Close Menu
    What's Hot

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 2025

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 2025

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?
    • Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?
    • Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa
    • Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?
    • Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi
    • Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa
    • Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire
    • Ukwitanga kw’abarwanyi ba CNDD-FDD kwoba koko «kwatumye abarundi babaho bahimbawe »
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Wednesday, 8 October 2025
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi

    Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi

    0
    By BURUNDI FACTS on 14 September 2025 Ubutunzi
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Ikigo cegeranya amakori n’amatagisi mu Burundi OBR cashize icizere kinini kuri mashini zo guharura kugira congereze amakori n’amatagisi. Ariko koko ubwo buryo bushasha bwoba bukwiye bwo nyene kugirango hakemurwe ingorane zirangwa muri ico gisata? Abahinga muvy’ubutunzi bagumana amakenga: Kubwabo,ubwo buhinga bushasha buzotanga umusaruro igihe buzoba buherekejwe n’izindi ngingo nshasha ziyaguye.

    Kuva kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2025, ikigo OBR caratanguje isekeza ryo guhimiriza no kwigisha abatangakori ibijanye no gukoresha utu mashini dushaha twifashishwa mugusohora igipapuro carihiweko ibidandazwa (Machine de Facturation Électrique MFE). Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 2 Nyakanga 2025. Ferdinand Nitunga arongoye vy’imfatakibanza igisata c’amakori n’amatagisi muri OBR yasiguye ko izo mashini zizotuma hagabanuka ugushwana kwahora kwibonekeza hagati y’abakozi b’ikigo OBR n’abadanda.

    Izo mashini zizofasha kandi abatanga kori gukwirikirana neza ibidandazwa vyabo. N’umuvugizi w’ikigo OBR, Stany Ngendakumana nawe nyene n’uko abibona, agashikiriza ko hazojamwo umuco mukwegeranya amakori kandi mu mwanya muto. Ugukoresha ubuhinga bwa none bizotuma atamanyanga aboneka mugutangira ikori ivyo umuntu yadandaje.

    Igihengeri c’amahara yokwinjiye

    Kuva muri Mukakaro 2025, uwahoze ari umushikiranganji w’ikigega ca Reta, ubu ariwe mushikiranganji wa mbere, Nestor Ntahontuye,yarakomye akaruru agabisha agira ati: «Reta ifise igihengeri c’amafaranga agera ku miryaridi 1600 kubera ukudakoreshwa kw’izo mashini ziharura amakori n’amatagisi. »

    Kubwiwe, ikoreshwa ry”ubwo buhinga bugizwe n’imashini 3000 bwatumye hibonekeza iduga ry’urugero rw’ikori nyongeragaciro gushika ku bice 30 kw’ijana. Ariko, ikori nyongeragaciro riri ku rugero rw’igice kimwe kw’ijana rw’amakori yegeranywa, amafaranga ari hagati y’imiriyaridi 400 na 500 mu mafaranga y’amarundi.

    Yamara, amategeko aratomoye. Ingingo ya 47 yo mw’itegeko n°1/10 ryo kuwa 16 Munyonyo 2020 itegeka ko mukwegeranya ikori nyongeragaciro hategerezwa kwifashishwa izo mashini. Ingingo ya 55 ivuga ko mugihe hari uwuhonyanze amategeko, ashobora kurihishwa ihadabu rigera kubice ijana kw’ijana ry’inyongeragaciro ryategerezwa gutangwa. N’ubwo biri uko, izo miriyaridi 1600 zivugwa zirateje ikibazo. Ayo mafaranga anyikira he?

    Intambamyi mukwegeranya amakori

    Kubwa Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe Parcem ryishinze gukangurira abarundi guca urwevu no guhindura ingendo, urwo rugero ruto rwo guhurumbira utwo tumashini twoguharura ruterwa n’ibintu bitari bike:

    • ibijanye no kudandaza bicumbagira;
    • ubukene bw’inyubako;
    • ubukene bw’igitoro;
    • amategeko atorohereza umudandaza;
    • ubwinshi bw’uburusho butangwa;
    • inyuruzwa ry’amafaranga ribera mu nzego zo hejuru muri Reta;
    • hamwe n’abadandaza badugira kubandi.

    Faustin Ndikumana yagiriza bamwe mubasanzwe bari mu nzego za Reta bakora urudandazwa bishimikije igikenye bagahonyanga amategeko agenga ibijanye no gutanga amakori n’amatagisi.Inkwirikizi: ukugabanuka kw’amakori n’amatagisi yari kwinjira hamwe n’icuka kidahumurizi abashaka kuzana imitahe yabo mu gihugu.

    N’umuhinga wundi mu vy’ubutunzi Jean Ndenzako. Kubwiwe izo mashini zo nyene ntizikwije, aho agira ati: «Ivyigwa vyakozwe kuri izo mashini vyerekana ko kugira haboneke umusaruro aruko haboneka impinduka zimbitse mubijanye n’inzego, izo nazo zigizwe n’ugushiraho umuco hamwe no kurwanywa ibiturire bikomeye. »

    Kuberiki ukwikwega mugukoresha ubwo buhinga

    Kubwa Ndenzano,ukwanka gukoresha utwo tumashini kubadandaza bisigurwa n’ibintu bitari bike:

    • Amahera y’ibanze agoye kuboneka (kugura ibikoresho, gukarisha ubwenge), gucika intege kw’amahinguriro matomato;
    • Ugukorana mu manyanga hagati y’abadandaza n’abakozi ba OBR, mw’inyuruzwa ry’amakori n’amatagisi;
    • Ukwinuba ubwo buhinga bushasha babona ko buteye amakenga

    Ubuhinga nkenerwa ariko butikwije

    Abahinga mu vy’ubutunzi barahuriza ko: izo mashini MFE zerekana impinduka mubijanye n’ubuhinga bukoreshwa mubijanye no kwegeranya amakori n’amatagisi. Ariko impinduka bizogora ko zigaragara hadasubiwemwo intunganyo mubijanye na poritike n’intwaro. Ishirwa mu ngiro ry’ibihano bitegekanywa n’amategeko, nk’ibijanye n’ibihano bijanye n’abadandaza banini, n’imwe mu ntango ya vyose.

    Muyandi majambo, ubwo buhinga bwo nyene ntibwikwije. Kugira MFE ibe koko igikoresho kiduza umusaruro mu makori n’amatagisi yegeranywa, habwirizwa gufatwa ingingo nshasha muri rusangi zotuma muri ico gisata haboneka impinduka zigaragara.

    ____________________________________________

    Isanamu : Akamashini k’ubuhinga bwa none kifashishwa mu gutoza amatagisi OBR igiye gukoresha mu ntumbero yo guteza imbere ugutoza amatagisi © DR

    Related Posts

    Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa

    13 September 20253 Mins Read

    Abahuza abaguzi n’abagurisha nibo batera iduga ry’ibiciro ? Abahinga mu vy’ubutunzi barabihakana

    18 August 20253 Mins Read

    Ukwubahiriza ibiciro vyo kwiyunguruza mu Burundi : ingingo igoye gushira mu ngiro umuntu afatiye kukuri kwuko ibintu vyifashe muri kino gihe

    1 August 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 202503 Mins Read

    Amakuru yahanahanywe ku mbugahwaniro arahushanye n’uko ibintu vyifashe, abasirikare b’abarundi ntibariko barakinjura mu gisagara ca…

    poritike

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 202503 Mins Read

    Ku magenekerezo ya 4 na 5 Nyakanga 2025 i Muyinga, hamwe na 10 Nyakanga i…

    poritike

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 202504 Mins Read

    Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga harahimbzwa umusi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi (démocratie), umusi…

    Amakuru Yacu

    Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?

    23 September 202503 Mins Read

    Ireresi yerekana umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye aciye imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2025 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.