Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Thursday, 12 February 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    0
    By BURUNDI FACTS on 24 September 2025 poritike
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Ku magenekerezo ya 4 na 5 Nyakanga 2025 i Muyinga, hamwe na 10 Nyakanga i Gitega, umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD, waratunganije umwiherero wa poritike ku ndongozi nkuru z’igihugu. Mubitabiriye uyo mwiherero harimwo uwutwara igisirikare, uwutwara igisipolisi hamwe n’umushikirizamanza mukuru wa Repubilika. Ukwo kwitabira ivyo bikorwa kw’izo ndongozi kukaba gutuma umuntu agira amakenga kubijanye n’ubwigenge bw’inzego nk’uko bisanzwe bitegekanijwe n’amategeko.

    Ibwirizwa Shingiro ryo muri 2028, riratomora neza ko inzego za Reta zitegerezwa kwigenga, na cane cane inzego z’igisirikare, igipolisi hamwe n’urwego rw’ubutungane. Ingingo ya 262 igira iti: « inzego zo kwivuga abansi n’iz’umutekano zitegerezwa gutunganywa kuburyo zikora mubwiyunge , mukutivanga muvya poritike hamwe no gukora ataho zihengamiye.»

    Ivyo rero birerekana ko amategeko abuza ko abarongoye n’abari mu nzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano kwitabirira ibikorwa vya poritike canke ibindi vyose bisa navyo .

    Kucerekeye urwego rw’ubutungane hoho , ingingo ya 214 y’Ibwirizwa Shingiro irategekanya ubwigenge bw’urwego rw’ubutungane, irategeka kandi abashikirizamanza kutivanga muvya poritike hamwe no gukora mu bwigenge. Itegeko rigenga urwego rw’ubutungane naryo nyene rirabishimangira , aho ribuza abashikirizamanza kuja canke gukora ibijanye na poritike.

    Vyongeye , Itegeko rigenga intwazagangabo mu gisirikare n’igipolisi rirahagarara cane kukijanye n’ubwigenge hamwe no kudahengama bitegerezwa kwisungwa . Ingingo ya 23 y’ryo tegeko rigenga intwazagangabo mu gisirikare, nk’akarorero igira iti: «kirazira kikaziririzwa ko intwazagangabo yinjira mu mugambwe , ishiramwe canke umurwi wose usa n’uwa poritike.»

    Ibiba birihanganirwa kubera poritike iri mu Burundi

    Kubwa Pie Ndayikunda , umuhinga mubijanye n’amategeko , n’ubwo Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi n’ayandi mabwirizwa yiharije ategeka ko habwirizwa kubaho  ukutivanga muri poritike kw’inzego z’ukwivuna abansi, umutekano n’ubutungane , ikigaragara n’uko haheze imyaka itari mike hariho ukwirengagiza amategeko hanyuma abari muri izo nzengo bakaja baritabira ibikorwa vya poritike n’ibisa nkavyo harimwo ibitunganywa n’umugambwe uri k’ubutegetsi.A gira ati :«Haraheze imyaka itari mike hariho amakenga hagati yabakora ivya poritike hamwe n’abari mu nzego. Ni kenshi hagiye haragaragara indongozi nkuru mu gisirikare, igipolisi n’abashikirizamanze bari mu bikorwa vyatunganijwe n’umugambwe CNDD_FDD,rimwe rimwe bitwaza ngo ni umwiherero, ahandi naho ngo n’ama nama. Ivyo bikorwa bikitirwa ko bifitiye inyungu idasanzwe igihugu mu gihe biba vyatunganijwe n’igisata ca poritike.»

    Kubwa uyo mihinga , ukwo kwirengagiza gusigurwa n’ :

    • Inguvu za kera z’umugambwe CNDD-FDD mubijanye no gutunganya inzego za Reta inyuma y’intambara;
    • ukudatandukanya inzego bikomeye bikorwa n’umugambwe uri k’ubutegetsi hamwe n’inzego za Reta;
    • ingendo ya poritike yo kurengera izindi nzego ,aho umuntu kugira ahabwe canke agume mu mabanga akomakomeye abwirizwa kwerekana ko akorera umugambwe.

    Mukurangiza uyo muhinga agira ati :«N’ubwo amategeko atomoye, ibikorwa k’urubuga birateye amakenga, kuko biza bigaragaza ko hakiri igipfungu hagati ya Reta hamwe n’amabanga ya poritike.»

    Related Posts

    Ni iki twomenya kubijanye no kuba Bunyoni yarinjijwe ibitaro

    23 October 20252 Mins Read

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 20254 Mins Read

    Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire

    13 September 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.