Amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, aho yariko yishura abariko bamuhamagarira gushinga amabanga ababikwiye mubibanza vya Reta vyarateye icuka .Imbere y’igisabo c’uwurongoye ishiramwe OLUCOME , Gabriel Rufyiri asaba kohoshingwa amabanga abantu binryamunyu ,imvugakuri mubibanza bikomeye vy’igihugu ,umukuru w’igihugu yamwishuye yemeza ko bidakunda na gato kurondera mubarundi abantu babushitse kandi bagendera ubuntu .Imvugo yababaje abatari bake ,igatuma hari vyinshi bigenda birashikirizwa n’aba na bariya ,ivyatumye dushaka kumenya ukuri aho guhagaze.
Kw’igenekerezo rya 6 Mukakaro 2025,mu kiganiro “Ku Kivi “,Gabriel Rufyiri arongoye ishiramwe ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta OLUCOME ,yahamagariye umukuru w’igihugu gushinga amabanga abantu bazwi neza kandi bagendera ubuntu .Akaba yaraneguye igenwa mumabanga rifatiye kuri ka mwana wa mama hamwe n’uguta ubuntu mubari mu nzego.
Inyuma yaho ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye vyaratangaje abantu ,aho yagize ati:”Ni uguta umwanya ,ukaba ushaka kuronka abantu b’imvugakuri mu Burundi ( …).Kuba umwizigirwa n’akaryo kaba kabuze gusa .Uno musi umuntu arakwereka kwari intama ,ariko wamushinga amabanga ejo agahinduka imfyisi .”
Ayo majambo yatumye abarundi batari bake bayafata nko gufatira mu kivunga ,nk’uko womengo mu Burundi nta muntu w’imvugakuri yoba akiriho .Imvugo nk’iyo ituma hari ibibazo bikomeye umuntu ashobora kwibaza :Umukuru w’igihugu yoba yararengeje urugero?Hoba koko mu Burundi hakiriho abantu b’imvugakuri ?
Intahe zinyuranye n’ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu
Igihushane c’ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu; benshi mubagiye barashinga intahe bemeza ko hakiriho abantu b’ubuntu , b’imvugakuri, abagabo babushitse ,kandi ko no munzego za Reta barimwo .
Umwe mubategetsi bahoze bakomeye mu mugambwe CNDD_FDD atashatse ko tumuvuga agira ati: «Uburundi bwuzuyemwo abantu benshi b’ubuntu,ariko nta kibanza bahabwa .Nta mazina mvuga ,ariko noshobora kudondagura abatari bake ,haba abari mu mugambwe canke abatari mu mugambwe.»
Iyo ntahe irerekana neza ingorane ziri mubutegetsi hejuru :Si ukabura kw’abantu babizigirwa kandi babishiboye ahubwo ni ukubireka n’ibigira nkana mu kwirengagiza abantu b’ubuntu.
N’umwe mubahoze mu ndongozi z’urwego rw’abakenyererarugamba aravyemeza akagira ati:«Yarakwiye guhagarika iyo mvugo yuko mu Burundi ata bantu b’imvugakuri bahari .Muri make atinya kugena mu mabanga abantu badashobora kwihanganira ibinyoma aguma ashikiriza .»
Arongera akanegura kandi abagize Reta yiwe muri kino gihe ,abona ahubwo ko ubuntu babutaye.
Akarorero k’umuntu w’ubuntu :Umushikirizamanza mukuru wa Répubirika Léonard Nduwayo
Kahise karerekana neza ko Umushingwamanza mukuru wa Repubilika Léonard Nduwayo ,ku ntwaro ya perezida Michel Micombero yagaragaje ubutwari ,ubuntu n’ubushingantahe .Mugihe intwaro y’ico gihe yamutegeka kugumiza abantu mu busho ,wewe yahisemwo gukwirikiza amategeko mukubarekura ,kuko yabona ko kubagumiza mubusho binyuranye n’amategeko .Iyo nyifato y’ubutwari ishingirwa intahe na Pierre Claver Mbonimpa ,umwe mubaharanira agateka ka zina muntu igihe yari umutumire kuri tereviziyo Renaissance.
Akarorero ka Nduwayo karerekana ko abakozi bijunja n’ijambo babayeho mu Burundi kandi ko n’ubu bariho .Kuba imvugakuri kugendera ubuntu si ingorane ,ingorane ni uko ahubwo abantu mwe n’abobafatwa nabi mbere bakanacibwa intege.
Imvugo ica intege
Si ubwa mbere umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avugiye muri rusangi asuzugura abarundi.Bamwe mubarabira kure ibibera mu Burundi basanga ahubwo yoba ashaka gusigura:
- Ibijanye no gushinga amabanga abatabishoboye ;
- ukudahana kugaragara kubarya ibiturire;
- .hamwe rero no gushaka kuzibirira kure abo bose haba abari indani canke inyuma berekana ibitagenda neza .
Mukudaha agaciro ivyo asabwa ko yoja aragena abantu b’ubuntu mu mabanga , umukuru w’igihugu aba ashaka kubaca inkokora hanyuma kandi bigatuma n’abo yagenye biyumva ko n’ubwo bari muri ivyo bibanza ataco bamaze .
Ukugenwa mu mabanga gufatiye kubuyoboke ,atari ubushobozi n’ubuhinga
Kuva umugambwe CNDD_FDD ushitse k’ubutegetsi ,benshi bariyamirije ingendo yo gushinga amabanga abantu bayoboka umuntu ubwiye canke uko yitanga kurusha mu mugambwe .Gabriel Rufyiri agira ati:”Ico umuntu ashoboye hamwe n’ubuntu ntibikiri urufatiro kugira umuntu ashingwe amabanga .Bibandanije bimeze uko ,bishobora gutuma ibintu biguma vyunyuka mubisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu :ubutunzi,imibano na politike.
Muri make:Iyo mvugo y’umukuru w’igihugu ntifise ishingiro kandi irateye ubwoba
Oya, sivyo ko mu Burundi atabantu bimvugakuri babizigirwa bakihari .
Intahe zo gufatirako hamwe n’uburorero bwo muri kahise n’ubwubu buriho umuntu ashobora kwifashisha mukwerekana ko Uburundi bufise abashingantahe n’abapfasoni b’ubuntu kandi babizigirwa mu kibano eka mbere no mu nzego .Ingorane rero si uko abo bantu batariho ahubwo ingorane ni ukutabaha ikibanza .
Mukwemeza ko “gukora iciza ari igitangaro”, umukuru w’igihugu ashaka kwabantu biyakira hamwe no guha intigi ingendo y’ukudahana .Iryo jambo riza rica inkokora abafise agatima ko gukora ngo babere akarorero abandi bongere bazane impinduka mu nzego za Reta k’urwego rwo hejuru.
Aho gushaka gufatira mu kivunga muburyo ataribwo ,vyari vyiza ko ubutegetsi bw’Uburundi buha agaciro bukongera bugashira imbere abizigirwa basanzwe bahari mu bibanza vya Reta .Hamwe hoshirwa imbere abantu b’imvugakuri vyotuma kandi mu Burundi hatsimbatazwa intwaro yizewe na bose kandi ishingiye kumabwirizwa n’amategeko.
________________________________________________
Ifoto : Gabriel Rufyiri,arongoye ishiramwe OLUCOME mu kiganiro “Ku Kivi ” caciye kuri tereviziyo nkuru y’igihugu kw’igenekerezo rya 6 Mukakaro 2025