- Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
- kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
- Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
- «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
- Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
- Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
- Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
- Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
Author: BURUNDI FACTS
Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye no gutunganya ingendo zabo. Ivyo bikaba biva ku ngingo nshasha yashizweho n’umushikiranganji w’imigenderanire, aho yashizeho urupapuro rwo kwimenyekanisha (fiche d’identification) ubushikiranganji bukavuga ko rugamije cane cane gukinga amabi n’akarenganyo bishobora kubaho mu gikorwa co kurondera abakozi, no gukomeza uruhara rwa Reta mugukingira abanyagihugu bayo baba bari mu mahanga. Ariko vyukuri, iyo ngingo koko igamije gukingira abo bakozi, canke hari izindi mvo ziri inyuma zitavugiwe ku mugaragaro? Mw’ikete ryo ku wa 22 kigarama 2025, ryarungikiwe abarongoye amashirahamwe aronderera akazi abakozi baja kw’isumamwo mu bindi bihugu, Umushikiranganji…
Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko urateba kuboneka. Amatohoza yakozwe yongera ashirwa ahabona n’ishirahamwe King Umurundi Freedom yemeza ko hariho ubutare bwo mubwoko bwa litiyumu (lithium) bungana n’ama toni 100 bwafariwe mu bubiko bw’ishirahamwe BME riri mu Ngagara, aha naho akaba atanumwe yahagaritswe nka nyene ubwo butare. Ivyo bikaba vyerekana ko umukuru w’igihugu inguvu ziwe zifise aho zigarukira imbere y’ibihangange, muri abo hakaba harimwo umukuru w’inama Nshingamateka, Gélase Daniel Ndabirabe. Kuva ashitse k’ubutegetsi, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagumye agabisha abimba bakongera bakadandaza ubutare mu mpisho. Yagize ati: «Uwuzofatanwa ubutare mu mpisho,…
Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke n’umwimbu w’umusesekara w’ibifungurwa,ukuri kugaragara n’uko hariho igihushane. Ugucerwa mugutanga ifumbire,kweza amaso umuntu umwe atanga ifumbire, uburimyi atari ubwa kijambere hamwe n’ubusumbasumbane bw’amatongo: ingorane zurusukirane zihari ni nyinshi bigatuma umuntu agira amakenga kuri ako kamo k’umukuru w’igihugu. Ku musi wa mbere igenekerezo rya 27 Gitugutu 2025, umukuru w’igihugu yaratanguje k’umugaragaro umwaka w’uburimyi k’umutumba wa Rutyazo,ni muri komine ya Mwaro intara ya Gitega,ku civugo «Twisunze imbonakazoza y’igihugu,twunge urunani mukugwiza imfungurwa zikwije». Mw’ijambo ryiwe,yahamagariye abanyagihugu kubungabunga isi ndimwa kugira Uburundi buronke umusesekara w’ibifungurwa. Yamara n’ubwo yateye ako kamo,…
Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha. Kugira «bakirwe» na bagenzi babo bapfunganywe, bategerezwa gutanga amahera ari hagati y’ibumbi 50 n’ibihumbi 200 mu mafaranga y’amarundi, amahera bita ngo «n’amafaranga ya buji». Kubw’amashirahamwe Aluchoto na Ntabariza, bamwe mubatwara amabohero n’abapolisi barisamaza ahandi naho bakajamwo muri ubwo busuma. Ivyo vyagiriji biratuma umuntu yibaza ibitari bike kubijanye n’igiturire, agateka k’abapfungwa hamwe n’umuzigo mubijanye n’uburyo buremekwa umuryango. Mu busho butandukanye n’amabohero, abapfungwa bashasha boba barwa mubusuma butunganijwe. Vianney Ndayisaba, arongoye Aluchoto agira ati: «Mu busho butandukanye, hariho ico bita amafaranga ya buji. Umupfungwa adatanze ibihumbi 50…
Haraheze imisi, hari amakuru acishwa ku mbuga za X avuga k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi kandi yahoze yubashwe mu mugambwe CNDD-FDD. Inyuma y’amatohoza, twasanze ata makuru yizewe namwe yemeza iyo nkuru: Général aracari mu bitaro i Gitega aho acungiwe. Vyose vyahereye ku butumwa bwaciye k’urubuga rwa X rwuwiyita @RhumatologueS, yemeza ariko atavyemezo atanze aho yagira ati: «Inkuru iradushikiriye, Général Bunyoni ahejeje kwitaba Imana inyuma yo kuborezwa igufa n’ukwicwa urwagashinyaguro n’ubu butegetsi bwa Général Neva. » Mukanya gato, urwo rukurukuru rwarahanahanywe mu migwi itandukanye ya whatsapp, bituma benshi bashaka kumenya uko amagara yuwahoze ari…
Inkuru yagiye irahererekanwa muri bimwe mubinyamakuru yemeza ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, yoba yasavye Ubufaransa ko buhagararira ibiganiro bihuza Uburundi n’Urwanda kugira icuka gicurehe. Iy’aba vyarivyo, yobaye imtambwe ikomeye muvy’imigenderanire. Ariko vyukuri ibintu vyifashe gute? Nta tangazo na rimwe ryo mubiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi vyemeza ayo makuru. Umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubufaransa, mu makuru akunda gutanga yerekeye imigenderanire y’Uburundi n’Ubufaransa nta nahamwe avuga ibijanye n’ibiganiro. Ahubwo ibinyamakuru mpuzamakungu bikomakomeye bikwirikiranira hagufi imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda nka Reuters, AFP, RFI, canke Jeune Afrique, nta nahamwe vyigeze bivuga uruhara rw’Ubufaransa muri iyo dosiye. Aba Paris canke Gitega ntavyo bemeza K’uruhande rw’ubufaransa, ntakimenyetso na kimwe…
N’ubwo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yizeza ko Uburundi bufise igitoro «gikwiye» ukuri kugaragara k’urubuga kwerekana ibindi. Ubukene bw’igitoro buragaragara mu ntara zitandukanye;Sopebu ntatangazo yigeze isohora ishimangira ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu kandi n’abiyunguruza ntacizere. Ivyo vyose vyerekana ko ivyagiye birashikirizwa ari uguhuma amaso kw’ikena ry’igitoro rimaze imyaka n’imyaka. Ariko ashikiriza icese musitanteri mushasha wa komine Bugendana mu ntara ya Gitega, ku musi wa kane igenekerezo rya 23 Gitugutu 2025, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaremeje ko igihugu gifise igitoro gikwiye. Kubwiwe, ikena ryibonekeza riterwa n’aba nyene amasitasiyo «badashaka kuja kugitora muri Sopebu» Yagiriyeko anagabisha ko banyene ayo masitasiyo «badakwiriye no kubaho», ko kandi…
Idorari ry’abanyamerika ryarakorotse bimwe bitangaje mu kiringo c’indwi zibiri ziheze, inyuma yo guca risubira kuduga mukanya gato. Bamwe bakaba babibonyemwo ikimenyetso cuko ifaranga ry’Uburundi ryoba «ryisubije agaciro». Abandi n’abo babona kure bakaba berekana ko ivyo atashingiro bifise rifadika mubijanye n’ubutunzi. Ng’ibi bimwe bimwe vyashikirijwe n’abahinga muvy’ubutunzi hamwe nibigaragazwa n’isoko yo mukinywabi y’amafaranga mvamakungu. Ikoroka mukanya gato ry’igiciro c’idorari ry’abanyamerika ryatanguye kugaragara mu ntango z’ukwezi kwa Gitugutu, neza na neza inyuma y’itariki 7, igenekerezo rihurirana n’igihe imiduga ipakiye amatoni 260 y’ubutare yasohoka igihugu yerekeza mu gihugu c’Ubushinwa. Imisi yakwirikiye, igiciro c’idorari kw’isoko kikaba cavuye ku 7300 kija 5000 mu mafaranga y’amarundi,…
Urukurukuru kubijanye nuko amagara yuwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni uko yoba yifashe, yarahanahanywe ku mbugahwaniro imisi itari mike. Inyuma yo kurondera, hari ivyo twaronse bishobora gutuma umuntu aronka umuco. Nivyo, Alain Guillaume Bunyoni, asanzwe apfunzwe kuva muri Nyakanga 2023, ari mu bitaro vy’akarere vya Gitega. Nk’uko twavyiboneye cokimwe n’amakuru yizewe dufise n’uko ari mu cumba gicungerewe bidasanzwe. Icumba acungiwemwo ngaho mubitaro, kizwi nk’ico abakire, cegeranye naho bakirira abashaka ubufasha bwihuta. Amakuru dukura ahatandukanye yemeza ko yinjijwe ibitaro k’umusi wa gatatu igenekerezo rya 15 Gitugutu umwaka wa 2025. Ugucungwa kudasanzwe, kandi gukurikiranirwa hagufi Icumba arimwo cama gicunzwe umwanya…
Amajambo yashikirijwe n’umurwizatunga w’umunyarwanda, Sadate Munyakazi, yaravuzweko ibitari bike. Aho yariko aganiririra urwaruka rw’umugambwe uri k’ubutegetsi mu Rwanda FPR mu karere ka Gicukiro, mu gisagara ca Kigali, kw’igenekerezo rya 12 Gitugutu 2025, yaruhamagariye gukora rutiziganya kugira mu mwaka wa 2050, ruzobe arirwo rutanga akazi. Ijambo yashikirije ryarateye icuka aho yongeyeko, yuko abanyarwanda bashobora «kuzoba baha akazi abarundi n’abakongomani ko gukubura amabarabara no gusukura utuzu tw’ubwiherero». Ayo majambo afatwa nkayuzuye agasuzuro, akaba yarababaje abatari bake, uretse abarundi n’abakongomani bakoresha imbugahwaniro, eka n’abanyarwanda batari bake, aho mbere basavye ko yosaba imbabazi k’umugaragaro. Aho kwigarura, Munyakazi ahubwo akaba k’urubuga rwiwe rwa X, yahavuye…