Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Thursday, 12 February 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    0
    By BURUNDI FACTS on 23 September 2025 poritike
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga harahimbzwa umusi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi (démocratie), umusi washinzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu mwaka wa 2017 kugira ngo rihamagarire ibihugu kwijukira ubwo buryo bwo kurongora. Mu Burundi, vyitwa ko hari intwaro rusangi . Yamara, abanyaporitike  n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bemeza ko ibitegerezwa kuranga intwaro rusangi ata kibanza bigifise mu Burundi.

    Intwaro rusangi, canke intwaro ya demokarasi n’uburyo bwa poritike bwo kuyobora aho ubutegetsi butangwa bukongera bugasubira kubanyagihugu , mu buryo ubu canke buriya. Insiguro ya demokarasi ikunze kwifashishwa n’iya Abraham Lincoln aho agira ati :”Demokarasi n’intwaro y’abanyagihugu, kubw’abanyigihugu n’abanyagihugu.”

    Demokarasi ishingiye ku nkingi zine , arizo kwubahiriza uburenganzira bw’abanyagihugu , gutandukanya ubutegetsi, gutunganya amatora mu bwigenge kindi ku gihe hamwe no kubaho kw’imigambwe myinshi mu bwigenge.

    Uburundi bwoba buyobowe koko muri demokarasi

    Kubatari bake bakurikiranira hagufi ibibera mu Burundi, inyishu iratomoye: demokarasi yo mu Burundi iriho kw’izina.

    Léonce Ngendakumana,umunyaporitike yanafatanije urugamba n’incunga ya demokarasi Melchior Ndadaye agira ati :” turi mu ntwaro y’umukazo yihishije (dictature voilée). Mu kiganiro catunganijwe n’ishirahamwe rihamagarire abarundi guhindura ingendo Parcem ku munsi wahariwe demokarasi, yariyamirije ikoreshwa ry’igipolisi n’igisirikare hamwe n’amahera kugira bazivye umuntu wese atavuga rumwe n’ubutegetsi.

    Na Frédéric Bamvuvinyumvira, umunyaporitike ari mu buhungiro niko abibona, kubwiwe demokarasi ni ukuyiyumvira muri kahise. Kuva 2010 ,amatora yama arangwa n’utunenge, ibitesha  abanyagihugu uburenganzira bwabo bwo kwitorera indongozi bipfuza. Aha avuga ko intwaro yiganjemwo abegereye igisirikare.

    Jérémie Ngendakumana, yahoze atwara umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD arerekana ubudasa aho agira ati ingorane ntihagaze ko haba hatunganijwe amatora , ahubwo kutamenya neza  ibiranga intwo rusangi. Muri aya majambo agira ati :”intwaro rusangi ntihagaze kw’itunganywa ry’amatongo. Ahubwo n’intwaro yitwararika kwubahiriza agateka ka zina muntu, gutandukanya ubutegetsi, hamwe n’intwaro yubahiriza amabwirizwa n’amategeko.

    Audace Havyarimana,wo mw’ishirahamwe FORESC yerekana igipfungu kiranga iyo ntwaro muri kino gihe, agira ati: “abatwara bahindutse inyamaswa. Bariraba,  ntibashira imbere inyungu y’abanyagihugu. Ubutunguna bwahindutse ubw’umugambwe .”

    Anschaire Nikoyagize, arongoye ishiramwe Ligue Iteka abonako igihugu casubiye mu ntwaro y’umugambwe umwe:” Uno musi , nta wukura ururimi mu kanwa. Wihenze ukadyogora uba upfuye. ”

    Demokarasi yinzanano , yakiriwe ukutariko

    Nk’uko bisanzwe mu bihugu bitari bike vya Afrika, intwaro rusangi yashizweho mu Burundi gihutihuti kubera igitsure c’amakungu, na cane cane inyuma y’inama idasanzwe yahuje Ubufaransa na Afrika i La Baule mu 1990. Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa w’ico gihe François Mitterrand yari yatangaje ko imfashanyo y’iterambere izoza iratangwa hisunzwe utwicoro two gutsimbataza intwaro rusangi mu bihugu vya Afrika.

    Kubwa Jérémie Ngendakumana, imugambwe Uprona na Frodebu, yahavuye igondozwa iremere ariko idahura neza ivyo irimwo. Umugambwe Uprona ntiwashaka ko umugambwe Frodebu usambuka , mu gihe uyo nawo washaka ubutegetsi “.

    Umukuru w’umugambwe APDR, Gabriel Banzawitonde avuga ko vyoroshe guta ikosa ku makungu  Kubwiwe ingorane nyamukuru ihagaze kukutubahiriza ibitegerezwa kuranga intwaro rusangi.

    Ni ivyahe vyokorerwako muri kazoza mu Burundi

    Aho gutanatanako imyikomo, abatari bagize ico bashiriza barabona ko hari icokorwa.

    Jérémie Ngendakumana, yemeza ko abanyaporitike bari bakwiye gutahura ko bwara kubw’abanyigihugu, muri aya majambo agira ati : Poritike ntikabe urudandazwa ”

    Frédéric Bamvuvinyumvira asaba ko hotunganywa inyigisho kuri bose zigamije mu kwerekana akamaro k’inzego hamwe n’uburyo bwokugendura ibikorwa vyazo.

    Audace Havyarimana na Anschaire Nikoyagize bobo bahagaze kwitsimbatazwa ry’intwaro ishingiye ku mategeko, ubwigenge bw’urwego rw’ubutungane hamwe n’ibiganiro bihuza imirwi itandukanye.

    Ubwa nyuma hari n’uko hari n’abasaba ko hoshirwaho uburyo bwo gutwara bwiharije ku Burundi hisunzwe intwaro ya cami hamwe n’ibiri mu nkingi za demokarasi.

    Muri make

    Inyuma y’imyaka 30, hashinzwe intwaro ifatiye ku migambwe myinshi, mu Burundi haracagara ibiranga intwaro ya dyogora duhure, ibiva mu matora vyiyamirizwa hamwe n’ihonyangwa ry’amategeko. Kuri  bamwe mubanyaporitke n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivy”icaro vya poritike, gushika kuri demokarasi yukuri  biracari kure nk’ukwezi.

    Yamara icizere kiriho, bihagaze kubarundi ubwabo kwerekana neza no gushiraho uburyo bwo gutwara bwabo,  hifashishijwe ivyo bakuye mu ntwaro za cami n’ibirqnga demokarasi.

    Related Posts

    Ni iki twomenya kubijanye no kuba Bunyoni yarinjijwe ibitaro

    23 October 20252 Mins Read

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 20253 Mins Read

    Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire

    13 September 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.