Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha. Kugira «bakirwe» na bagenzi babo bapfunganywe, bategerezwa gutanga amahera ari hagati y’ibumbi 50 n’ibihumbi 200 mu mafaranga y’amarundi, amahera bita ngo «n’amafaranga ya buji». Kubw’amashirahamwe Aluchoto na Ntabariza, bamwe mubatwara amabohero n’abapolisi barisamaza ahandi naho bakajamwo muri ubwo busuma. Ivyo vyagiriji biratuma umuntu yibaza ibitari bike kubijanye n’igiturire, agateka k’abapfungwa hamwe n’umuzigo mubijanye n’uburyo buremekwa umuryango.
Mu busho butandukanye n’amabohero, abapfungwa bashasha boba barwa mubusuma butunganijwe. Vianney Ndayisaba, arongoye Aluchoto agira ati: «Mu busho butandukanye, hariho ico bita amafaranga ya buji. Umupfungwa adatanze ibihumbi 50 canke 200 arakubitwa. »
Iryo shirahamwe rihamagarire abarongoye ubusho hamwe n’amabohero, hamwe n’igipolisi kugira ico bakoze kugira iyo ngendo ihagarare.
Imvugo wo mengo irasanzwe, kandi ari ubusuma
Ijambo «amafaranga ya Buji» niryo rikoreshwa mukuvuga ubwo busuma. Jean Marie Nshimirimana, arongoye ishiramwe Ntabariza SPF, arabisigura: «Bagishika, abapfungwa bashasha bakwa amahera bavuga ko ari ayo kugura buji. »
Igitigiri c’amafaranga umupfungwa yakwa avana naho apfungiwe, ibihumbi 50 gushika 200 mw’ibohero rikuru, ibihumbi 10 gushika 100 m’ubusho buto buto. Amahera ari hagati y’ibihumbi 2 na 5 yoba yakwa kandi kugira umupfungwa abonane n’abaza kumuraba canke ibindi vyose ashobora gukenera. Igice cayo mafaranga coba gitwara abatwara abandi banyororo abo bita banyumbakumi ikindi naco abapolisi bakorana.
Nyimba mu ntango iryo jambo rikoreshwa mukugira aho bapfungiwe habone, ikigaragara coco n’uko ari ubusuma bweruye.
Ikubagurwa, iterabwoba hamwe n’inkwirikizi mu kibano
Abapfungwa badashoboye kuriha boba bakubitwa, bugaranwa, bataronswa ibifungurwa canke ngo baronswe ivyo baba bazaniwe n’ababo. Rimwe rimwe birashika ko abapolisi batiza telefone abapfungwa kugira bahamagare kugira babone kuronswa ayo mahera basabwe.
Imiryango ifise amikoro make niyo ihabonera amabwa, hanyuma uwo muco w’ubwoba utuma habaho ikubagurwa, ikumira hamwe n’ubugizi bwa nabi, aho bwobaye uburyo bwo gukosora.
Uburyo bwo gupfunga bwamunzwe n’igiturire
K’ubw’ishirahamwe OC Index, igiturire cariraye mu mabohero mu burundi.
Ishiramwe ACAT_Burundi rivuga ko mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho umuntu ashobora gukika umusaya ashobora kuhagura gushika ku miriyoni 7 mu mafaranga y’amarundi, ibigaragaza urugero urudandazwa n’akamwana wa mama bigezeko mu mabohero.
Umushingwamanza Fabrice Bigirima aragabisha, agira ati: «ukuntu ivyo bintu bikorwa biri hejuru gose: imiryango ikoresha amafaranga itateguye hanyuma Reta nayo ikaguma itanga amahera kubantu bapfungwa igihe kirekire. »
Harakwiye impinduka zihuta
Amashirahamwe Aluchoto na Ntabariza asaba ko hojaho ibihano kubatwara mabohero hamwe n’abapolisi bakora mwe n’ivyo hamwe n’abo bakorana, hamwe n’impinduka mu buryo abapfungwa bashasha bakirwa. Ayo mashirahamwe asaba ibi:
- gutandukanya abapfungwa bivanye nivyo bari
- gusubiramwo neza ibijanye n’ibikoresho(umuco, ibifungurwa, uko aho bapfungirwa hubatse)
- Kubwira imiryango ko ayo mahera ataho azwi kandi ko atandukanye n’amategeko
Umurwi w’igihugu wigenga uraba ivy’agateka ka zina muntu CNIDH waragize ingendo utateguje mu mabohero kandi waremeje ko hariho ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rikomeye. Kubwa Jean Marie Nshimirimana, izo ngingo zirihuta kugira hashirweho intwaro ishingiye kumategeko.
Murimake
«Amahera ya buji» yerekana neza uko aho abantu bapfungirwa hatunganijwe, aharangwa igiturire, ihungabana ry’agateka k’abanyororo hamwe no kuremereza imiryango y’abapfungwa. Mu guhagarika iyo ngendo bisaba ko hafatirwa ibihano abakora ivyo, gukora mu muco, hamwe no gusubiramwo uko abantu bapfungwa, kugira abanyororo bakingirwe hanyuma ubutungane butsimbatare mu Burundi.
