Inkuru yagiye irahererekanwa muri bimwe mubinyamakuru yemeza ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, yoba yasavye Ubufaransa ko buhagararira ibiganiro bihuza Uburundi n’Urwanda kugira icuka gicurehe. Iy’aba vyarivyo, yobaye imtambwe ikomeye muvy’imigenderanire. Ariko vyukuri ibintu vyifashe gute?
Nta tangazo na rimwe ryo mubiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi vyemeza ayo makuru. Umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubufaransa, mu makuru akunda gutanga yerekeye imigenderanire y’Uburundi n’Ubufaransa nta nahamwe avuga ibijanye n’ibiganiro.
Ahubwo ibinyamakuru mpuzamakungu bikomakomeye bikwirikiranira hagufi imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda nka Reuters, AFP, RFI, canke Jeune Afrique, nta nahamwe vyigeze bivuga uruhara rw’Ubufaransa muri iyo dosiye.
Aba Paris canke Gitega ntavyo bemeza
K’uruhande rw’ubufaransa, ntakimenyetso na kimwe kigaragaza ubuhuza. K’uruhande rw’Uburundi, aba ibiro vy’umukuru w’igihugu canke ubushikiranganji bw’imigenderanire nta n’umwe aragira ico ashikirije kuri ivyo. Nayo kubijanye n’isanamu yakoreshejwe mukwandika iyo nkuru, yafashwe mu kwezi kwa Ruheshi 2025 igihe Ndayishimiye yari yitabiriye inama ya ONU kubijanye n’ibiyaga yabereye mu gisagara ca Nice.
Igihe kirangwamwo ibihuha vyinshi
Ico gihuha kije mugihe hari ikindi gihuha ariko atawagisuzumye, kivuga intumwa z’umuhari urwana wa AFC/M23 zoba zaje gusaba umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye guhagarika gufashanya n’igisirikare ca Congo. Ayo makuru akaba yatanzwe n’ikinyamakuru gikorera mu Rwanda Flash TV.
Ubufaransa bwoba bumenyerewe nkubukunze guhuza mu karere ?
Ubufaransa ntibwigeze bukora ibikorwa bigaragara vyo guhuza mu karere, vyiharije hagati y’Uburundi n’Urwanda. Ahubwo muri 2023 na 2024 mu nama y’umutekano ya ONU, Ubufaransa bwiyamirije kuba Urwanda rwoba rushigikiye umuhari wa M23, buraheza bwigaragaza nk’ubushigikiye RDC.Yamara igitandukanye nuko ibihugu vya Angola, umuryango wa Afrika y’ubuseruko canke Ishiramwe ry’ubumwe rya Afrika vyo vyerekanye ko bishaka guhuza,ariko igihugu c’Ubufaransa nticigeze gihaguruka ngo cerekane ko gishaka guhuza mu bibazo vyo mukarere.
Murimake
Nta kimenyetso cemeza gushika ubu ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda. Aba Paris canke Gitega nta n’umwe aragira ico ashikirije kuri ivyo bivugwa. Mugihe rero atakiravugwa k’umugaragaro, ayo makuru yagiye arahanahanwa nayo kwitondera.
