Ku wa 23 Mukakaro 2025, ari i Gitega, umurwa mukuru wa poritike w’Uburundi, Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, Iterambere rusangi n’Umutekano rusangi, yategetse ko ibiciro vyashinzwe na Leta mu bijanye no kwiyunguruza vyo kwubahirizwa ata n’umwe asigaye inyuma. Yagaragabishije ko uwo wese azofatwa azohanwa bikomeye.Inyuma y’iyo ngingo ivyo ivyokwiyunguruza bikaba vyaciye bihagarara mu gisagara ca Bujumbura no mu zindi ntara. Mbega ko iyo ngingo irafise ishingiro muri kino gihe? Reka turabire hamwe uko ibintu vyifashe.
Igenekerezo rya 23 Mukakaro,mu nama i Gitega, umushikiranganji Martin Niteretse yagabishije avuga ko umuntu wese atariko yubahiriza ibiciro vyo kwiyunguruza hagiye kubaho imanza z’ikibiriraho hamwe n’ihadabu rigera ku muriyoni mu mafaranga y’amarundi.Iyo ngingo iremezwa n’abajejwe intwaro batari bake kandi yaraciye cane kubinyamakuru bitari bike vya Reta.
Ibiciro vyashinzwe ariko bigoye gushira mu ngiro
K’urubuga, abunguruza abantu bemeza ko uko ibintu vyifashe bidakunda ko ingo mwe n’izo zija mu ngiro. Ku gituro ca Cotebu, kimwe mu bituro binini vyo mu gisagara ca Bujumbura,abatwara imiduga yunguruza abantu twavuganye bagira bati:
.Igitoro camagendo kirarenza ibihumbi 15 kw’iritiro
.Ubukene bw’igitoro kugiciro kizwi, kubera ko Sopebu igire ikwize ukwezi kurenga idahaye sitasiyo n’imwe.
Kubera ivyo, amashirahamwe yunguruza abantu yahisemwo guhagarika ingendo .Ibituro nka Cotebu (Bujumbura) na (Zege) bikaba vyari vyuzuye ingenzi zitagira ayo zicira n’ayo zimira.
Ihagarikwa ry’ibikorwa n’ibigira nkana
Kubera gutinya ibihano canke uruhombo,abunguruza abantu batari bake bahisemwo guhagarika ibikorwa n’ibigira nkana. Kubwa Charles Ntirampeba avugira ishirahamwe ry’abugunguruza abantu n’ibintu (Atrabu) agira ati:
” Abunguruza abantu ntibashaka guhagarika ubuzima bw’igihugu, ariko kandi ntibashobora kwemera kubandanya bakora bahomba .”
Abiyunguruza nibo bambere bakorwako n’ihagarikwa ry’ibikorwa
Ihungabana ry’ibikorwa riragira inkwirikizi kubiyunguruza .Amakuru ava mu biyunguruza i Bujumbura n’ai Gitega yemeza ko ibintu bitifashe neza:
Kuri Cotebu ,abiyunguruza bakaba bari batonze kuva mu gaturuturu.
I Zege ,bamwe bakaba bari barindiriye ikibunguruza haraheze ikiringo c’imisi itatu,bimwe muvyo bari bafise bikaba vyari vyatanguye kwononekara.
“Nategerezwa kujana ibiribwa i Bujumbura.Uno musi ,vyatanguye kubora .” umwidogo w’umwe mubadandanza twaganiriye .
Nta ngingo n’imwe ifashe irafatwa kugira haboneke igitoro
Kuva ingingo itanganjwe kw’igenekerezo rya 23 Mukakaro ,nta ngingo iboneka irafatwa (gutanga igitoro kigenewe abunguruza abantu ,kugira haboneke akoyoko) kugira haboneke agahengwe muri ico gisata .
Igenekerezo rya 13 Mukakaro, Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu yari yahasavye ko igitoro cokoreshwa neza muri aya majambo :”Igitoro ni nk’amaraso atembere mu mitsi.Abo ataco bariko barakora kugira haboneke amafaranga mvamakungu ntibategerezwa gusaba ibirenze.”
Ariko ivyo yavuze bikaba vyahereye mu majambo kuko ata ngingo mperekeza zafashwe,n’a cane cane mubijanye n’ingingo ziharije igisata co kwunguruza abantu.
Mu ncamake
Ingingo ya Reta isaba iyubahirizwa ry’ibiciro vyashinzwe mu gisata co kwiyunguruza n’iyo.Yamara ,n’ingingo ije mu gihe hagaragara ikina ry’igitoro kuma sitasiyo hamwe n’igiciro kivuna Ku gitoro camagendu.
Mu gihe ata ngingo mperekeza zirafatwa ,ibihano vyatangajwe vyaje bitanga inyishu ihushanye n’iyari yitezwe :Ihungabana mubijanye no kwiyunguruza,ivyatumye n’ubutunzi buhungabana mu ntara zitandukanye .
Muri make:
_Reta nivyo yarashinze ibiciro
_Ariko mugihe ibintu biri uko biri ,biragoye ko yubahirizwa
_Ico vyatanze:ihagarikwa ry’ibikorwa ,ibikora kubiyunguruza n’abadandaza.
Kugira ibintu bifate umurongo harakwiye ingingo zofatwa Reta ibanje kuganira n’abakorera muri ico gisata co kwunguruza abantu n’ibintu .
________________________________________________
Ifoto:Ingenzi zaburaniwe zirindiriye imodoka zitari buronke kuri COTEBU, ingendo zahagaze © DR