Umukuru w’igihugu, Évariste Ndayishimiye, aragiriza abahuza abaguzi n’abagurisha kwaribo (commissionnaires) batuma ibiciro vy’ibifungurwa biduga mu gisagara ca Bujumbura. Ariko inyuma y’ayo majambo ya poritike, ibiharuro muvy’ubutunzi vyerekana ukundi kuri. Ukugabanuka kw’agaciro k’ifaranga, ihindagurika ry’ibihe, ingorane mpuzamakungu, na poritike y’ifaranga, vyose vyerekana ko iyo nsiguro ari nto cane. Abahinga batanga inzira zokwifashishwa kugira hahagarikwe itakaza ry’agaciro k’ifaranga ry’Uburundi.
Ku munsi wa kabiri, igenekerezo rya 12 Myandagaro umwaka wa 2025, ku kibuga c’inkino citiriwe Intwari, mu birori vyo gushikiriza Buramatari mushasha w’intara ya Bujumbura na musitanteri wa Mukaza, umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ukuduga kw’ibiciro vy’ibifungurwa mu gisagara ca Bujumbura guterwa n’abahuza abaguzi n’abagrisha .
Kubwiwe , hari abantu “bamara iminsi n’iminsi bama bicaye kuma ligala barindiriye ko igihe co kwimbura gishika”, abandi bakagura imurima utarera (umurwazo), bakika mu kiza binyegeje inyuma y’ubukene bw’amafaranga bwugarije abarimyi.Ivyo bituma ibidandazwa biciye mu ntoke z’abahuza benshi imbere yo gushika ku masoko, biduza ibiciro cane.
Umukuru w’igihugu yatanze akarorero k’igitoke kigurwa amafaranga 3 000 ku murimyi, kikazoshikira umuguzi kigeze ku mafaranga 50 000 kw’isoko ya Kamenge. Inyishu yo yatanze ni uguhuza amakoperative yo mu gisagara ca Bujumbura n’aya ruguru aha akavuga nko ku mutumba wa Rwibaga kugira ngo ibifungurwa bishike ku masoko ku giciro gito.
Uko ibintu biri
Iyo nsiguro y’umukuru w’igihugu ntihurizwako n’abahinga muvy’ubutunzi. Ku bwabo, intandaro z’uku kwiyongera kw’ibiciro ziva kuri vyinshi kandi zifise imizi.
Mu kwezi kwa Rusama 2025, urugero rw’ukwiyongera kw’ibiciro mu Burundi rugeze ku rugero rutari bwigere rushikako rw’ibice 45 kw’ijana. Umuhinga mu vy’ubutunzi, Jean Ndenzako, avuga ko iyo ngorane iterwa na vyinshi, harimwo:
- Ukugabanuka kw’agaciro k’ifaranga ry’Uburundi (BIF) gushika kuri 38,5 kw’ijana mu 2023.
- Ihindagurika ry’ibihe ryabangamiye umwimbu.
- Ingaruka z’ingorane mpuzamakungu ku biciro vy’ibidandazwa.
Ivyo vyatumye cane cane ibiciro vy’ibifungurwa vyiyongera ku rugero rwa 37,2 kw’ijana muri 2023, mu gihe 62 kw’ijana vy’imiryango y’Abarundi iba mu bukene buteye ubwoba.
Jean Ndenzako yongera akerekana ko uguha isoko y’igitoro ishirahamwe rimwe rya Reta kandi ridafise uburambe biri muvyatumye igihugu kija mu ngorane harimwo nivyo kwunguruza ibidandazwa.
Nayo Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe Parcem, arasigura intandaro zikomeye 6 z’uku kwiyongera kw’ibiciro:
- Umwimbu muke.
- Ukugabanuka kw’agaciro k’ifaranga ry’Uburundi.
- Igiciro c’ukwiyunguruza kiri hejuru cane.
- Ukwongerekana kw’amafaranga mu gihugu kuruta ukwiyongera kw’umwimbu.
- Poritike y’amafaranga akoreshwa na Reta idahuye n’ivyankenerwa.
- Ugutituka muri rusangi kwibikorwa bijanye n’ubutunzi.
Ikigega mpuzamakungu (FMI) naco nyene carasohoye icese ku wa 15 Ndamukiza 2025urwandiko, kivuga ko ukwiyongera kw’ibiciro kwari kwagabanutse munsi ya 15 kw’ijana mu gice ca mbere ca 2024 kubera poritiki yo kuduza ifaranga hamwe no kugabanuka kw’ibiciro vy’ibifungurwa, kwasubiye kwiyongera gushika kuri 39 kw’ mu mezi abiri ya mbere ya 2025. Iryo duga ahanini ryatewe no kwongerekana kw’ifaranga mu gihugu.
FMI iragabisha ko mu gihe Reta izobandanya ikora amafaranga kugira ishire mu ngiro imigambi yayo , igihugu kizobandanya kuja mu kaga muvyerekeye ukuduga kw’ibiciro gushika muri 2027. Guhagarika itituka ry’ifaranga ry’uburundi bitegerezwa kuja muvyihuta.
Insiguro y’ukuri
Si vyo – Guhuza ko abajuza abaguzi n’abagurisha n’iduga ry’ibiciro n’insiguro yokwiyorohereza .
Inzira zitangwa n’abahinga
Jean Ndenzako asaba ko:
Banki nkuru y’igihugu yokwongereza ibikorwa vyayo kw’isoko y’amafaranga.
Kwongereza bimwe biboneka inguvu kugira itituka ry’ifaranga rihagarare biciye mu nzira zitandukanye;
Gusubiramwo neza ibijanye no gutanga amasoko kuri bimwe mubidandazwa , harimwo:
- Gusubizaho ibigega vy’integabizoza.
- Kworohereza mu buryo bw’imfatakibanza iyinjira ry’ivyankenerwa.
- Gushiraho inzira ngufi z’ugushikana ibifungurwa ku masoko.
Kubwiwe,izo ngingo zoshobora gutuma hari ibiciro bigabanuka mu kiringo c’ukwezi 1 canke 2, ariko bisaba ko hategurwa uburyo bwo gusuzuma kugira bahagarike abagira urudandazwa mukunguka umurengera .
________________________________________________
Isanamu : Mu birori vyo gushikiriza buramari mushasha wa Bujumbura, umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye yagirije abahuza abaguzi n’abagurisha kwaribo (commissionnaires) batuma ibiciro vy’ibifungurwa biduga mu gisagara ca Bujumbura. © DR