Idorari ry’abanyamerika ryarakorotse bimwe bitangaje mu kiringo c’indwi zibiri ziheze, inyuma yo guca risubira kuduga mukanya gato. Bamwe bakaba babibonyemwo ikimenyetso cuko ifaranga ry’Uburundi ryoba «ryisubije agaciro». Abandi n’abo babona kure bakaba berekana ko ivyo atashingiro bifise rifadika mubijanye n’ubutunzi. Ng’ibi bimwe bimwe vyashikirijwe n’abahinga muvy’ubutunzi hamwe nibigaragazwa n’isoko yo mukinywabi y’amafaranga mvamakungu.
Ikoroka mukanya gato ry’igiciro c’idorari ry’abanyamerika ryatanguye kugaragara mu ntango z’ukwezi kwa Gitugutu, neza na neza inyuma y’itariki 7, igenekerezo rihurirana n’igihe imiduga ipakiye amatoni 260 y’ubutare yasohoka igihugu yerekeza mu gihugu c’Ubushinwa.
Imisi yakwirikiye, igiciro c’idorari kw’isoko kikaba cavuye ku 7300 kija 5000 mu mafaranga y’amarundi, ikoroka ry’igiciro ryabaye mu mwanya muto, inyuma yo guca risubira kuduga mu kanya gato gushika ku 7000 kw’igenekerezo rya 20 Gitugutu 2025.
Mugusigura iryo koroka, abatari bake baragiye barasigura ko ari kubera ubutare, abandi bati nikubera ihungabana ry’idorari kw’isoko mpuzamakungu, hari n’abandi bavuga kwari kubera ingingo iheruka gufatwa yo gukoresha iyuwani ry’abashinwa mu kurangura ibivuye muri ico gihugu.
«Yamara ivyo vyose sivyo! »: ibishikirizwa n’abahinga muvy’ubutunzi
Kubwa Diomède Ninteretse, umuhinga muvy’ubutunzi akongera akaba n’umwigisha muri kaminuza, amahera mvamakungu yinjira mu Burundi ava mu bintu bitatu: ibishorwa hanze (ikawa, icayi, ubutare n’ibindi), amahera arungikwa n’abarundi baba mumahanga hamwe n’imfashanyo ziva hanze. Ariko nk’uko abandanya abisigura, uretse ubutare, ntahandi nahamwe habonetse hagaragara hashobora kuzanana amafaranga mvamakungu hiyongereye. Aha agira ati:
«Mu gihe ata mpinduka zigaragara kuri aho hantu hatatu, biracagoye kuvuga ko iryo koroka rizorama. Idorari riraduga canke rigakoroka bivanye n’uko ririho. Yamara ikena ry’idorari riracagaragara mu Burundi. Mugihe ibituma iryo faranga rikena bitaratorerwa umuti, iryo koroka ntirizomara igihe kinini. »
Ishorwa hanze ry’Ubutare: akantu gato
Kuvyerekeye ubutare buheruka gushorwa hanze, Ninteretse avuga ko atari ibintu bidasanzwe. Agira ati:
«Itandukaniro rimwe rihari n’uko iryo shorwa ryashizwe mubinyamakuru k’urugero rudasanzwe. »
Na Faustin Ndikumana, umuyobozi wa Parcem, niko abibona, aho yibutsa ko ubutare bushorwa na Reta butegerezwa guca ku ntambwe nyinshi z’ubuhinga :gucukurwa, gusuzumwa, kwemezwa Imbere yuko burihwa vyukuri.
Muyandi majambo, amahera avuye muri ubwo butare bwashowe ntashobora kuba muri kano kanya yoba yatanguye kuzana impinduka kw’isoko y’amafaranga mvamakungu mu Burundi.
Kubijanye n’ibivugwa ko iryo koroka ryoba ryavuye kwihungabana k’urwego mpuzamakungu rw’idorari ry’abanyamerika canke ikoreshwa ry’amafaranga y’ama yuwani y’abashinwa, navyo bifatwa nk’ibidafise ishingiro. Ninteretse abona ko ivyo naho vyoba arivyo atakinini vyohindura kuburyo idorari ryokoroka mukanya gato rikava kuri 7000 rikaja kuri 5000.
Iduga ryasubiriye kwibonekeza kw’isoko
Mu mpera z’indwi iheze, idorari ryari ryasubiriye kuduga. Ku musi wa mbere igenekerezo rya 20 Gitugutu 2025, idorari ryavunjwa amafaranga arenga 7000 mu mafaranga y’amarundi.
Vyongeye, mu mabanki y’ubudandaji hamwe no muyandi mazu y’ubudandarizo, vyari bigoye kuronka ayo mafaranga n’ubwo iryo koroka ryari ryabaye.
Ihindagurika muvy’urudandazwa umuntu yokwihendako
Kubw’abahunga muvy’ubutunzi twabajije, ubiheruka kuba kw’isoko y’amafaranga ntibisigura ko habayeho impinduka, ahubwo ihungabana rishingiye kunyungu hamwe no kwihuta.
Kanatsina, igiciro kizwi cashinzwe n’ibanki nkuru y’igihugu nticigeze gihinduka muri ico kiringo.
Zimwe mu nsiguro zitangwa:
- Ukwihuta kwabakorera mu gisata co kuvunja: Bamwe bamwe boba bahavuye bahagarika kugura idorari kugiciro kiri hejuru, bibaza ko vuba hagiye kuza amafaranga mvamakungu avuye mubutare bwashowe hanze canke ayavuye mubiganiro biriko bihuza Reta n’ikigega c’isi FMI.
- Ishirwa kw’isoko ry’amafaranga mvamakungu na BRB: Ibanki nkuru y’igihugu yoba yaragiye irashira amafaranga kw’isoko kugira isukemwo mabisi
- Gutekanya ivyakanya gato: Kubwa Ninteretse, bamwe mubakorera muri ico gisata, abategetsi canke abarwizatunga, boba barashatse gutekanya ariko mugupfupfahaza mukuganabanya ukugura no kurisha kw’isoko itari iya Reta.
Murimake
Umuntu yoba yihuse yemeje ko ifaranga ry’Uburundi ryaduze igiciro canke ko idorari ryataye agaciro.
Kugirango bebevyo vyukuri kandi birame, n’uko hoba hiyongereye amafaranga mvamakungu yinjira mu gihugu hamwe nuko hoba hari amafaranga yashizwe kw’isoko kandi hagiyemwo umuco.
Mukurindira, nk’uko bivugwa n’abahinga muvy’ubutunzi, impinduka zibonekera ku giciro gishingwa n’ibanki nkuru y’igihugu atari kw’isoko yo mu kinywabi.
