Kuwa 13 Mukakaro 2020
Mu Burundi, uwatsinze amatora amatora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 20 Ruheshi 2020, Evariste Ndayshimiye , yari asanzwe ari n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi , yari yiteze gutangura imirimo kuwa 20 Myandagaro 2020, ikiringo c’uwo yari gusubirira, Nyakwigendera Petero Nkurunziza kirangiye.
Ariko nyuma y’urupfu rwa Petero Nkurunziza, kuwa 8 Ruheshi 2020, Evariste Ndayishimiye yaciye afata icicaro c’umukuru w’igihugu c’Uburundi kuwa 18 Ruheshi 2020.
Evariste Ndayishimiye amaze kurahira, iri tangazo ryo kuwa 7 Mukakaro 2020 rirerekana ishusho tubona Evariste Ndayishimiyakazi n’umutambukanyi wiwe bikoreye amatafari ku mutwe; hariko kandi icandiko kivuga giti: “ ibishasha, Umukuru wigihugu c’Uburundi hamwe n’umutambukanyi wiwe mu bikorwa vyo gufasha imbabare kuwa 4 Mukakaro 2020.”

Iyo foto nyene yatangajwe n’uwundi muntu ku ngurukanabumenyi yanditseko ibi bikurikira : “ Umukuru w’igihugu mushasha w’Uburundi, umugore wiwe hamwe n’abamufasha barijukiye ibikorwa rusangi. Abategetsi ba Congo bari he ”.
Ifoto yafashwe muri 2016
Tumaze gukora isuzuma kuri iyo foto (recherche inversée de l’image) , twayisanze mw’itangazo ry’umunyamakuru w’umuganda Charles Onyango-Obbo, yashize ku rubuga Twitter kuwa 18 Ruheshi 2020. Atanga umuco kuri iyo foto, avuga ko ari ifoto yafashwe imbere y’ukwimikwa kwa Perezida Evariste Ndayshimiye.

Mu vy’ukuri , iyo foto yari yasohowe kuwa 17 Kigarama 2016 n’umukuru w’igihugu w’ubu kuri konte yiwe ya Twitter , yanditseko ati “Hamwe n’abenegihugu bo mu Giheta (Gitega), twegeranije amatafari yo kubaka ibiro vy’umutumba . “
Africacheck yaregereye Doriane Munezero , umuhanuzi akaba n’umuyobozi ajejwe ukumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu. Yasobanuye ko iyi foto itafashwe kuwa 4 Mukakaro 2020 ariko “ mu gihe c’ibikorwa rusangi ahazubakwa ibiro vya Zone ya Kabanga , ku murwa mukuru wa poritike i Gitega ”.
“Hariho amafoto menshi nk’ayo kubera ko abategetsi b’Uburundi bitaba buri gihe ibikorwa rusangi hamwe n’abenegihugu ,”ibi bikaba vyemezwa na Doriane Munezero.
Ayandi mafoto yafashwe uwo munsi nyene w’ibikorwa rusangi mushobora kuyasanga muri iyi yindi tweet ya Evariste Ndayishimime no muri iyi nkuru yo muri Kigarama 2016.
– Dieynaba Thiombane