Author: Burundi FactCheckers

Kuwa 7 Ruhuhuma 2014 Icigwa ca mbere n’icanyuma abamenyeshamakuru bashasha bategerezwa kwiga ni uko hoba ukwumvikana/uguhuriza ku bijanye n’inkuru itomoye.Nta kintu na kimwe cokwonona ukwizerwa kw’umumenyeshamakuru hamwe n’urwego rw’ibinyamakuru gusumba amakosa yanditswe ku rupapuro, naho yoba mato canke manini. Duhiriwe duhishije, ukumenyesha amakuru ni ubuhinga buhanitse ariko si ikintu gihariwe gusa abamenyeshamakuru babifisemwo uburambe. Muri ibi twisunga, turihweza intambuko zokoreshwa mu gushikiriza amakuru ata mahinyu. Gutahura neza igikorwa cawe Inkuru nyinshi zirasaba ko habanza gukorwa ubushakashatsi, naho woba uri umumenyeshamakuru afise uburambe, mbere naho woba umenyereye gukora kuri ivyo bikorwa ufise. Ariko mutegerezwa gucagura neza amasoko mukuramwo ibijanye n’iyo nkuru.…

Read More

Kuwa 16 Ntwarante 2020 Ihanahana ry’ inkuru zitarizo ku rubuga rwa WhatApp rishobora gukwekera abagenzi banyu n’imiryango yanyu mu makosa. Barashobora gufata ikintu kitari co nk’uko ari ukuri. Amakuru y’ibinyoma ashobora kandi kwica Muri 2018, harakwiragijwe kuri WhatsApp, ibihuha vy’inyuruzwa ry’abana mu Buhindi, ingaruka zabaye agahomerabunwa. Ubutumwa bwaciye kuri urwo rubuga bukarandagata bwari bwerekeye urupfu rw’abantu rw’abantu mirongo itatu mu gihugu. Muri Afrika y’Epfo, hari ubutumwa bwahanahanywe kuri WhatsApp burimwo ibihuha vyerekeye abanyamahanga, ugushaka gukora ubwicanyi bigizwe n’abahavuka, ugutembagaza ubutegetsi, imishamirano ishingiye ku rukoba n’ibindi bibazo « bikiri mu mushuhira» bishobora kuba intandaro y’amatati n’ukwinubana.Dutegerezwa kwama twameze magabo kugira ntiduhanahane…

Read More

Kuwa 13 Mukakaro 2020 Mu Burundi, uwatsinze amatora amatora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 20 Ruheshi 2020, Evariste Ndayshimiye , yari asanzwe ari n’umunyamabanga​​ mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi , yari yiteze gutangura​ imirimo kuwa 20 Myandagaro 2020, ikiringo c’uwo yari gusubirira, Nyakwigendera Petero Nkurunziza kirangiye. Ariko nyuma y’urupfu rwa Petero Nkurunziza, kuwa 8 Ruheshi 2020, Evariste Ndayishimiye yaciye afata icicaro c’umukuru w’igihugu c’Uburundi kuwa 18 Ruheshi 2020. Evariste Ndayishimiye amaze kurahira, iri tangazo ryo kuwa 7 Mukakaro 2020 rirerekana ishusho tubona Evariste Ndayishimiyakazi n’umutambukanyi wiwe bikoreye amatafari ku mutwe;​​​​ hariko kandi icandiko kivuga giti: “ ibishasha, Umukuru wigihugu c’Uburundi hamwe…

Read More

Ibiwani mu butumwa bwo gutanga akazi, imfashanyo, ingurane, utuganuke no gufasha kronka amafaranga vyoroshe ni bisanzwe kuri Facebook. Ivyo bikwegakwega abantu bihebuye mu kubereka inzira zoroshe zo kuva mu ngorane z’amafaranga barimwo, ariko birahobora kubakwegera akarambaraye . Ni gute wokwirinda guhendwa ?​ Ng’izi zimwe mu mpanuro zogufasha zogufasha kubona ikiwani kuri Facebook. Ubutumwa bwanditse nabi Uburyo bwo kwandika, amakosa mu kwandika ​no gutondekanya ivyiyumviro nivyo kenshi biranga ikiwani kuri Facebook. Amakosa arashoboka , ariko itangazo​​ rigusaba kurungika ubutumwa ufyonze hano “  via le bouton d’envoi de message ou le lien ci-dessous ” canke rikwemerera ko ushobora gutsindira ikintu mu “ mu masegonda…

Read More

Ivyo tubonye ntitwovyizera igihe cose. Muri Nyakanga y’umwaka wa 2019, amareresi atari make  yitwa ko yerekana ihohoterwa n’amabi  vyakorewe abanyamahanga mu gihugu ca Africa y’Epfo yarakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi. Amatohoza yakozwe n’ubusesanguzi (Africa check) yerekana ko amwe yari ayakera cane, ayandi aciye kubiri n’ivyariko biravugwa. Amareresi aroroshe guhinyanyurwa nk’uko ashobora gukorwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none, bigaheza bikerekana ko abantu bashobora kuvuga canke gukora ibintu bidasanzwe. Ni gute twotora amareresi ateye amadidane? Ni ibihe bikoresho twokoresha?Muvyo kwisunga turasigura ingene twomenya amareresi yahinyanyuwe,ayakwiragijwe mu bidahuye n’ivyavuzwe n’ayahinduwe hakoreshejwe ubuhinga bwa none ( Deepfakes). 1.Amareresi ahinyanyuwe canke akoze nabi Rimwe na rimwe,amareresi arakorwa…

Read More