Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye no gutunganya ingendo zabo. Ivyo bikaba biva ku ngingo nshasha yashizweho n’umushikiranganji w’imigenderanire, aho yashizeho urupapuro rwo kwimenyekanisha (fiche d’identification) ubushikiranganji bukavuga ko rugamije cane cane gukinga amabi n’akarenganyo bishobora kubaho mu gikorwa co kurondera abakozi, no gukomeza uruhara rwa Reta mugukingira abanyagihugu bayo baba bari mu mahanga. Ariko vyukuri, iyo ngingo koko igamije gukingira abo bakozi, canke hari izindi mvo ziri inyuma zitavugiwe ku mugaragaro?
Mw’ikete ryo ku wa 22 kigarama 2025, ryarungikiwe abarongoye amashirahamwe aronderera akazi abakozi baja kw’isumamwo mu bindi bihugu, Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, Édouard Bizimana, yamenyesheje ko hashizweho urupapuro rwihariye ku muntu wese rwo kumenyekanisha uwipfuza kurondera akazi mu mahanga, umushikiranganji avuga ko ari narwo bazoheza bagasuzuma imbere yuko umuntu ajabuka.
Nk’uko biri muri iryo kete, « urwo rupapuro rugamije gutunganya no gushira ahabona umugambi wo kuja gukorera mu bindi bihugu, gukomeza uburyo bwo gukurikirana no kumenya aho abakozi b’abarundi bakorera hanze y’igihugu bari, gukinga ihohoterwa n’akarenganyo bijanye no kubaronderera akazi, no gukomeza uruhara rwa Reta mugukingira abanyagihugu bayo baba bari mu mahanga ».
Uru rupapuro rusabwa rutegerezwa kuba ruriko ibi ibintu bikurikira: ikidodo (cachet) c’ubushikiranganji bw’imigenderanire, umukono w’ishirahamwe rirondera akazi abakozi, umukono w’umukozi w’ikigo kiraba uruja n’uruza k’umupaka, hamwe n’urupapuro rw’ubwishingizi rw’umuntu wo mu muryango. Inyuma yo kuriha amafaranga asabwa muri Banki nkuru y’igihugu (BRB), urwo rupapuro ruraheza rukaba uruhusha rutegerezwa gusabwa no kwerekwanwa ku kibuga mpuzamakungu c’Indege ca Melchior Ndadaye. Ubushikiranganji bw’imigenderanire bufata urwo rupapuro nk’« igikoresho co gukinga no gushira mu ngiro umugambi wo gushobora gukurikirana abarundi baja kwisumamwo mu mahanga ».
Urupapuro rwo kwimenyekanisha rudatanga icizere co gukingirwa
Ingingo mwe nizo si nshasha. Mu rwandiko rwashizwe ahabona ku wa 8 Myandagaro 2022, Umushikiranganji w’imigenderanire w’ico gihe yari yarashizeho urupapuro rusa n’urwo kubarindi baja kwisumamwo mu bindi bihugu bisanzwe vyaragiriraniye amasezerano n’Uburundi, ni nk’ibihugu vya Arabie Saoudite na Qatar. Yamara ubu igitandukanye n’uko ingingo ifata abaja gukora mubihugu vyagiriraniye amasezerano n’Uburundi cokimwe n’ibidafitaniye amasezerano.
Imbere yokugenda umukozi wese ategerezwa kwuzuza urwo rupapuro hanyuma akarujana mu bushikiranganji bugaheza bukarushirako ikidodo. Dosiye itangwa m’ubushikiranganji itegerezwa kuba igizwe: n’urupapuro rutangwa n’umushikirizamanza kizigenza wa Repubilika rwerekana ko umuntu adakwirikiranwa n’ubutungane, amasezerano y’akazi, uruhusha rwokwinjira mu gihugu, itike y’indege, urupapuro rwo kwa muganga rwerekana uko amagara yifashe hamwe n’urupapuro rwarihiweko amafaranga ibihumbi mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB.
Nubwo biri uko, bimwe mubisabwa kugira ishirahamwe rihabwe uburenganzira bwo gufasha ababikeneye kuja gukora hanze harimwo ko iryo shirahamwe ribwirizwa kuriha amafaranga y’ingwati agera ku miriyoni 50 mu mafaranga y’amarundi kugira ashobore gufasha abakozi boba barenganijwe iyo baba bagiye kwisumamwo.
N’ubwo hariho iyo ngingo, abakozi b’abarundikazi batari bake b’abimukira babandanya bahohoterwa, mbere bakanafatwa ku nguvu, kandi ayo mashirahamwe ntaco yigera akora kugira abafashe.
Mu kiganiro cabereye ku kibuga ca komine Muramvya igenekerezo rya 26 nzero 2025, umukuru w’ishirahamwe Aluchoto, Vianney Ndayisaba, yagize ati: “amashirahamwe arungika abakobwa n’bakenyezi kwisumamwo mu bihugu vy’abarabu, bisa n’urudandazwa rw’abantu, kuko aheza agatwara k’umushahara amafaranga agera kubice 50 kw’ijana.”
Kubwiwe,ishirahamwe Aluchoto riramaze gutororokanya ibitigiri vy’abantu 54 bafashwe ku nguvu, 132 baborejwe igufa, hamwe n’abatari bake bahohotewe.” Iyo bafashwe nabi, nta bufasha nabumwe bahabwa. Ahubwo nyabuna , n’imiryango yabo yisopa kenshi kugira irihe itike yo kugaruka. Hanyuma, abo bakenyezi baraheza barapfungwa kugira barihe ibice 50 kw’ijana vy’umushahara borishe mu kiringo c’umwaka.”
Yaranatanze kandi akarorero k’umwigeme yatotejwe mugupfungwa ikiringo c’indwi zibiri muri zone Kinindo,mu gisagara ca Bujumbura, ariko ategekwa kuriha imiriyoni 11 mu mafaranga y’amarundi inyuma yo guhagarika amasezerano y’akazi kubera amabi yakorewe.
Kubera ivyo vyashikirijwe, umukuru w’igihugu yaciye atanga itegeko m’ubushikiranganji bw’intwaro yohagati mu gihugu hamwe n’ubwimigenderanire gufata mu minwe iyo dosiye kandi bayikore ata ” kinya”, kandi ko ” iryo shirahamwe ryoca rihagarikwa co kimwe n’ayandi akora nk’iryo”.
Murimake
Abakozi baja kwisumamwo hanze bariyamiriza iyo ngingo babona ko atakunguko na gato ibazanira, atari ahubwo kubandanya inigira mu menshi amahirwe yabo yo gushobora kuja kurondera uko babeshaho imiryango yabo. Ibigaragara birerekana biremeza ko urwo rupapuro, ubwarwo rutaza rukingira vyukuri umukozi.
K’ubw’ishirahamwe Focode, iyo ngingo yoba igamije gusuzuma uruja n’uruza rw’abasohoka, na cane cane abasirikare baja mu bihugu vyo mukigobe c’abarabu, aho kuba ari ingingo ya poritike igamije gukingira abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze y’igihugu.
