Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko urateba kuboneka. Amatohoza yakozwe yongera ashirwa ahabona n’ishirahamwe King Umurundi Freedom yemeza ko hariho ubutare bwo mubwoko bwa litiyumu (lithium) bungana n’ama toni 100 bwafariwe mu bubiko bw’ishirahamwe BME riri mu Ngagara, aha naho akaba atanumwe yahagaritswe nka nyene ubwo butare. Ivyo bikaba vyerekana ko umukuru w’igihugu inguvu ziwe zifise aho zigarukira imbere y’ibihangange, muri abo hakaba harimwo umukuru w’inama Nshingamateka, Gélase Daniel Ndabirabe.
Kuva ashitse k’ubutegetsi, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagumye agabisha abimba bakongera bakadandaza ubutare mu mpisho. Yagize ati: «Uwuzofatanwa ubutare mu mpisho, azohanwa bimwe vy’akarorero. »
Yamara, n’ubwo atahengeshanije kuguma agabisha, amakosa aracakorwa. Gufata ubutare birabandanya, ariko ntihagire uwushengezwa ngo akwirikiranwe n’ubutungane. Ibihano bigamije guhabwa bamwe mubanyapolitike biriho ariko ntibikorwa.
Ico gihushane kigatuma hari abibaza ko umukuru w’igihugu yoba afise ingorane yo gufata ingingo, mu gihe yoba iza ikora kuri bimwe mubihangange biri mubutegetsi.
Haracariho akarwi k’ibihangange mu gisata c’ubutare
Igisata c’ubutare mu Burundi camye kirangwamwo amanyanga menshi, aho abajejwe intwaro bakingira ikibaba, kwinyegeza inyuma y’ivya poritike hamwe n’ukutagenzura neza kw’ubutegetsi k’urwego rwo hejuru ico gisata. Mu gihe ibintu vyifashe uko ibishikirizwa n’umukuru w’igihugu n’ubwo vyoba bikomeye gute, ntaco biheza ngo bishikeko.
Amatohoza yakozwe n’ishirahamwe King Umurundi Freedom n’ubwo atari ikirego umuntu yoshikiriza mu butungane, arerekana neza ukuntu abantu bamwe bamwe bashobora kugira inguvu gushika naho barengera ubutegetsi.
Ibijanye «n’amatoni 100 ya litiyumu» yafashwe, igipimo kigaragaza ukunanirwa mukugwanya ubusuma
Kimwe kigaragara nk’uko biri muri ayo matohoza, n’uko hari amatoni 100 y’ubutare bwo mubwoko bwa litiyumu yafatiwe mu bubiko bw’ishirahamwe Burundi Mining Export BME muri karitiye y’icumi mu Ngagara. Iryo shirahamwe rivuga ko n’ubwo ibidandazwa vyafashwe bifise agaciro kadasanzwe, abantu bavuzwe nkabasanzwe bakorera muri BME, aribo Mayondori na Amstel nta n’umwe yigeze akomwa komwa kandi babandanya bimba ubutare ukuri kwamye muri Kabarore ata n’ico binona.
Gushika ubu nta mutegetsi n’umwe arigera yemanga ko hari ubutare bwafashwe, ariko imvugo y’umukuru w’igihugu n’uko ico kibazo cakemuwe birateye amakenga umuntu akibaza ikibanza c’amajambo ashikirizwa n’umukuru w’igihugu yumvirwa hanyuma agaheza agashirwa ni mu ngiro.
Inguvu za Gélase Ndabirabe ziguma zongerekana
Umukuru w’inama Nshingamateka, Gélase Daniel Ndabirabe afise ikibanza kidasanzwe mu butegetsi, ni n’uwudasanzwe kandi mu mugambwe CNDD_FDD, ari mu rwego rufatirwamwo ingingo, amatohoza akerekana ko afise ijambo no kubijanye na dosiye y’ubutare.
Ivyo si ibintu umuntu yofatirako burundu nk’ivyemezo ariko birererkana neza ubusumbasumbane bw’ahafatirwa ingingo hamwe n’inguvu zidashemeye z’umukuru w’igihugu mu gutunganya neza igisata c’ubutare kandi ariwo mutima w’igihugu.
Umukuru w’igihugu ahangana n’abaguma basemerera aho guhangana n’abonona
Muri aya mezi aheze, umukuru w’igihugu yaragaragaye afitiye agashavu kadasanzwe abari mu mashirahamwe adaharanira ivy’icaro vya poritike nka Faustin Ndikumana, aho biyamirije amanyanga arangwa mu bisata bitandukanye mu butegetsi.
Kubakurikiranira hagufi ibibera mu Burundi, inyifato nk’iyo y’umukuru w’igihugu yerekana igihushane mu vyihuta vyashizwe imbere bibwirizwa gukorwa:
- aberekana amakosa nibo birukwako aho guhagarika abagirizwa amakosa
- Ukurwanya ibiturire biri mu majambo aho kuja mubikorwa
Reta isa nk’iyigabuye
Umuntu afatiye mu kivunga, igicapo kirerekana ko abari muri Reta batari kumwe, canke ngira n’amajambo y’umukuru w’igihugu atikwiye kugira azane impinduka. Bamwe mubari mu butegetsi boba bafise ubudahangarwa atawuzi iyo babukura, hanyuma kurwanya ubusuma mu gisata c’ubutare biherera mu majambo.
Muri make
Amatohoza ya King Umurundi Freedom arerekana mu buryo bwiyaguye ibi:umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye nta nguvu afise zo gufata ingingo zibereye mu gisata c’ubutare mu gihe hari uturwi tw’abantu badakorwako tugoye gutuza. Muri abo umukuru w’inama Nshingamateka Gélase Daniel Ndabirabe arimwo kandi ari hejuru.
