Ireresi yerekana umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye aciye imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid Tebboune atamuhaye ukuboko ngo amuramutse yarateje uruhagarara ku mbugahwaniro. Ivyo bikaba vyafashwe nko kugaragaza akababaro mubijanye n’imigenderanire, mu gihe ivyabaye ari ikwihenda gusanzwe mubatunganya ingendo n’ibikorwa vy’abategetsi.
Ireresi yarahanahanywe ku mbugahwaniro yemeza ko umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye yoba yanse guha ukuboko umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid Tebboune n’ibigirankana mu birori vyo kwugurura ihayanisha gurisha rihuhuza ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika (IATF 2025). Bamwe mubakoresha imbugahwaniro, babona ko ico ari ikimenyetso kigaragaza agashavu muvy’imigenderanire Uburundi bufitiye igihugu ca Algérie.
Intandaro ya vyose :urugendo rw’umushikiranganji wa mbere muri IATF 2025 mu gisagara ca Alger
Kw’igenekerezo rya 2 Nyakanga 2025, umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye yarafashe urugendo yerekeza mu gisagara ca Alger aho yaserukiye umukuru w’igihugu mw’ihayanisha gurisha hagati y’ibihugu vya Afrika (IATF 2025), ryatunganijwe kuva kw’igenekerezo rya 04 Nyakanga gushika kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga 2025 rikaba ryari ryiharije umugabane wa Afrika (ZLECAF). Ni mugihe hariko hakirwa abaje baserukira ibihugu hafatwa iyo reresi iteje ikibazo: turabona neza umushikiranganji wa mbere w’Uburundi atambuka ariko adahagaze na gato imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid Tebboune.
Ireresi yarahanahanywe ku mbugahwaniro yerekanaa ko umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye yanse guha ukuboko umukuru w’igihugu ca Algérie
Ahmed Attaf aratanga umuco:Ntakosa ryabaye hagati y’Uburundi na Algérie
Kuri izo mpari, umushikiranganji w’imigenderanire w’igihugu ca Algérie, Ahmed Attaf yaragize ico ashikiriza yongera atanga umuco imbere y’abamenyeshamakuru mu kiganiro yaremesheje kw’igenekerezo rya 13 Nyakanga 2025. Yamenyesheje ko imigenderanire hagati y’Uburundi na Algérie yifashe neza kandi ko gushika ubu gufashanya vyifashe neza cane. Yaratanze n’akarorero,aho yavuze ko mbere hariko harategurwa n’urugendo rw’umukuru w’igihugu c’Uburundi muri ico gihugu mu misi iri imbere. Umukuru w’igihugu Abdelmadjid Tebboune akaba kandi yarakiriye umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye,aho yaramushiriye ubutumwa bwanditse bw’umukuru w’igihugu c’Uburundi.Ahmed Attaf akaba yagize ati ivyo vyafashwe nk’agashavu yamara ari ukwihenda gusanzwe. Akaba yagize ati: “Jewe ubwanje, sinigeze numva ivyo ko hari agahaze kagaragaye. Ubutumwa yashikirije igihe yakirwa n’umukuru w’igihugu bwerekana neza ko imigenderanire yifashe neza hagati yivyo bihugu bibiri .” Yarongeye aranibutsa ahubwo ko icari kuba agahaze ari mugihe ata ntumwa ziserukira Uburundi zari kuba zahishikiye, umuntu aretse ko muri ivyo birori hari haje intumwa idasanzwe iri ku rwego rw’umushikiranganji wa mbere.
Ukuri n’ibitari ukuri biteje icuka: Agahaze karabaye mubijanye n’ukuntu ibirori vyari bitunganijwe
Ireresi yagiye irahererekanwa ku mbugahwaniro yakoreshejwe ukutariko hanyuma iraheza irahabwa inguvu zidafise ishingiro, mukwerekana ko ibijanye n’imigenderanire vyahungabanye. Ntakintu nakimwe kigaragara cerekana ko umushikiranganji wa mbere w’Uburundi yanse gukora mu minwe n’ibigirankana umukuru w’igihugu ca Algérie, mubisanzwe umushikiranganji wa mbere yabuze uwumubwira uko ibintu bitunganijwe mubatunganije urubanza kandi ivyo ntankwirikizi ku migenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu ca Algérie.
Muri make,ivyagiye biravugwa ntashingiro bifise, kuko bishingiye mu kwihuta guca urubanza ufatiye kuma sanamu.