Ibikorwa vya mbere vy’abashingamateka baheruka gutorwa (2025_2030) vyarabaye kw’igenekerezo rya 28 Mukakaro mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe,nk’uko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo kuwa 21 Mukakaro 2025 . K’urutonde rw’ivyirwa n’abo bashingamateka batowe kw’igenekerezo rya 05 Ruheshi 2025, hakaba hariko ingingo zibiri gusa: Itorwa ry’abagize biro hamwe n’ugutora itegeko ringenga Inama Nshingamateka.Yamara muri iryo sasa hari icateye amakenga: isasa ry’abashikiranganji batatu baheruka gutorwa nk’abashingamateka kandi gushika ubu bakiri mu mabanga, ivyatumye bamwe bibaza nyimba isasa ry’abo ridahonyanga amategeko.
Abo bashikiranganji batatu Martin Niteretse (umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ,iterambere rusangi n’umutekano), Alain Tribert Mutabazi (umushikiranganji wo kwivana abansi nogukurikirana abahoze ku rugamba ) na Gervais Abayeho (umushikiranganji w’urwaruka ,inkino imicokama n’iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseeuko) ,bose bakaba bari bitabiriye ivyo bikorwa vy’Inama Nshingamateka.
Ico Ibwirizwa Shingiro rivuga
Ingingo ya 142 yo mw’Ibwirizwa Shingiro ryo mu 2018 irabivuga neza: «Amabanga y’abashikiranganji ntabangikanywa n’ayandi mabanga y’igihugu, imyuga canke imirimo y’abashingamateka n’abakenguzamateka .»
Ingingo y’160 yoyo ivuga ko :«Umushingamateka canke Umukenguzamateka agenywe kuba Umushikiranganji canke agashingwa amabanga y’igihugu atabangikanywa n’amabanga y’abashingamateka n’ayabakenguzamateka akavyemera ntasubira gusasa mu Nama Nshingamateka canke mu Nama Nkenguzamateka kandi aca asubirizwa n’uwumukurikira k’urutonde rw’abitoje .
Umushingamateka canke Umukenguzamateka ashinzwe ayandi mabanga nk’uko bitegekanijwe mu gahimba ka mbere k’iyi ngingo, aca asubira mu mabanga yiwe kuva aho icabimubuza kiviriyeho iyo ikiringo yatorewe kitararangira.»
Ariko rero, abo bashikiranganji batatu bavugwa ntibigeze batanga imihoho, canke ngo basubirizwe mu mabanga bari bajejwe muri Reta umusi w’isasa.
Ibwirizwa rigenga amatora riratomoye
Ibwirizwa rigenga amatora rirashimangira ukwo kutinjiraniranira kw’amabanga .Ingingo y’118 ivuga iti:«Kiretse abigisha bo muri kaminuza, uwutorewe kuba umushingamateka ntarekuriwe gushingwa ayandi mabanga yose ya Reta, canke ahandi hose ashobora kwitoza .Umuntu wese atowe aca ashikiriza amabanga yandi yose ya Reta yarasanzwe arimwo .»
Kubw’umunyamategeko Audace Havyarimana, agira ati :« uko ibintu biri uno munsi ntaworeka kugira amakenga :Igihe bariko baraba abashashe ,Inama Nshingamateka yari gukwirikirana uko ibintu biri na cane cane ko amategeko atahonyanzwe .»
Arongera akagira ati inararibonye mu myaka, Joachim Barutwanayo, yarahagarariye ibikorwa, yabwirizwa kuraba neza ko abitavye bose baje hisunzwe amategeko agenga isasa ry’Inama Nshingamateka.
«Umuntu atowe ategerezwa guhitamwo hamwe aguma mubisanzwe .Ahisemwo kuja mu Nama Nshingamateka yategerezwa guca atanga imihoho muri Reta .»
Insiguro yo kwihagararako ariko idafashe
Umusesanguzi atashimye ko tumuvuga izina , wewe arashigikira abo bashikiranganji batatu :Kubwiwe ,uwatowe wese atitavye inama ya mbere mu gihe adafise impavu zifadika aca atakaza ikibanza ciwe c’ubushingamateka .«Ni ukuvuga ko rero ata mategeko yahonyanzwe .» ,ariko aragwa akagaruka :«Ariko ntibaheza ngo bagaruke gusasa ubugira kabiri mu gihe batarava muri Reta .»
Yamara,abo bashikiranganji nyene barasubiriye barasasa ku ncuro igira kabiri kuwa 29 Mukakaro .
Muri make
Amategeko aratomoye :umuntu atowe kuba Umushingamateka ntarekuriwe gusasa igihe cose aba akiri mu mabanga y’ukuba umushikiranganji .Mukwubahuka kwitabira ibikorwa vy’Inama Nshingamateka incuro zibiri zikurikirana ,abashikiranganji Martin Niteretse,Alain Tribert Mutabazi na Gervais Abayeho bahonyanze Ibwirizwa Shingiro n’itegeko rigenga amatora .Inama Nshingamateka yari kuba yahagaritse isasa ryabo kuva ibikorwa bigitangura .
________________________________________________
Ifoto : Isasa rya mbere ry’Inama Nshingamateka ya 2025_2030, mu ngoro y’amakoraniro mu Kigoba yo 28 Mukakaro 2025.