Mu kiganiro co kuwa 6 Mukakaro 2025, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaremeje ko umuntu wese atemera ivyavuye mu matora yategerezwa ubwa mbere kumwitura, imbere yokwitura ubutungane. Ivyo yashikirije vyatumye haba impari mbere biratera agashavu abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe na benshi mubanonosoye ibijanye n’amategeko, babona muri ayo majambo ihonyangwa ry’amabwirizwa n’amategeko asanzwe ahari muri kino gihe. Mubisanzwe amategeko y’Uburundi avuga iki kukibazo mwe n’ico? Amategeko arategekanya ko umukuru w’igihugu yivanga mubibazo biba bivuye kuvyavuye mu matora ?
Ari umutumire mu kiganiro “Ku kivi ” caciye ku mirongo ya radiyo y’igihugu kuwa 6 Mukakaro 2025, Evariste Ndayishimiye yarakoresheje ano majambo akurikira : “Mugihe muriko muravuga ko amatora yaranzwemwo ubusuma hanyuma mugaca mwitura ubutungane imbere yuko jewe binanira gutora umuti ,n’ikimenyetso cuko jewe mutanyemera ,nukuvuga ko mutemera n’inzego .”
Muri make ivyo bisigura ko kubwiwe ,kwitura ubutungane basaba kurenganurwa mu matora hari ahandi vyategerezwa guca mubisanzwe : Yategerezwa kubanza kugerageza gutatura amatati .Ico kintu umukuru w’igihugu ahagararako giteje ikibazo gikomeye :Mbega uko umukuru w’igihugu abivuga birafise uko bisanzwe bitegekanijwe mu mategeko y’Uburundi ?
Amategeko y’Uburundi avuga iki
Amategeko y’Uburundi aratomoye .Ingingo ya 228 yo mw’ibwirizwa ringenga amatora iratomora ko sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ariyo yonyene itegerezwa kwiturwa igihe cose hadutse impari zivuye mu matora, haba kumatora y’umukuru w’igihugu,ayabashingamateka canke abajenama b’amakomine. Nta nahamwe handitse ko umukuru w’igihugu ariwe ahagararira canke agac urubanza ruhagaze ku mpari z’ matora.Umushingwamanza Félix Niyonkuru,yahoze yegukira urwego rw’abashingwamanza b’Ibujumbura hamwe n’abashikirizamanza,aravyemeza:”Ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu ntashingiro bifise.Mu mategeko y’Uburundi,ntahantu nahamwe handitse yuko umukuru w’igihugu abwirizwa kwiturwa imbere ya sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.Ni ugushaka kugerageza kwiha ububasha bwo kuba umuhuza ahantu amategeko ahagenga aba asanzwe atomoye .”
Abatavuga rumwe na Reta bariyamiriza ico bavuga ko gisa no gushaka kubanigira mu menshi
K’uruhande rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi,imigambwe itari mike muri iyo harimwo CDP,FPI canke Urunani Burundi Bwa Bose, baremeza kuba barakozweko n’utunenge twagaragaye mu matora aheruka kuba: iterabwoba kubanywanyi babo, guhohoterwa,iburabuzwa rimwe rimwe ryegekwa kumbonerakure zegukira umugambwe CNDD_FDD.
Kubwiyo migambwe ,inzego za Reta bigaragara ko ataco zakoze kandi n’ibigara nkana kuko zabona ibiriko biraba .Vyumvikana ko bigoye muri ico gihe ko umukuru w’igihugu aba uwa mbere wo kwitura mu gihe habaye kutemera ivyavuye mu matora .
Umunywanyi w’urunani Burundi Bwa Bose atashatse ko tumuvuga agira ati: “Bigenda gute ngo umukuru w’igihugu yigire nk’umuntu atari abizi kandi twagumye tuvugira hejuru intambamyi turiko turabona kugira ayo matora mu ntumbero yo gukosora kugira abe meza aha ndavuga ihohoterwa n’terabwoba ryakorerwa abanywanyi bacu ?”
Arongera akagira ati :”Inama zose zitunganywa n’umukuru w’igihugu i Gitega muri kino gihe zigamije gucuresha agashavu hamwe no kuzibagiza kugira ntihagire uwukwirikiza inzira zirekuwe n’amategeko .N’uburyo bwa politike ,ataho bihuriye n’ubutungane .”
Ibintu vyose vyoba bigiye kuja mu minwe y’umuntu umwe
Amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yerekana intumbero iteye amakenga ya Reta :Iyo nayo ni iy’urwego nshingwa ntwaro yogushaka gusubirira izindi nzego zose ,iyo nayo akaba ari iyo gushaka kurengera amategeko .Kubatari bake bakwirikiranira hagufi ibibera mu Burundi ,iyo mforo y’umukuru w’igihugu iza inigira mu menshi kubijanye n’ubwigenge bw’inzego .
Umushingwamanza Niyonkuru aragabisha :”Gushaka ko ariwe yiturwa ubwa mbere ,imbere y’ubutungane ,umukuru w’igihugu ashaka guteza igipfungu hagati yahagarukira urwego nshingwantwaro n’urw’ubutungane .Ashaka kwerekana ko ubutungane bukora bubanje guterwa igitsure,ivyo navyo bikaba binyuranye n’ingendo ya demokarasi .”
Muri make :Ni ugushaka guca kubiri n’uko inzego zibwirizwa kuba zitunganijwe
Nta ngingo n’imwe ihamagarira umurundi uwariwe wese kubanza guca k’umukuru w’igihugu imbere yo kwitura sentare yubahiriza ibwirizwashingiro ku mpari zivuye mu matora.Mugushira imbere ico citwazo ,Evariste Ndayishimiye aba aciye kubire n’amategeko ivyo navyo bigaheza bigasubiza inyuma intwaro ishingiye kumategeko .
Aho gukomeza ukwizerana hagati y’inzego, ukwo kwerekana aho ahagaze bituma haba amakenga kuri bwabwigenge hamwe no gushobora gutunganya amatora meza,yizewe kandi arimwo umuco.
Ubutungane bwigenga vyukuri ni ubutungane umuntu ashobora kwitura umwanya uwo ariwo wose atarinze gusaba uruhusha umukuru w’igihugu.
________________________________________________
Ifoto : Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu kiganiro “Ku kivi ” caciye ku mirongo ya radiyo y’igihugu kuwa 6 Mukakaro 2025 © DR