremeza ku mugaragaro  ko iyo ngorane isanzwe iriho bagasaba ko hoja harakorwa amasuzuma mu migambi ya Reta.Gushika ubu nta ngingo itomoye irafatwa kuri ivyo .

    Muri make, amasuzuma yakozwe arerekana neza yuko imigambi PATAREB na PADCAE_B yagarukiye kugushiraho inyubako zitaheze n’izabebwe, ikoreshwa ritabereye ry’uburyo bugenewe iyo migambi, hamwe kandi n’ikoreshwa ry”ubwo buryo hisunzwe imvo za poritike.

    Ivyagiriji bijanye n’inyonorwa ry’uburyo bugenewe iyo migambi n’ubwo bitagaragara bifatari kubintu bikomeye kuburyo hari hakenewe amatohoza yigenga kandi yimbitse.

    Umuntu atereje amaso kure ,ibijanye n’iyo migambi ibiri bigaragaza ingorane ikomeye ijanye no gushira mu ngiro imigambi y’iterambere mu Burundi . Ivyo vyerekana ko vyihuta ko hagira igikezwe kugira abashingwa amabanga babe babishiboye ,kandi bakagenwa harimwo umuco kandi bazi ko hari ivyo bazobazwa mu gihe bonanirwa.

    ________________________________________________

    Ifoto: Imwe mu nyubako muri iyo migambi yaciriwe hagati idaheze © DR

    Related Posts

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 20253 Mins Read

    Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi

    27 October 20254 Mins Read

    Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi

    14 September 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.