Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Tuesday, 20 January 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Sadate yararengeje urugero, FPR ntimushigikiye

    Sadate yararengeje urugero, FPR ntimushigikiye

    0
    By BURUNDI FACTS on 23 October 2025 Amakuru Yacu
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Amajambo yashikirijwe n’umurwizatunga w’umunyarwanda, Sadate Munyakazi, yaravuzweko ibitari bike. Aho yariko aganiririra urwaruka rw’umugambwe uri k’ubutegetsi mu Rwanda FPR mu karere ka Gicukiro, mu gisagara ca Kigali, kw’igenekerezo rya 12 Gitugutu 2025, yaruhamagariye gukora rutiziganya kugira mu mwaka wa 2050, ruzobe arirwo rutanga akazi.

    Ijambo yashikirije ryarateye icuka aho yongeyeko, yuko abanyarwanda bashobora «kuzoba baha akazi abarundi n’abakongomani ko gukubura amabarabara no gusukura utuzu tw’ubwiherero».

    Ayo majambo afatwa nkayuzuye agasuzuro, akaba yarababaje abatari bake, uretse abarundi n’abakongomani bakoresha imbugahwaniro, eka n’abanyarwanda batari bake, aho mbere basavye ko yosaba imbabazi k’umugaragaro.

    Aho kwigarura, Munyakazi ahubwo akaba k’urubuga rwiwe rwa X, yahavuye yandikako inyuma yaho agira ati: «indongozi zigisha gucanamwo aho guteza imbere ibihugu zirongoye, ntakindi ziba zigamije atari ukuraga abanyagihugu babo kuba abacakara muri kazoza. »

    Yaranongeye aravyunyura aho yavuze ko Urwanda rwakiriye abarundi n’abakongomani mukubakingira ukudatwarwa n’ikiyaga.

    FPR iriyamiriza uyo murwizatunga

    Inyuma yivyo vyashikirijwe, indongozi mu mugambwe FPR zarihuse kugira ico zishikirije. K’urubuga rwiwe rwa X, Abdelaziz Murenzi yagize ati: «ivyashikirijwe na Munyakazi biraba we ubwiwe ntabwo ari ivyashikirijwe n’umugambwe FPR canke abanyarwanda bose muri rusangi». Yaranibukije ko abanyarwanda bamana k’umutima: « ukuntu bakiriwe imyaka itari mike mu bihugu bibanyi inyuma yuko biyubaka».

    Umushikiranganji w’imigenderanire Olivier Nduhungirehe, wewe akaba yarasubije k’umurongo umumenyeshamakuru wa Radiyo Tv10 yariko asa n’uwufata minenerwe ayo majambo ya Munyakazi. Aho yagira ati ntiyumva ukuntu bomwiyamiriza kandi ivyo yashikirije ari «ukuri». Nduhungirehe yagize ati: «hagarika ivyo uvuze, nukuja uramenya ko ukurikirwa n’abantu benshi».

    Gusaba imbabazi bisa nivyagiyemwo inguvu

    Kw’igenekerezo rya 16 Gitugutu, Sadate Munyakazi yahavuye asaba imbabazi k’umugaragaro. Ariko kubatari bake izo mbabazi zoba zavuye ku gitsure c’abatari bake bamuteye.

    Ninako Balthazar Niyonzima, umurundi yegereye ubutegetsi bwa Gitega abibona, aho yanditse k’urubuga rwiwe rwa X yemeza ko Munyakazi «yanditse ivyo ubutegetsi bw’Urwanda bwibaza ariko butavugira hejuru». Kubwiwe, ayo majambo yoba yerekana ugushaka kw’abanyarwanda kwo gushira mubucakara impunzi ziriyo.

    Icuka gifise ico gisigura

    Uko biri kwose, umuntu agerageje gusesangura, ivyashikirijwe na Sadate Munyakazi bigaragaza ukutabona kure muvya poritike hamwe no kudashobora gutandukanya indongozi n’abo zirongoye. Abanyagihugu batobato nta ruhara bafise mu ngorane ibihugu birimwo, ivyo bikagaragaza yuko uyo murwizatunga yoba atavyo azi.

    Mubihe nk’ibi hariho ukutumvikana mukarere hagati y’Urwanda n’ibihugu bibanyi, amajambo yashikirijwe asa n’ayaje akubita agati mu ntozi.

    Related Posts

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 20264 Mins Read

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 20253 Mins Read

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.