Ivyo tubonye ntitwovyizera igihe cose. Muri Nyakanga y’umwaka wa 2019, amareresi atari make yitwa ko yerekana ihohoterwa n’amabi vyakorewe abanyamahanga mu gihugu ca Africa y’Epfo yarakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi. Amatohoza yakozwe n’ubusesanguzi (Africa check) yerekana ko amwe yari ayakera cane, ayandi aciye kubiri n’ivyariko biravugwa.
Amareresi aroroshe guhinyanyurwa nk’uko ashobora gukorwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none, bigaheza bikerekana ko abantu bashobora kuvuga canke gukora ibintu bidasanzwe.
Ni gute twotora amareresi ateye amadidane? Ni ibihe bikoresho twokoresha?Muvyo kwisunga turasigura ingene twomenya amareresi yahinyanyuwe,ayakwiragijwe mu bidahuye n’ivyavuzwe n’ayahinduwe hakoreshejwe ubuhinga bwa none ( Deepfakes).
1.Amareresi ahinyanyuwe canke akoze nabi
Rimwe na rimwe,amareresi arakorwa canke agahinyanyurwa mu bwitonzi bwinshi mu ntumbero yo guhuvya. Hariho amareresi atari make ku rwego mpuzamakungu twofatirako, akarorero nk’ireresi yahanahanywe ku mbuga ngurukanabumenyi yitwa ko yerekana Nancy Pelosi arongoye ihuriro ry’abarongoye reta zunze ubumwe za Amerika yaborewe. Iyo reresi yarabwe incuro imiriyoni zibiri n’ibihumbi amajana atanu ku rubuga rwa Facebook mu minsi mike gusa.Yamara iyo reresi yari yahinyanyuwe, bagabanya umuvuduko w’ijwi ryiwe. Murashobora kuraba ireresi y’ukuri n’iyahinduwe zibangikanye ng’aha.
Ishirwa hamwe ry’urufatangane rw’ireresi n’amasanamu yacaguwe vyerekana ko uwurongoye igihugu ca Nigeria Muhammadu Buhari atitavye inama mpuzamakungu y’I Tokyo mu Buyapani kubijanye n’iterambere muri Afrika ku ncuro yayo y’indwi mu mpera za Myandagaro mu mwaka wa 2019
Ireresi ikosoye yarabwe incuro zirenga ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu iterekana isanamu nimwe Buhari ari muri iyo nama.Yaherekejwe n’ikibazo kibaza kiti : « Ubwo Buhari yoba ari mu Buyapani koko ? ».Ariko ireresi ikwiye bagiye barakatamwo utwo duce irerekana neza ko Buhari yari yitavye iyo nama.
Muri ico gihe, biroroha kugaragaza ireresi ukoresheje ubushakashatsi busanzwe ku mbuga ngurukanabumeyi.Uretse ko uwurongoye igihugu ca Nigeria yatangaje ko ivyemezo vyatanzwe bitarivyo, ubushakashatsi kuri Buhari mu Buyapani bwarerekanye amasanamu yafashwe n’inkuru zakozwe Buhari agaragara mu bandi bakuru b’ibihugu vyo muri Afrika bari bitavye iyo nama hamwe n’amasanamu yiwe aho yari yahuye n’abarongoye ibihugu vya Afrika y’epfo na Benin.
Twotora gute ireresi yahinduwe hakoreshejwe ubuhinga bwanone canke ikindi kintu cose?Musuzume iyo reresi mukuyibika mu cuma kinyegeza amareresi canke amasanamu Video Vault. Gutyo mugumane iyo reresi naho yofutwa.
Kora ubushakashatsi,murabe ko ireresi ikwiye yoboneka ku mbuga ngurukanabumenyi. Mugire ubushakashatsi kuma sanamu yosa nayo, mufate amasanamu yo muri iyo reresi canke murondere amajambo asigura ivyariko biraba. Mugereranye iyo reresi mwipfuza gusuzuma n’amareresi y’ubundi bwoko avuye ku masoko yizewe.
Musuzume ko umuvuduko iyo reresi ivugirako utoba wahinyanyuwe. Mushobora gukoresha ibikoresha ubuhinga bwa none nka Kapwing bukoreshwa mu gukora amareresi ashirwa ku mbuga ngurukanabumenyi, mugabanye canke mwongereze umuvuduko w’iyo reresi gushika aho ijwi risa n’irisanzwe. Mugereranye iyo reresi n’iyo yindi mwibaza ko mwahinyanyuye.
Murondere muri iyo reresi aho yoba yasimbishijwe canke utugenegene tudafashe aho musanga hari ivyongewemwo canke vyafuswe. Ivyo mubikore mukuraba uduce tutagaragara henshi muri iyo reresi.
2. Ireresi yahanahanywe idahuye n’ivyavuzwe
Kenshi na kenshi amareresi ari ku mwanya kandi,atahinyanyuwe arakoreshwa ahatariho.
Mu mwaka wa 2019, ireresi iteye agahinda y’umukenyezi yacumiswe inkota yarakwiragijwe ku mbuga hwaniro muri Afrika y’epfo.Yitwa ko yerekana ubwicanyi n’itemagurwa rya Naledi Lethoba w’Imyaka 21 mu gisagara ca Welkom, ariko iyo reresi yari yazananye vy’ukuri muri Bresil.Yari yashizwe ahabona n’igiporisi ca Bresil mw’ironderwa ry’abakenyezi batatu bishe umunywanyi w’umugwi w’inkozi z’ikibi.Iivyo ntaho vyari bihuriye n’urupfu rwa Lethoba.
Mu mwaka wa 2016, ireresi yitwa ko yerekana ingene igiporisi co muri Espagne gikoresha imbwa mu gufata abinjira muri ico gihugu yarahanahanywe kuri Facebook. Ariko vy’ukuri iyo reresi yazananye mu kiganiro kidasanzwe c’ubutohoji ku nkuru yari igezweho muri Afrika y’epfo.Iyo reresi yafashwe mu mwaka wa 1998 yerekana igiporisi co muri Afrika y’epfo kiriko cugariza abanya Malawi binjira muri ico gihugu gikoresheje izo mbwa.
Ku rubuga rwa Instagramm harakwiragijwe inkuru yitwa ko yerekana ibihimba vy’umubiri w’umuntu bitetse mu gikono kinini, ariko ivyo bihimba vy’umubiri vyari ivyakoreshejwe mu nkinamico, nk’uko bigaragara mu vyiyumviro vyagiye bishikirizwa kuri iyo nkuru urwo rwandiko vyagiye biratangwa.
Ubushakashatsi bwihuta ku rubuga ngurukanabumenyi Google ku bijanye « n’umuntu ateka ibihimba vy’umubiri w’umuntu n’ireresi bijanye » bwerekanye ibitari bike na cane cane bubeshuza ivyo binyoma vyerekana ko abanya Cameroun barya abantu. Ubushakashatsi bwisunze ayandi masanamu y’ubwo bwoko, n’amasanamu afashwe muri iyo reresi yaciye nayo ashirwa ku rubuga rwa Instagramm hamwe na vyinshi vyabeshujwe.
Twosuzuma gute ko ireresi idahuye n’ivyavuzwe?
Mugerageze kurondeza amajambo atandukanye asigura ivyabaye kugira hatorwe ivyakoreshejwe mw’ireresi iheruka hamwe n’iyitizwe mu kubeshuza. Mufate amasanamu agaragara cane yo muri iyo reresi hama muyakoreshe mu bushakashatsi bwisunze amasanamu yosa nayo.
Koresha YouTube DataViewer ya Amnesty International mu gusuzuma inkomoko y’iyo reresi ku rubuga rwa You tube. Mwihwabire kuraba neza igihe yashiriweko kuko ireresi ya kera ntishobora gusigura ivyabaye muri kahise ka hafi.
Musome ivyiyumviro vyatanzwe kuri iyo reresi, n’ivyashizwe ku mbuga hwaniro, Abantu kenshi bakoresha ivyiyumviro vyatanzwe mu kubeshuza ireresi,I sanamu canke mugusaba gutunganirizwa. Murashobora kuronka ivyisungwa nyavyo,c anke amakuru atohojwe aba yashizwe ku zindi mbuga.