Ikigo cegeranya amakori n’amatagisi mu Burundi OBR cashize icizere kinini kuri mashini zo guharura kugira congereze amakori n’amatagisi. Ariko koko ubwo buryo bushasha bwoba bukwiye bwo nyene kugirango hakemurwe ingorane zirangwa muri ico gisata? Abahinga muvy’ubutunzi bagumana amakenga: Kubwabo,ubwo buhinga bushasha buzotanga umusaruro igihe buzoba buherekejwe n’izindi ngingo nshasha ziyaguye.
Kuva kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2025, ikigo OBR caratanguje isekeza ryo guhimiriza no kwigisha abatangakori ibijanye no gukoresha utu mashini dushaha twifashishwa mugusohora igipapuro carihiweko ibidandazwa (Machine de Facturation Électrique MFE). Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 2 Nyakanga 2025. Ferdinand Nitunga arongoye vy’imfatakibanza igisata c’amakori n’amatagisi muri OBR yasiguye ko izo mashini zizotuma hagabanuka ugushwana kwahora kwibonekeza hagati y’abakozi b’ikigo OBR n’abadanda.
Izo mashini zizofasha kandi abatanga kori gukwirikirana neza ibidandazwa vyabo. N’umuvugizi w’ikigo OBR, Stany Ngendakumana nawe nyene n’uko abibona, agashikiriza ko hazojamwo umuco mukwegeranya amakori kandi mu mwanya muto. Ugukoresha ubuhinga bwa none bizotuma atamanyanga aboneka mugutangira ikori ivyo umuntu yadandaje.
Igihengeri c’amahara yokwinjiye
Kuva muri Mukakaro 2025, uwahoze ari umushikiranganji w’ikigega ca Reta, ubu ariwe mushikiranganji wa mbere, Nestor Ntahontuye,yarakomye akaruru agabisha agira ati: «Reta ifise igihengeri c’amafaranga agera ku miryaridi 1600 kubera ukudakoreshwa kw’izo mashini ziharura amakori n’amatagisi. »
Kubwiwe, ikoreshwa ry”ubwo buhinga bugizwe n’imashini 3000 bwatumye hibonekeza iduga ry’urugero rw’ikori nyongeragaciro gushika ku bice 30 kw’ijana. Ariko, ikori nyongeragaciro riri ku rugero rw’igice kimwe kw’ijana rw’amakori yegeranywa, amafaranga ari hagati y’imiriyaridi 400 na 500 mu mafaranga y’amarundi.
Yamara, amategeko aratomoye. Ingingo ya 47 yo mw’itegeko n°1/10 ryo kuwa 16 Munyonyo 2020 itegeka ko mukwegeranya ikori nyongeragaciro hategerezwa kwifashishwa izo mashini. Ingingo ya 55 ivuga ko mugihe hari uwuhonyanze amategeko, ashobora kurihishwa ihadabu rigera kubice ijana kw’ijana ry’inyongeragaciro ryategerezwa gutangwa. N’ubwo biri uko, izo miriyaridi 1600 zivugwa zirateje ikibazo. Ayo mafaranga anyikira he?
Intambamyi mukwegeranya amakori
Kubwa Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe Parcem ryishinze gukangurira abarundi guca urwevu no guhindura ingendo, urwo rugero ruto rwo guhurumbira utwo tumashini twoguharura ruterwa n’ibintu bitari bike:
- ibijanye no kudandaza bicumbagira;
- ubukene bw’inyubako;
- ubukene bw’igitoro;
- amategeko atorohereza umudandaza;
- ubwinshi bw’uburusho butangwa;
- inyuruzwa ry’amafaranga ribera mu nzego zo hejuru muri Reta;
- hamwe n’abadandaza badugira kubandi.
Faustin Ndikumana yagiriza bamwe mubasanzwe bari mu nzego za Reta bakora urudandazwa bishimikije igikenye bagahonyanga amategeko agenga ibijanye no gutanga amakori n’amatagisi.Inkwirikizi: ukugabanuka kw’amakori n’amatagisi yari kwinjira hamwe n’icuka kidahumurizi abashaka kuzana imitahe yabo mu gihugu.
N’umuhinga wundi mu vy’ubutunzi Jean Ndenzako. Kubwiwe izo mashini zo nyene ntizikwije, aho agira ati: «Ivyigwa vyakozwe kuri izo mashini vyerekana ko kugira haboneke umusaruro aruko haboneka impinduka zimbitse mubijanye n’inzego, izo nazo zigizwe n’ugushiraho umuco hamwe no kurwanywa ibiturire bikomeye. »
Kuberiki ukwikwega mugukoresha ubwo buhinga
Kubwa Ndenzano,ukwanka gukoresha utwo tumashini kubadandaza bisigurwa n’ibintu bitari bike:
- Amahera y’ibanze agoye kuboneka (kugura ibikoresho, gukarisha ubwenge), gucika intege kw’amahinguriro matomato;
- Ugukorana mu manyanga hagati y’abadandaza n’abakozi ba OBR, mw’inyuruzwa ry’amakori n’amatagisi;
- Ukwinuba ubwo buhinga bushasha babona ko buteye amakenga
Ubuhinga nkenerwa ariko butikwije
Abahinga mu vy’ubutunzi barahuriza ko: izo mashini MFE zerekana impinduka mubijanye n’ubuhinga bukoreshwa mubijanye no kwegeranya amakori n’amatagisi. Ariko impinduka bizogora ko zigaragara hadasubiwemwo intunganyo mubijanye na poritike n’intwaro. Ishirwa mu ngiro ry’ibihano bitegekanywa n’amategeko, nk’ibijanye n’ibihano bijanye n’abadandaza banini, n’imwe mu ntango ya vyose.
Muyandi majambo, ubwo buhinga bwo nyene ntibwikwije. Kugira MFE ibe koko igikoresho kiduza umusaruro mu makori n’amatagisi yegeranywa, habwirizwa gufatwa ingingo nshasha muri rusangi zotuma muri ico gisata haboneka impinduka zigaragara.
____________________________________________
Isanamu : Akamashini k’ubuhinga bwa none kifashishwa mu gutoza amatagisi OBR igiye gukoresha mu ntumbero yo guteza imbere ugutoza amatagisi © DR