Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Thursday, 12 February 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    0
    By Burundi FactCheckers on 17 June 2024 Ivyisungwa
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Kuwa 16 Ntwarante 2020

    Ihanahana ry’  inkuru zitarizo ku  rubuga rwa  WhatApp rishobora  gukwekera abagenzi banyu n’imiryango yanyu mu makosa. Barashobora gufata ikintu kitari co nk’uko ari ukuri.

     Amakuru y’ibinyoma ashobora kandi kwica

    Muri 2018,  harakwiragijwe kuri WhatsApp, ibihuha  vy’inyuruzwa ry’abana mu Buhindi, ingaruka zabaye agahomerabunwa. Ubutumwa bwaciye kuri urwo rubuga bukarandagata bwari bwerekeye  urupfu rw’abantu rw’abantu mirongo itatu  mu gihugu.

    Muri Afrika y’Epfo, hari ubutumwa bwahanahanywe kuri WhatsApp burimwo ibihuha vyerekeye abanyamahanga, ugushaka gukora  ubwicanyi  bigizwe n’abahavuka, ugutembagaza ubutegetsi, imishamirano ishingiye ku rukoba n’ibindi bibazo « bikiri mu mushuhira» bishobora kuba intandaro y’amatati n’ukwinubana.

    Dutegerezwa kwama twameze magabo kugira  ntiduhanahane ubutumwa bw’ibinyoma canke butaribwo.Mbega none twomenya gute ko ubutumwa ari ikinyoma?

    Ng’ibi ibibazo bitanu vyo kwibaza ( no kubaza abagenzi banyu) imbere yo gusangiza ubutumwa.

    1) Ni inde yabwanditse?

    Ubutumwa bwinshi bw’ikinyoma (na cane cane ubwarungitswe) ntibwerekana uwabwanditse. Mu gihe tutazi uwabwanditse, twobwizera gute ?

    Mu gihe mukekeranya uwanditse ubutumwa canke inkomoko y’ivyo yemeza ko ari vyo, murahagabire.

    Imbere yo  kubuhanahana : baza uwuburungitse uwabwanditse n’aho yavyabuye, hanyuma usuzume kandi ivyo bintu ko ari ukuri.

    2) Mbega noshobora gusuzuma  ivyo bemeza?

    Ubutumwa bw’inshi bw’ibinyoma ntibutanga  amasoko y’ivyo bushikiriza canke bwisunga amasoko atariyo nk’ imbuga   z’uguhuguza. Amakuru amwamwe y’ibinyoma avuga ko yisunga amasoko y’ukuri ni nk’imbuga z’amakuru agezweho zizewe-  yamara ari ukubesha.

    Mu gihe mukekeranya ko  inkuru yashikirijwe n’isoko ry’ukuri, mube maso. Imbere yo gukwiragiza inkuru: mubaze uwayirungitse ko iyo nkuru nyene yaciyeno ku mbuga z’amakuru zizewe canke n’ayandi masoko yemewe, musuzume ko izo mbuga zidatanga inkuru zo gushikuza. No mu gihe izo mbuga vyoshika ntizitange amakuru yo gushikuza, musubire musuzume gushasha ivyabaye.

    3) Mbega inkuru irantera ubwobwa canke iranshavuza?

    De nombreux faux messages essaient de nous faire peur ou de nous mettre en colère par rapport à quelque chose. Il peut s’agir de déclarations choquantes concernant des délits ou des enlèvements, des personnes d’un autre pays ou d’un groupe racial ou des nouvelles politiques gouvernementales.

    Ubutumwa bw’inshi bw’ibinyoma bugerageza kudutera ubwoba   bw’ikintu canke kutuvyurira ishavu ry’ikintu. Ashobora kuba amakuru ababaje ajanye n’ivyaha canke ukunyuruzwa,abantu b’ikindi gihugu canke umurwi  ushira imbere urukoba canke  imigambi mishasha y’amareta.

    Mu gihe ubutumwa butanga amakuru  y’iterabobwa canke ababaza – murahagabire.

    Imbere yo kubukwiragiza: ni mwihweze nimba ubutumwa bukorera k’ubwoba canke  k’uvyo abantu basanzwe barishizemwo hanyuma mubisuzume ko ivyabaye arivyo.

    4) Ayo makuru yoba arimwo amasanamu, ubutumwa bwo kuraba havanzemwo amajwi canke bwo kumviriza ( ama video canke ama audio) ababaza umutima?

    Ubutuma bwinshi bw’ibinyoma bukoresha amasanamu, ama videwo canke amajwi kugira buhuvye. Ayo nayo ashobora guhinyanyurwa canke guhindurwa kugira acike ayo guhuguza. Ashobora kandi no gufatirwa mu gikorwa gitandukanye n’ico bavuga canke mu kindi kibanza.

    Mu gihe ubutumwa burimwo amasanamu, ubutumwa bwo kumviriza (  ama audio) canke bw’ukuraba n’ukwuviriza( ama video)ababaza umutima, mube magabo. Imbere yo gukwiragiza: musuzume ko ibigize inkuru bitakoreshejwe ukundi canke bitahinduwe ukundi gusha canke ko bitoba  ari ibintu biheruka kuba canke vyabereye mu kindi kibanza.

    5) Ubwo ndazi neza ko atari inkuru b’ububeshi?

    Ubutumwa bwinshi n’ubwo ibinyoma bushobora gusuzumirwa ku mbuga ngurukanabumenyi. Murashobora guhinyuza ku mbuga zitanga amakuru nyayo canke imbuga zoguhinyuza ko ivyo bavuga ari ukuri nka fr.africacheck.org cankeLes Observateurs France 24.

    Imbere yo gusabikanya: musuzume murondere ku mbuga zikoresha umuhora  ngurukanabumenyi ko ubwo butumwa bwamaze  guhinyuzwa ari ukuri canke ikinyoma.

    Ntimugakwiragize inkuru kiretse muzi neza ko ari iz’ukuri. Inkuru ntiba nyayo kuberako yatanzwe n’urubuga  nkoranyambuga canke kuberako iriko ihanahanywe ku  mbuga rusangi!

    Related Posts

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 20249 Mins Read

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 20224 Mins Read

    IVYISUNGWA: Twotora gute amareresi y’ibinyoma, adahuye n’ivyavuzwe kandi ahinduwe hakoreshejwe ubuhinga bwa none  «deepfake »

    12 September 20194 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.