Close Menu
    What's Hot

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 2025

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 2025

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?
    • Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?
    • Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa
    • Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?
    • Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi
    • Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa
    • Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire
    • Ukwitanga kw’abarwanyi ba CNDD-FDD kwoba koko «kwatumye abarundi babaho bahimbawe »
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Wednesday, 8 October 2025
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko EAC woba ugiye kuzimangana: Umuntu afatiye kugushaka hamwe n’igihushane cibibera k’urubuga

    Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko EAC woba ugiye kuzimangana: Umuntu afatiye kugushaka hamwe n’igihushane cibibera k’urubuga

    0
    By BURUNDI FACTS on 31 August 2025 poritike
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Umuryango uhurikiyemwo ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko EAC wari ufise indoto yo gushika kure: mu gukuraho imbibe hagati y’ibihugu biwugize, ikoreshwa ry’ifaranga rimwe, n’ibindi. Inyuma y’imyaka 25, iyo ndoto isa n’uko bigoye kuyishikako. Umuntu afatira kubituma umuryango wiyunga biza bitandukanye n’ibiriko biraba muri kino gihe.

    Ugutatana kw’umuryango wa EAC kuragarira i Dar es_salaam ,aho mu kwezi kwa Mukakaro 2025, Reta ya Tanzaniya yahagaritse imyuga igera kuri 15 kubanyamahanga bose bose  bose bava mu bihugu vyo mu karere: kumwa, kudandaza, kurungika amafaranga, gukora za ngendanwa, Tanzaniya yitwaje ko ishaka «gukingira abanyagihugu b’amikori mato bo muri ico gihugu bashaka kwiyungunganya.»

    Iyo ngingo yafashwe na Tanzaniya yaje ihonyanga amasezerano agenga isoko rusangi muri Afrika y’ubuseruko: ingingo ya 2  irarekurira abanyagihugu bakomoka muri EAC uburenganzira bwo kwishira n’ukwizana mu bihugu bigize umuryango, gukora, no kuba aho bashatse;ingingo 7 ivuga neza ko umunyagihu wo muri uyo muryango ashobora kwinjira, akaba akongera akarondera akazi kandi atakumirwa ririnze kuba; harashobora gufatwa ingingo ziharije ariko hatanzwe kandi insiguro zifasha kubindi bihugu bigize umuryango. Ivyo navyo bikaba bitigeze biba kuri iyi ngingo yafashwe nk’uko vyategerezwa.

    Yamara ako ni kamwe muturorero umuntu ashobora gufatirako mukwerekana amakenga  kuri kazoza k’umuryango. Umutekano wo muri RDC hamwe n’inkwirikizi zawo kuri kazoza n’iyinjira ryukuri muri uwo muryango vyerekana ibindi.

    Umutekano muke urangwa mubuseruko bwa Congo, kimwe mubiza bihungabanya ukwiyunga kw’umuryango wa EAC

    Kuva muri 2022, umurwi urwana wa M23, woba ushigikiwe n’igihugu c’Urwanda nk’uko bisvugwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ,uramaze kwigarurira ahatari hato mu buseruko bwa Congo. M23 n’iyo igenzura uburere bwa Goma, Walikale canke Bukavu , mu gihe indwano zibera muri ico gice zatumye abantu  batari bake bata izabo. Izo ntureka ziza zinigira mu menshi ukwiyunga kw’umuryango wa EAC.

    Mukugeragegeza gutorera umuti izo ntureka, umuryango wa Afrika y’Ubuseruko wararungitse inteko za EACRF inyuma yo gusubirizwa n’ingabo za SAMIDRC zarungitswe na SADC  (zari zigizwe n’ingabo ziva muri Afrika y’epfo, Malawi na Tanzaniya ).

    Kubw’indongozi za EAC,ingorane zibonekeza muri kino gihe ziri kure y’ibibazo vy’ubutunzi: n’ingorane ijanye n’umutekano uguma uhungabana. Ubuseruko bwa Congo ahubwo muri kino gihe busa nk’uko ari igisebe kiguma kiva Kikaba kibangamiye akarere kose k’umuryango wa EAC.

    Umutekano muke utuma habaho imbibe n’abata izabo

    Izo ndyane zibangamira umutekano w’ibihugu.Mu kwezi kwa Nzero 2024, imbibe hagati y’Uburundi n’Urwanda zarugawe kandi n’ubu zirugaye, ikimenyetso cuko umutekano w’ibihugu ariwo uza imbere aho kureka abantu ngo bishire bongere bizane. Umunyabanga mukuru w’umugambwe CNDD_FDD, uri k’ubutegetsi mu Burundi vuba aheruka gutangaza ko imbibe zizoguma zugaye igihe cose u Rwanda rutazoba ruratanga abo bagirizwa gushaka  gutemabagaza ubutegetsi muri 2015.

    Hagati aho urwaruka rw’abarundi ruguma rwirukanwa agasakisaki mu gihugu ca Tanzaniya. Amashirahamwe adaharanira ivy”icaro vya poritike ihagarikwa rinyuranye n’amategeko, ihohoterwa,iyirikanwa riteye agahinda: “bamwe baza barahahamutse ,batagishobora mbere kugira ico bimariye”. Ubwo nabwo ni ubundi buryo bwokwugara kugira ryahangiro ry’umuryango ntirishikweko .

    Igihushane c’ukwiyunga kw’umuryango dufatiye: ku majambo ashikirizwa hamwe n’ibikorwa

    Muri kino gihe, hari ibihushane mu bijanye no kwiyunga kw’umuryango wa EAC. Indongozi zibandanya zihayagiza ukwiyunga kw’umuryango gushika ku rwego rwo hejuru, mu gihe, ibigaragarira mu bibera hagati y’ibihugu bigize umuryango vyerekana ukwizibirirako. Icegeranyo co 2023 ca East African Business Council kirabigaragaza neza ,aho kigira hiti : ” mu gihe ibihugu bizoba bishira imbere kurusha umutekano wavyo aho gushira imbere ukwiyunga, EAC izoguma imeza nk’igishusho kandi ntahangiro izopfa yarashitseko.”

    Urudandazwa mu karere k’umuryango wa EAC kagarukira ku bice 15 kw’ijana, urugero ruto umuntu afatiye kubwaguke bw’isoko ya’akarere muri rusangi, kanatsinda  ni n’uruhombo umuntu afatiye kuvyo ibihugu bigize umuryango vyiyemeje.

    Muri make

    Hagati yo kwihayagiza n’ibiri k’urubuga hariho itandukaniro rinini, umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC uriko urahungabana. Ubuseruko bwa Congo burangwamwo indwano zigatuma abantu  bata izabo, ni kimwe mubigaragaza ibangamirwa ry’ubwiyunge bw’umuryango. Ukwirukana abarundi bikorwa na Tanzaniya hamwe no kwankira imyuga abanyagihugu bakomoka muri EAC muri ico gihugu vyerekana ko ibivurwa n’ivyanditse binyuranye n’ibikorwa. Ukwiyunga  ni  ikiraro gituma umuryango ukomera kandi ugatera imbere kurusha ubwigenge bw’igihugu kimwe kimwe ubwaco.

    ________________________________________________

    Isanamu : Amabendera y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC. © DR

    Related Posts

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 20253 Mins Read

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 20254 Mins Read

    Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire

    13 September 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 202503 Mins Read

    Amakuru yahanahanywe ku mbugahwaniro arahushanye n’uko ibintu vyifashe, abasirikare b’abarundi ntibariko barakinjura mu gisagara ca…

    poritike

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 202503 Mins Read

    Ku magenekerezo ya 4 na 5 Nyakanga 2025 i Muyinga, hamwe na 10 Nyakanga i…

    poritike

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 202504 Mins Read

    Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga harahimbzwa umusi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi (démocratie), umusi…

    Amakuru Yacu

    Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?

    23 September 202503 Mins Read

    Ireresi yerekana umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye aciye imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2025 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.