Mu gihe ifaranga ry’amarundi riguma rita agaciro kandi ibiciro vy’ibidandazwa biguma biduga bidasanzwe, umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye avuga ko ikibazo c’ikena ry’amafaranga mvamakungu kidakora ku banyagihugu bo mu gihugu hagati . Ivyo avuga biri kure cane y’ukuri kw’ukuntu ubutunzi bw’igihugu buhagaze muri kino gihe.
Mu nama yabereye i Gitega ku bijanye no gusuzuma uko ibikorwa vy’amatora biriko biragenda, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarishuye ku kibazo ca Gabriel Rufyiri, arongoye OLUCOME, aho yari yerekanye amakenga afise ku bukene bw’amafaranga mvamakungu bwibonekeza mu Burundi. Umukuru w’igihugu yagize ati:
« Wewe ufise ikibazo c’amadevize, ariko ni iciwawe. Umunyagihugu wo muri Buhiga nta kibazo nk’ico afise. Ikibazo ni mwebwe abanyapolitike. Mufise ingorane zanyu mugaca mwiyumvira ko n’abanyagihugu bose bazifise. »
Amajambo yama ariko aragaruka
Iri jambo si rishasha ku mukuru w’igihugu. Kw’igenekerezo rya 12 Myandagaro 2024, hariko hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe urwaruka, Ndayishimiye yari yavuze ati :
« Idorari ni iry’Abanyamerika, BIF ni iy’Abarundi. Ifaranga ryacu rifise agaciro hano iwacu. None muripfuza ko rigira agaciro nk’iryo mu Bufaransa ? »
Yari yashikirije iryo jambo mbere araheza aratanga n’akarorero : umwembe ugurwa amafaranga 200 mu mafaranga y’amarundi no mu gihe woba ugurwa amadolari 5 mu mafaranga y’abanyamerika nico kimwe. Kubwiwe, vyerekana ko « ama dolari 5 angana n’amafaranga 200 mu mafaranga y’amarundi », ariko iyo mvugo hari vyinshi yirengagiza: ubushobozi bwo bw’umuguzi umuntu atitwararitse uko ibiciro vyifashe kumasoko, hamwe n’ukwiyumvira uko kw’isi ubutunzi bwifashe. Ico gihe, idorari rimwe ryavunjwa hafi amafaranga 2800 mu mafaranga y’amarundi ku giciro cemewe , ariko ryahavuye riduga kurenga 6000 ku masoko yo mukinywabi.
Imvugo isa niyisubirwamwo n’abandi bategetsi
Kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2024, Gélase Daniel Ndabirabe, umukuru w’Inama Nshingamateka, yavuze ibintu bisa n’ivyo i Matongo (mu Kayanza) aho yagize ati :
« Wigeze ubona idorari ry’Abanyamerika ? None ubu ntukirya inyama udafise idorari ? Ariko ga nta niryo wari bwigere ubona. »
Yaciye yongerako ati :
« Ifaranga ryacu rihagaze ku vyo twe twirimira. None dufatira kuki kugira turigereranye n’ifaranga tudakoresha ? »
Ku bwiwe, kuvuga nabi ifaranga ry’uburundi ni nk’ukugira ivyiyumviro vy’abanyamahanga, batitaye ku buzima bw’Uburundi n’ubutunzi bushingiye ku buhinga ndemanwa.
Ariko ikibazo kirahari kandi kiragaragara
Naho bavuga ivyo vyose, ingaruka z’ukubura amafaranga mvamakungu zirakora ku barundi bose, n’abatigeze babona idorari.
Uburundi bwikora cane ibidandazwa biva mu bindi bihugu : ibitoro, imiti, isukari, ifumbire, ibikoresho vy’imodoka… Ivyo vyose bisaba amadevize. Iyo abuze, birashobora gutuma ibintu bibura, ibiciro bikaduga cane, bigatuma ubushobozi bwo kugura buhungabana — n’iyo woba uri mu gisagara.
Mu yandi majambo, naho umunyagihugu adakoresha amadevize, arakorwako n’ikena ryayo.
Ukwiyongera kw’ibiciro guteye ubwoba
Igisata c’igihugu kijejwe kwegeranya ibiharuro vyifatiro (INSBU) cerekana ko ibintu bimeze nabi. Mu kwezi kwa Ruheshi 2025, cerekana ko ifaranga ry’Uburundi ryari rimaze gutakaza agaciro (inflation) kugera ku 41,6 %. Ibifungurwa vyonyene vyiyongereye 42,6 % ugereranije n’umwaka wahera.
Ibiciro vyagiye biraduga cane uku :
- Ifi : + 97,7 kw’ijana
- Inyama : + 82,7 k’ijana
Naho ibiciro vyari vyatanguye kugabanuka kugeza kuri 45,5 kw’ijana mu kwezi kwa Ndamukiza (43,9 kw’ijana mu kwa Rusama, hanyuma 41,6 kw’ijana mu kwa Ruheshi), ibintu ntibimeze neza. Mu myaka 5 gusa, itituka ry’agaciro k’ifarnga ry’Uburundi ryavuye kuri 8,1 kw’ijana mu 2020 gushika hejuru ya 40 kw’ijana mu 2025. Abaguzi nta gahengwe bigeze baronka.
Iyo mvugo igaragaza ukwirengagiza kudashaka guhangana n’ibibazo biri ku rubuga ?
Kubona abategetsi baguma bashaka kwerekana ko nta ngorane ihari, ni nko guhunga ukuri. Kuvuga ko ikibazo ari “ic’abanyapolitike” ni ukwanka kwerekana ingorane nyamukuru ihari : ubushobozi buke bwo gushobora kwinjiza ibidandazwa birangurirwa hanze, ingingo zidafashe zo kwonono na make mu mafaranga mvamakungu abonetse, ukudahana , hamwe no kwama tuzera inze ibidandazwa bivuye hanze,hamwe na politique muvy’ubutunzi yama iriko irahungabana.
Ariko aha inyishu ya vyose kugira umuntu atorere umuti ibibizo vy’ubutunzi bihanze igihugu ni ukubanza kwemera ko hariho ingorane mu Burundi. Kwiyamiriza ingaruka z’ukubura kw’amafaranga mvamakungu ku banyagihugu bishobora gutuma gutora inyishu vyukuri bigorana.
________________________________________________
Ifoto : Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ariko yishura Gabriel Rufyiri, arongoye OLUCOME, igihe yavuga ko hari ikibazo c’ikena ry’amafaranga mvamakungu, mu kiganiro “Ku Kivi” co ku wa 06 Mukakaro 2025, caciye kuri televiziyo nkuru y’igihugu © DR