Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Tuesday, 20 January 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » IVYISUNGWA: Twotora gute amareresi y’ibinyoma, adahuye n’ivyavuzwe kandi ahinduwe hakoreshejwe ubuhinga bwa none  «deepfake »

    IVYISUNGWA: Twotora gute amareresi y’ibinyoma, adahuye n’ivyavuzwe kandi ahinduwe hakoreshejwe ubuhinga bwa none  «deepfake »

    0
    By Burundi FactCheckers on 12 September 2019 Ivyisungwa
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Ivyo tubonye ntitwovyizera igihe cose. Muri Nyakanga y’umwaka wa 2019, amareresi atari make  yitwa ko yerekana ihohoterwa n’amabi  vyakorewe abanyamahanga mu gihugu ca Africa y’Epfo yarakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi. Amatohoza yakozwe n’ubusesanguzi (Africa check) yerekana ko amwe yari ayakera cane, ayandi aciye kubiri n’ivyariko biravugwa.

    Amareresi aroroshe guhinyanyurwa nk’uko ashobora gukorwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none, bigaheza bikerekana ko abantu bashobora kuvuga canke gukora ibintu bidasanzwe.

    Ni gute twotora amareresi ateye amadidane? Ni ibihe bikoresho twokoresha?Muvyo kwisunga turasigura ingene twomenya amareresi yahinyanyuwe,ayakwiragijwe mu bidahuye n’ivyavuzwe n’ayahinduwe hakoreshejwe ubuhinga bwa none ( Deepfakes).

    1.Amareresi ahinyanyuwe canke akoze nabi

    Rimwe na rimwe,amareresi arakorwa canke agahinyanyurwa mu bwitonzi bwinshi mu ntumbero yo guhuvya. Hariho amareresi atari make ku rwego mpuzamakungu twofatirako,  akarorero nk’ireresi yahanahanywe ku mbuga ngurukanabumenyi yitwa ko yerekana Nancy Pelosi arongoye  ihuriro ry’abarongoye reta zunze ubumwe za Amerika yaborewe. Iyo reresi yarabwe incuro imiriyoni zibiri n’ibihumbi amajana atanu ku rubuga rwa Facebook mu minsi mike gusa.Yamara iyo reresi yari yahinyanyuwe, bagabanya umuvuduko w’ijwi ryiwe. Murashobora kuraba ireresi y’ukuri n’iyahinduwe zibangikanye ng’aha.

    Ishirwa hamwe ry’urufatangane rw’ireresi n’amasanamu yacaguwe vyerekana ko uwurongoye igihugu ca Nigeria Muhammadu Buhari atitavye inama mpuzamakungu y’I Tokyo mu Buyapani kubijanye n’iterambere muri Afrika ku ncuro yayo y’indwi mu mpera za Myandagaro mu mwaka wa 2019

    Ireresi ikosoye yarabwe incuro zirenga ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu iterekana isanamu nimwe Buhari ari muri iyo nama.Yaherekejwe n’ikibazo kibaza kiti : « Ubwo Buhari yoba ari mu Buyapani koko ? ».Ariko ireresi ikwiye bagiye barakatamwo utwo duce irerekana neza ko Buhari yari yitavye iyo nama.

    Muri ico gihe, biroroha kugaragaza ireresi ukoresheje ubushakashatsi busanzwe ku mbuga ngurukanabumeyi.Uretse ko uwurongoye igihugu ca Nigeria yatangaje ko ivyemezo vyatanzwe bitarivyo, ubushakashatsi kuri Buhari mu Buyapani bwarerekanye amasanamu yafashwe  n’inkuru zakozwe  Buhari  agaragara mu bandi bakuru b’ibihugu vyo muri Afrika bari bitavye iyo nama hamwe n’amasanamu yiwe aho yari yahuye n’abarongoye ibihugu vya Afrika y’epfo na Benin.

    Twotora gute ireresi yahinduwe hakoreshejwe ubuhinga bwanone canke ikindi kintu cose?Musuzume iyo reresi mukuyibika mu cuma kinyegeza amareresi canke amasanamu Video Vault. Gutyo  mugumane iyo reresi naho yofutwa.

    Kora ubushakashatsi,murabe ko ireresi ikwiye yoboneka ku mbuga ngurukanabumenyi. Mugire ubushakashatsi kuma sanamu yosa  nayo, mufate amasanamu yo muri iyo reresi canke murondere amajambo asigura ivyariko biraba. Mugereranye iyo reresi mwipfuza gusuzuma  n’amareresi y’ubundi bwoko avuye ku masoko yizewe.

    Musuzume ko umuvuduko iyo reresi ivugirako utoba wahinyanyuwe. Mushobora gukoresha ibikoresha ubuhinga bwa none nka  Kapwing  bukoreshwa mu gukora amareresi ashirwa ku mbuga ngurukanabumenyi, mugabanye canke mwongereze umuvuduko w’iyo reresi gushika aho ijwi risa n’irisanzwe. Mugereranye iyo reresi n’iyo yindi mwibaza ko mwahinyanyuye.

    Murondere muri iyo reresi aho yoba yasimbishijwe canke utugenegene tudafashe aho musanga hari ivyongewemwo canke vyafuswe. Ivyo mubikore mukuraba uduce tutagaragara henshi muri iyo reresi.

    2. Ireresi yahanahanywe idahuye n’ivyavuzwe

    Kenshi na kenshi amareresi ari ku mwanya kandi,atahinyanyuwe arakoreshwa ahatariho.

    Mu mwaka wa 2019, ireresi iteye agahinda y’umukenyezi yacumiswe inkota yarakwiragijwe ku mbuga hwaniro muri Afrika y’epfo.Yitwa ko yerekana ubwicanyi n’itemagurwa rya Naledi Lethoba w’Imyaka 21 mu gisagara ca Welkom, ariko iyo reresi yari yazananye vy’ukuri muri Bresil.Yari yashizwe ahabona n’igiporisi ca Bresil mw’ironderwa ry’abakenyezi batatu bishe umunywanyi w’umugwi w’inkozi z’ikibi.Iivyo ntaho vyari bihuriye n’urupfu rwa Lethoba.

     Mu mwaka wa 2016, ireresi yitwa ko yerekana ingene igiporisi co muri Espagne gikoresha imbwa mu gufata abinjira muri ico gihugu yarahanahanywe kuri Facebook. Ariko vy’ukuri iyo reresi yazananye mu kiganiro kidasanzwe c’ubutohoji ku nkuru yari igezweho muri Afrika y’epfo.Iyo reresi yafashwe mu mwaka wa 1998 yerekana  igiporisi co muri Afrika y’epfo kiriko cugariza abanya Malawi binjira muri ico gihugu gikoresheje izo mbwa.

    Ku rubuga rwa Instagramm harakwiragijwe inkuru yitwa ko yerekana  ibihimba vy’umubiri w’umuntu bitetse mu gikono kinini, ariko ivyo bihimba vy’umubiri vyari ivyakoreshejwe mu nkinamico, nk’uko bigaragara mu vyiyumviro vyagiye bishikirizwa kuri iyo nkuru urwo rwandiko vyagiye biratangwa.

    Ubushakashatsi bwihuta ku rubuga ngurukanabumenyi Google ku bijanye   « n’umuntu ateka ibihimba vy’umubiri w’umuntu n’ireresi bijanye » bwerekanye ibitari bike na cane cane  bubeshuza  ivyo binyoma vyerekana ko abanya Cameroun barya abantu. Ubushakashatsi bwisunze ayandi masanamu y’ubwo bwoko, n’amasanamu afashwe muri iyo reresi yaciye nayo ashirwa ku rubuga rwa Instagramm hamwe na vyinshi vyabeshujwe.

    Twosuzuma gute ko ireresi idahuye n’ivyavuzwe?
    Mugerageze kurondeza amajambo atandukanye asigura ivyabaye  kugira hatorwe ivyakoreshejwe mw’ireresi iheruka hamwe n’iyitizwe mu kubeshuza. Mufate amasanamu agaragara cane yo muri iyo reresi hama muyakoreshe mu bushakashatsi bwisunze amasanamu yosa nayo.

    Koresha YouTube DataViewer ya Amnesty International mu gusuzuma inkomoko y’iyo reresi ku rubuga rwa You tube. Mwihwabire kuraba neza igihe yashiriweko kuko ireresi ya kera ntishobora gusigura ivyabaye muri kahise ka hafi.

    Musome ivyiyumviro vyatanzwe kuri iyo reresi, n’ivyashizwe ku mbuga hwaniro, Abantu kenshi bakoresha ivyiyumviro vyatanzwe mu kubeshuza ireresi,I sanamu canke  mugusaba gutunganirizwa. Murashobora kuronka ivyisungwa nyavyo,c anke amakuru atohojwe aba yashizwe ku zindi mbuga.

    Related Posts

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 20249 Mins Read

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 20243 Mins Read

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 20224 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.