Close Menu
    What's Hot

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 2025

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 2025

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?
    • Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?
    • Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa
    • Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?
    • Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi
    • Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa
    • Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire
    • Ukwitanga kw’abarwanyi ba CNDD-FDD kwoba koko «kwatumye abarundi babaho bahimbawe »
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Wednesday, 8 October 2025
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa

    Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa

    0
    By BURUNDI FACTS on 13 September 2025 Ubutunzi
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarijeje abanyagihugu bo muri komine Kiremba kazoza gasayangana biciye mu giterwa c’amavoka. Ariko ku rubuga, ubukene  bw’impapuro zitangwa zijanye n’ubuziranenge, amikoro make y’abarimyi hamwe no kuzera inze biratanga igihushane kubijanye n’imbono. Amatohoza yacu.

    Mu birori vyo gushikiriza musitanteri mushasha wa komine Kiremba mu ntara ya Butanyerera, umukuru w’igihugu yarakoresheje imvugo yerekana icizere co muri kazoza aho yagize ati: «mwebwe murahiriwe muzoba muri abatunzi mu myaka 5 iri mbere,umwe wese azoba afise umuriyoni mu mufuko. »

    Imvugo iraremesha nivyo ariko ibintu bimeze gute vyukuri?

    Ikigaragara n’uko iyo mvugo y’umukuru w’igihugu atacizere itanga.

    Nta buhinga bwokwemeza ko ivyahinguwe bikwije ubuziranenge

    Kugira ivyahinguwe bivuye mu biterwa bishobore gushikanwa ku masoko mpuzamakungu bitegerezwa kuba bifise urupapuro rwemewe. Ariko rero mu Burundi, ubwo buhinga busa n’uko ataburiho.

    «Rimwe rimwe, urupapuro rutangwa n’ikigo CNTA ruremerwa ahandi naho ntirwemerwe. » ivyemezwa n’umwe mu bakozi bo mubushikiranganji bw’ubudandaji bakuwe na Burundi Facts.

    Igikorwa n’uko,amavoka yo mu Burundi adashorwa hanze yitirirwa igihugu, kuko biheza bigakorwa n’abadandaza bava mu gihugu ca Kenya canke abo muri Tanzaniya basanzwe bafise ibigo bitanga impapuro z’ubuziranenge iwabo. Amavoka y’Uburundi agaca aheza agashika kw’isoko mpuzamakungu abitirirwa.

    Akabirya kivyo twirimira gakamishwa n’ibihugu bibanyi

    Umuhinga mubijanye n’uburimyi Rénovat Nitunga ntarya umunwa aho agira ati: «abadandaza b’abatanzaniya n’abakenya nibo bungukira m’urudandazwa rw’amavoka y’Uburundi. »

    Ibiharuro birashimangira ayo majambo: muri 2023, ikiro c’amavoka cagurwa hafi 2083 mu mafaranga y’amarundi mu ntara ya Kayanza. Yamara mugihe arenze imbibe z’igihugu, ico kiro kiraheza kikagurishwa kugera 14879 mu mafaranga y’amarundi. Ubusumbasumbane mubijanye n’ibiciro burenga incuro indwi, ivyerekana ko umurimyi w’umurundi ata kibanza kinini ahabwa muri urwo rudandazwa.

    Ingorane zurusukirane zikomeye

    Uretse ingorane z’impapuro,igisata c’amavoka kirahanzwe n’:

    • ubukene bw’amatongo,kubera umurindi w’irwirirana ry’abantu;
    • ukuba abanyagihugu batobato batabona ko igiterwa c’amavoka ari igiterwa cinjiza;
    • ukubura kwabahinga muri ico gisata vyunyurwa no kuba hari koperative nke kandi zidafise ubumenyi.

    Rénovat Nitunga agira ati: «kugira amavoka ashobore kuba igiterwa njabukamazi, umuntu atabanje gukemura ibibazo bitandukanye, amahirwe aragoye gushikwako. »

    Icizere gitangwa kiratandukanye n’ibiri k’urubuga

    Ikigaragara n’uko hari ubutandukane hagati y’ijambo ry’umukuru w’igihugu n’ukuri kw’uko ibintu vyifashe:

    • Igihugu ntikigira inyubako n’amategeko akenewe kugira gishore hanze amavoka;
    • Inyungu abarimyi bakura mu mavoka iracari nto, abanyamahanga nibo bavyungukiramwo;
    • Ico gisata kiracabuze ubufasha buhagije bwa Reta

    Murimake

    Oya, abarimyi bo muri komine Kiremba ntibazoba ari abarwizatunga mu myaka 5 iri imbere mu gihe intambamyi zibonekeza zitarakemurwa. Uburimyi bw’amavoka burafise akarusho kagaragara,yamara azovyazwa umusaruro biciye muri poritike y’igihugu itomoye hamwe no kugwiza ubuhinga.

    Ibintu bimeze uko, imvugo y’umukuru w’igihugu igaragara ko ari imvugo ya poritike aho kuba imvugo igaragaza ubutunzi bwizewe mu misi iri imbere.

    ____________________________________________

    Isanamu: Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye ariko aragendera umurima w’amavoka. © DR

    Related Posts

    Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi

    14 September 20253 Mins Read

    Abahuza abaguzi n’abagurisha nibo batera iduga ry’ibiciro ? Abahinga mu vy’ubutunzi barabihakana

    18 August 20253 Mins Read

    Ukwubahiriza ibiciro vyo kwiyunguruza mu Burundi : ingingo igoye gushira mu ngiro umuntu afatiye kukuri kwuko ibintu vyifashe muri kino gihe

    1 August 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 202503 Mins Read

    Amakuru yahanahanywe ku mbugahwaniro arahushanye n’uko ibintu vyifashe, abasirikare b’abarundi ntibariko barakinjura mu gisagara ca…

    poritike

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 202503 Mins Read

    Ku magenekerezo ya 4 na 5 Nyakanga 2025 i Muyinga, hamwe na 10 Nyakanga i…

    poritike

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 202504 Mins Read

    Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga harahimbzwa umusi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi (démocratie), umusi…

    Amakuru Yacu

    Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?

    23 September 202503 Mins Read

    Ireresi yerekana umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye aciye imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2025 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.