Ibiwani mu butumwa bwo gutanga akazi, imfashanyo, ingurane, utuganuke no gufasha kronka amafaranga vyoroshe ni bisanzwe kuri Facebook. Ivyo bikwegakwega abantu bihebuye mu kubereka inzira zoroshe zo kuva mu ngorane z’amafaranga barimwo, ariko birahobora kubakwegera akarambaraye .
Ni gute wokwirinda guhendwa ? Ng’izi zimwe mu mpanuro zogufasha zogufasha kubona ikiwani kuri Facebook.
Ubutumwa bwanditse nabi
Uburyo bwo kwandika, amakosa mu kwandika no gutondekanya ivyiyumviro nivyo kenshi biranga ikiwani kuri Facebook.
Amakosa arashoboka , ariko itangazo rigusaba kurungika ubutumwa ufyonze hano “ via le bouton d’envoi de message ou le lien ci-dessous ” canke rikwemerera ko ushobora gutsindira ikintu mu “ mu masegonda 10 ” kenshi aba ari ikinyoma.
Ubutumwa bwanditse MU NDOME NKURU bukaba burimwo GATANGAZA NYINSHI!!!!! Na bwo buteye amakenga .
Ubutumwa busaba amafaranga
Ibiwani bisaba amafaranga vyo biroroshe kubona. Ni co kimwe n’amatangazo y’ibinyoma yo gutanga akazi, aho bagusaba, amafaranga yo “gusaba akazi” canke “ kwiyandikisha ” . Ibiwani bimwe bimwe vyo gutanga utuganuke nk’akarorero abakwemerera kuguha amacupa ya gaze ku ubuntu , bakagusaba amafaranga ya “ reservation ” canke yo “ kukurungikira ako kaganuke ” .
Ayo mafaranga bakurihisha usanga atari menshi, kenshi aba ari hagati y’amadorare 3 kugeza 5, ariko abatekamutwe barashobora kwinjiza amafaranga menshi iyo abantu benshi bahenzwe.
Mu kurihisha abatekamutwe bakoresha ubuhinga bwo kurungikiranira amafaranga hakoreshejwe terefone ngendanwa. Abatekamutwe basaba kenshi abantu ko barungika amafaranga ku nomero itazwi, atari kuri konte ya banki y’amashirahamwe yemewe.
Kurihishwa imbere ni ikimenyetso cerekana ko hari agahaze. Amatangazo y’akazi canke ubutumwa bwo gutanga utuganuke vy’amashirahamwe yemewe nta mafaranga bisaba.
Amatangazo akurungika ku mbuga ngurukanabumenyi bidafitaniye isano
Iyo ubutumwa bw’ikiwani bukoresha izina ry’ishirahamwe rizwi bukurungitse ku rubuga ngurukanabumenyi, urwo rubuga ntiruba rwegamiye iryo shirahamwe.
Ubutumwa buhenda abantu ngo ni amatangazo y’akazi rubarungika kwuzuza urupapuro kuri Google Forms, serivisi y’ubuntu aho impapuro zo kwuzuza zoroshe gukora kandi zigasa nk’aho ari izukuri. Google Forms kandi irakunda gukoreshwa na ba ntekumutwe biba amakuru y’abantu ku ngurukanabumenyi.
Hariho n’ibiwani bikora ubutumwa bukwegakwegera abantu ku mbuga ngurukanabumenyi zinjiriza amafaranga ba nyenezo mu kumenyekanisha ibintu.
Dufate ko uriko uraraba utuntu n’utundi kuri Facebook ukaza ubona ubutumwa bwo kumenyekanisha igabanywa ry’ibiciro ku bikoresho vyo munzu. Ubonye ubikeneye, ugaca ufyonda. Ariko aho guca ushika ku rubuga nyakuri rw’iryo duka ugaca wisanga ku rubuga rusanzwe usanga ruri muri za mbuga zikorwa ku buntu kandi rworoshe gukora. Urwo rubuga ugasanga rwuzuye amashusho y’amabara menshi n’amatangazo yo kumenyekanisha ba nyene urubuga bakoresha mu guca amahera iyo abonywe n’abantu benshi.
Aya mayeri kandi asanzwe akoreshwa mu biwani bihenda abantu ko bashobora kuronka akazi. Iyo mufyonze ku nzira (lien) kuri Facebook, mwihweze neza ko aderesi y’urubuga ihuye n’ishirahamwe ryavuzwe mu butumwa.
Amatangazo agusaba gushima, gusangiza, kugira ico uyavuzeko no kubarungikira ubutumwa
Hari Itangazo riheruka guca kuri Facebook ryavuga ko ishirahamwe rikora ibintu vy’ubuhinga bwa none ku rugero mpuzamakungu Nokia, ririko ritanga terefone nsha ku banyeshuri. Kugira utsindire iterefone bagusaba ko wandika urudome “N” muri commentaires.
Utwo ni uturero tw’imitego, ni ukuvuga ubutumwa busaba abantu gusangiza no kugira ico bavuze . ivyo vyose bakabikora kugira imbuga zabo zirusheho kumenyekana kugira abazikurikirana bongerekane
Amahiganwa amwe amwe kuri Facebook asaba abakoresha urwo rubuga gushima no gusangiza amatangazo yabo. Ariko mwitondere cane cane ubutumwa usanga kenshi busaba kuyagira muri inbox , cane cane iyo bagusaba kurungika amakuru yawe bwite canke umwidondoro wawe.
Niki ushobora gukora ?
Urahobora kubona ubutumwa kuri Facebook ukabona neza ko ari ikiwani. Niki woshobora gukora. Ubwambere na mbere, ntubufyondeko! Ubutumwa bw’ibiwani kuri Facebook bigwira kubera ubwinshi bw’ababibona. Aho kubukwiragiza, bwihoze.
Kurashobora no gutanga ikirego kuri ubwo butumwa mu gufyonda hejuru iburyo bw’itangazo. Fyonda kuri «Signaler la publication» Hanyuma uhitemwo muri Menu aho ushobora gusobanura neza ikibazo. Facebook ica ibisuzuma ikanakurako ikintu icarico cose kidahuye n’amategeko ngenderwako yabo.
Wame wizeye ico umutima ukubwira. Iyo ikintu kiguteye amakenga, birashoboka ko aba ari ikiwani. Ntiwibagire rino bwirizwa, “iyo ikintu gisa neza bidasanzwe nuko kiba gifise amahinyu”.