Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Thursday, 12 February 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    0
    By Burundi FactCheckers on 23 February 2022 Ivyisungwa
    Burundi Facts
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Ibiwani mu butumwa bwo gutanga akazi, imfashanyo, ingurane, utuganuke no gufasha kronka amafaranga vyoroshe ni bisanzwe kuri Facebook. Ivyo bikwegakwega abantu bihebuye mu kubereka inzira zoroshe zo kuva mu ngorane z’amafaranga barimwo, ariko birahobora kubakwegera akarambaraye .

    Ni gute wokwirinda guhendwa ?​ Ng’izi zimwe mu mpanuro zogufasha zogufasha kubona ikiwani kuri Facebook.

    Ubutumwa bwanditse nabi

    Uburyo bwo kwandika, amakosa mu kwandika ​no gutondekanya ivyiyumviro nivyo kenshi biranga ikiwani kuri Facebook.

    Amakosa arashoboka , ariko itangazo​​ rigusaba kurungika ubutumwa ufyonze hano “  via le bouton d’envoi de message ou le lien ci-dessous ” canke rikwemerera ko ushobora gutsindira ikintu mu “ mu masegonda 10 ” kenshi aba ari ikinyoma.

    Ubutumwa bwanditse MU NDOME NKURU bukaba burimwo GATANGAZA NYINSHI!!!!! Na bwo buteye amakenga .

    Ubutumwa busaba amafaranga

    Ibiwani​​ bisaba amafaranga vyo biroroshe kubona.​​ Ni co kimwe n’amatangazo y’ibinyoma yo gutanga akazi, aho bagusaba, amafaranga yo “gusaba akazi” canke “ kwiyandikisha ” . Ibiwani bimwe bimwe vyo gutanga utuganuke nk’akarorero abakwemerera kuguha amacupa ya gaze​ ku ubuntu , bakagusaba amafaranga ya “ reservation ”  canke yo “ kukurungikira ako kaganuke ” .

    Ayo mafaranga bakurihisha usanga atari menshi, kenshi aba ari hagati y’amadorare 3 kugeza 5, ariko abatekamutwe barashobora kwinjiza amafaranga menshi iyo abantu benshi bahenzwe.

    Mu kurihisha abatekamutwe bakoresha ubuhinga bwo kurungikiranira amafaranga hakoreshejwe terefone ngendanwa. Abatekamutwe basaba kenshi abantu ko barungika amafaranga ku nomero itazwi, atari kuri konte ya banki y’amashirahamwe yemewe.

    Kurihishwa imbere ni ikimenyetso cerekana ko hari agahaze. Amatangazo y’akazi canke ubutumwa bwo gutanga utuganuke vy’amashirahamwe yemewe nta mafaranga bisaba.

    Amatangazo akurungika ku mbuga ngurukanabumenyi bidafitaniye isano

    Iyo ubutumwa bw’ikiwani bukoresha izina ry’ishirahamwe rizwi bukurungitse ku rubuga ngurukanabumenyi, urwo rubuga ntiruba rwegamiye iryo shirahamwe.

    Ubutumwa buhenda abantu ngo ni amatangazo y’akazi rubarungika kwuzuza urupapuro kuri  Google Forms, serivisi y’ubuntu aho impapuro zo kwuzuza zoroshe gukora kandi zigasa nk’aho ari izukuri. Google Forms kandi irakunda gukoreshwa na ba ntekumutwe biba amakuru y’abantu ku ngurukanabumenyi.

    Hariho​ n’ibiwani bikora ubutumwa bukwegakwegera abantu ku mbuga ngurukanabumenyi zinjiriza amafaranga ba nyenezo mu​​ kumenyekanisha ibintu.

    Dufate ko uriko uraraba utuntu n’utundi kuri Facebook ukaza ubona ubutumwa bwo kumenyekanisha igabanywa ry’ibiciro ku bikoresho vyo munzu. Ubonye ubikeneye, ugaca ufyonda. Ariko aho guca ushika ku rubuga nyakuri rw’iryo duka ugaca wisanga ku rubuga rusanzwe usanga ruri muri za mbuga zikorwa ku buntu kandi rworoshe gukora. Urwo rubuga ugasanga rwuzuye amashusho y’amabara menshi n’amatangazo yo kumenyekanisha ba nyene urubuga bakoresha mu guca amahera iyo abonywe n’abantu benshi.

    Aya mayeri kandi asanzwe akoreshwa mu biwani bihenda abantu ko bashobora kuronka akazi. Iyo mufyonze ku nzira (lien) kuri Facebook, mwihweze neza ko aderesi y’urubuga ihuye n’ishirahamwe ryavuzwe mu butumwa.

    Amatangazo agusaba gushima, gusangiza, kugira ico uyavuzeko no kubarungikira ubutumwa

    Hari Itangazo riheruka guca kuri Facebook ryavuga ko ishirahamwe rikora ibintu vy’ubuhinga bwa none ku rugero mpuzamakungu Nokia, ririko ritanga terefone nsha ku banyeshuri.​ Kugira utsindire iterefone bagusaba ko wandika urudome “N” muri commentaires.

    Utwo ni uturero tw’imitego, ni ukuvuga ubutumwa busaba abantu gusangiza no kugira ico bavuze . ivyo vyose bakabikora kugira imbuga zabo zirusheho kumenyekana kugira abazikurikirana bongerekane

    Amahiganwa amwe amwe​ kuri Facebook asaba abakoresha urwo rubuga gushima no gusangiza amatangazo yabo.​ Ariko mwitondere cane cane ubutumwa usanga kenshi busaba kuyagira muri inbox , cane cane iyo​ bagusaba kurungika amakuru yawe bwite canke umwidondoro wawe.

    Niki ushobora gukora ?

    Urahobora kubona ubutumwa kuri Facebook ukabona neza ko ari ikiwani. Niki woshobora gukora. Ubwambere na mbere, ntubufyondeko! Ubutumwa bw’ibiwani kuri Facebook bigwira kubera ubwinshi bw’ababibona. Aho kubukwiragiza, bwihoze.

    Kurashobora no gutanga ikirego kuri ubwo butumwa mu gufyonda hejuru iburyo bw’itangazo. Fyonda kuri «Signaler la publication» Hanyuma uhitemwo muri Menu aho ushobora gusobanura neza ikibazo. Facebook ica ibisuzuma ikanakurako ikintu icarico cose kidahuye n’amategeko ngenderwako yabo.

    Wame wizeye ico umutima ukubwira. Iyo ikintu kiguteye amakenga, birashoboka ko aba ari ikiwani. Ntiwibagire rino bwirizwa, “iyo ikintu gisa neza bidasanzwe nuko kiba gifise amahinyu”.

    Related Posts

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 20249 Mins Read

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 20243 Mins Read

    IVYISUNGWA: Twotora gute amareresi y’ibinyoma, adahuye n’ivyavuzwe kandi ahinduwe hakoreshejwe ubuhinga bwa none  «deepfake »

    12 September 20194 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.