Close Menu
    What's Hot

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 2025

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 2025

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?
    • Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?
    • Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa
    • Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?
    • Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi
    • Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa
    • Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire
    • Ukwitanga kw’abarwanyi ba CNDD-FDD kwoba koko «kwatumye abarundi babaho bahimbawe »
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Wednesday, 8 October 2025
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Ibura ry’amafaranga mvamakungu mu Burundi : umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aguma arihakana

    Ibura ry’amafaranga mvamakungu mu Burundi : umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aguma arihakana

    0
    By BURUNDI FACTS on 1 August 2025 Ubutunzi
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Mu gihe ifaranga ry’amarundi riguma rita agaciro  kandi ibiciro vy’ibidandazwa biguma biduga bidasanzwe, umukuru w’igihugu  Évariste Ndayishimiye avuga ko ikibazo c’ikena ry’amafaranga mvamakungu kidakora ku banyagihugu bo mu gihugu hagati . Ivyo avuga biri kure cane y’ukuri kw’ukuntu ubutunzi bw’igihugu buhagaze muri kino gihe.

    Mu nama yabereye i Gitega ku bijanye no gusuzuma uko ibikorwa vy’amatora biriko biragenda, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarishuye ku kibazo ca Gabriel Rufyiri, arongoye OLUCOME, aho yari yerekanye amakenga afise ku bukene bw’amafaranga mvamakungu bwibonekeza mu Burundi. Umukuru w’igihugu yagize ati:
    « Wewe ufise ikibazo c’amadevize, ariko ni iciwawe. Umunyagihugu wo muri Buhiga nta kibazo nk’ico afise. Ikibazo ni mwebwe abanyapolitike. Mufise ingorane zanyu mugaca mwiyumvira ko n’abanyagihugu bose bazifise. »

    Amajambo yama ariko aragaruka

    Iri jambo si rishasha ku mukuru w’igihugu. Kw’igenekerezo rya 12 Myandagaro 2024, hariko hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe urwaruka, Ndayishimiye yari yavuze ati :
    « Idorari ni iry’Abanyamerika, BIF ni iy’Abarundi. Ifaranga ryacu rifise agaciro hano iwacu. None muripfuza ko rigira agaciro nk’iryo mu Bufaransa ? »

    Yari yashikirije iryo jambo mbere araheza aratanga n’akarorero : umwembe ugurwa amafaranga 200 mu mafaranga y’amarundi  no mu gihe woba ugurwa amadolari 5 mu mafaranga y’abanyamerika nico kimwe. Kubwiwe, vyerekana ko « ama dolari 5 angana n’amafaranga  200 mu mafaranga y’amarundi », ariko iyo mvugo hari vyinshi yirengagiza: ubushobozi bwo bw’umuguzi umuntu atitwararitse uko ibiciro vyifashe kumasoko, hamwe n’ukwiyumvira uko  kw’isi ubutunzi bwifashe. Ico gihe, idorari rimwe ryavunjwa hafi amafaranga 2800 mu mafaranga y’amarundi ku giciro cemewe , ariko ryahavuye riduga kurenga 6000  ku masoko yo mukinywabi.

    Imvugo isa niyisubirwamwo n’abandi bategetsi

    Kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2024, Gélase Daniel Ndabirabe, umukuru w’Inama Nshingamateka, yavuze ibintu bisa n’ivyo i Matongo (mu Kayanza) aho yagize ati :
    « Wigeze ubona idorari ry’Abanyamerika ? None ubu  ntukirya inyama udafise idorari ? Ariko ga nta niryo wari bwigere  ubona. »

    Yaciye yongerako ati :
    « Ifaranga ryacu rihagaze ku vyo twe twirimira. None dufatira kuki kugira turigereranye n’ifaranga tudakoresha ? »

    Ku bwiwe, kuvuga nabi ifaranga ry’uburundi ni nk’ukugira ivyiyumviro vy’abanyamahanga, batitaye ku buzima bw’Uburundi n’ubutunzi bushingiye ku buhinga ndemanwa.

    Ariko ikibazo kirahari kandi kiragaragara

    Naho bavuga ivyo vyose, ingaruka z’ukubura amafaranga mvamakungu  zirakora ku barundi bose, n’abatigeze babona idorari.
    Uburundi bwikora cane ibidandazwa biva mu bindi bihugu : ibitoro, imiti, isukari, ifumbire, ibikoresho vy’imodoka… Ivyo vyose bisaba amadevize. Iyo abuze, birashobora gutuma ibintu bibura, ibiciro bikaduga cane, bigatuma ubushobozi bwo kugura buhungabana — n’iyo woba uri mu gisagara.

    Mu yandi majambo, naho umunyagihugu adakoresha amadevize, arakorwako n’ikena ryayo.

    Ukwiyongera kw’ibiciro guteye ubwoba

    Igisata c’igihugu kijejwe kwegeranya ibiharuro vyifatiro  (INSBU) cerekana ko ibintu bimeze nabi. Mu kwezi kwa Ruheshi 2025, cerekana ko ifaranga ry’Uburundi ryari rimaze gutakaza agaciro (inflation) kugera ku  41,6 %. Ibifungurwa vyonyene vyiyongereye 42,6 % ugereranije n’umwaka wahera.

    Ibiciro vyagiye biraduga cane uku :

    • Ifi : + 97,7 kw’ijana
    • Inyama : + 82,7 k’ijana

    Naho ibiciro vyari vyatanguye kugabanuka kugeza kuri 45,5 kw’ijana mu kwezi kwa Ndamukiza (43,9 kw’ijana mu kwa Rusama, hanyuma 41,6 kw’ijana mu kwa Ruheshi), ibintu ntibimeze neza. Mu myaka 5 gusa, itituka ry’agaciro k’ifarnga ry’Uburundi ryavuye kuri 8,1 kw’ijana mu 2020 gushika hejuru ya 40 kw’ijana mu 2025. Abaguzi nta gahengwe bigeze baronka.

    Iyo mvugo igaragaza ukwirengagiza kudashaka guhangana n’ibibazo biri ku rubuga ?

    Kubona abategetsi baguma bashaka kwerekana  ko nta ngorane ihari, ni nko guhunga ukuri. Kuvuga ko ikibazo ari “ic’abanyapolitike” ni ukwanka kwerekana ingorane nyamukuru ihari : ubushobozi buke bwo gushobora kwinjiza ibidandazwa birangurirwa hanze, ingingo zidafashe zo kwonono na make mu mafaranga mvamakungu abonetse, ukudahana , hamwe no kwama tuzera inze ibidandazwa bivuye hanze,hamwe na politique muvy’ubutunzi yama iriko irahungabana.

    Ariko aha inyishu ya vyose kugira umuntu atorere umuti ibibizo vy’ubutunzi bihanze igihugu ni ukubanza kwemera ko hariho ingorane mu Burundi. Kwiyamiriza ingaruka z’ukubura kw’amafaranga mvamakungu ku banyagihugu bishobora gutuma gutora inyishu vyukuri bigorana.

    ________________________________________________

    Ifoto : Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ariko yishura Gabriel Rufyiri, arongoye OLUCOME, igihe yavuga ko hari ikibazo c’ikena ry’amafaranga mvamakungu, mu kiganiro “Ku Kivi” co ku wa 06 Mukakaro 2025, caciye kuri televiziyo nkuru y’igihugu © DR

    Related Posts

    Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi

    14 September 20253 Mins Read

    Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa

    13 September 20253 Mins Read

    Abahuza abaguzi n’abagurisha nibo batera iduga ry’ibiciro ? Abahinga mu vy’ubutunzi barabihakana

    18 August 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 202503 Mins Read

    Amakuru yahanahanywe ku mbugahwaniro arahushanye n’uko ibintu vyifashe, abasirikare b’abarundi ntibariko barakinjura mu gisagara ca…

    poritike

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 202503 Mins Read

    Ku magenekerezo ya 4 na 5 Nyakanga 2025 i Muyinga, hamwe na 10 Nyakanga i…

    poritike

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 202504 Mins Read

    Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga harahimbzwa umusi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi (démocratie), umusi…

    Amakuru Yacu

    Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?

    23 September 202503 Mins Read

    Ireresi yerekana umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye aciye imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2025 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.