Close Menu
    What's Hot

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 2026

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 2025

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?
    • kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga
    • Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi
    • «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?
    • Urukurukuru k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, igihuha kidafise ishingiro
    • Nta kimenyetso na kimwe kiriho kigaragaza ko Ubufaransa bwoba buriko burahuza Uburundi n’Urwanda
    • Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri
    • Ikoroka ry’idorari mu Burundi: Icipfuzo kitagaragaza ukuri muvy’ubutunzi
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Thursday, 12 February 2026
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri

    Ikena ry’igitoro riguma ryigaragaza, icizere caraheze: indemesho zitangwa n’umukuru w’igihugu ziranyuranye n’ukuri

    0
    By BURUNDI FACTS on 27 October 2025 Amakuru Yacu
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    N’ubwo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yizeza ko Uburundi bufise igitoro «gikwiye» ukuri kugaragara k’urubuga kwerekana ibindi. Ubukene bw’igitoro buragaragara mu ntara zitandukanye;Sopebu ntatangazo yigeze isohora ishimangira ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu kandi n’abiyunguruza ntacizere. Ivyo vyose vyerekana ko ivyagiye birashikirizwa ari uguhuma amaso kw’ikena ry’igitoro rimaze imyaka n’imyaka.

    Ariko ashikiriza icese musitanteri mushasha wa komine Bugendana mu ntara ya Gitega, ku musi wa kane igenekerezo rya 23 Gitugutu 2025, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaremeje ko igihugu gifise igitoro gikwiye. Kubwiwe, ikena ryibonekeza riterwa n’aba nyene amasitasiyo «badashaka kuja kugitora muri Sopebu»

    Yagiriyeko anagabisha ko banyene ayo masitasiyo «badakwiriye no kubaho», ko kandi ashobora gufata ingingo yo gushira mu minwe ya Reta ayo masitasiyo.

    Bimwe muvyizere vyagiye biratangwa ariko ataco vyashitseko

    Kuva muri 2021, Uburundi buri mu ngorane z’igitoro ziguma zisubiriza, imirongo idahera, iduga ry’ibiciro vyo kwiyuruza. N’ubwo umukuru w’igihugu aheruka gutanga icizere, nta mpinduka iraboneka.

    Muri 2022, inyuma yikurwa ry’uwari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yivugiye ko ikibazo c’igitoro agiye kucifatira «mu minwe», yizeza ko atakena rizosubira kubaho. Muri 2023, ari muri zone Musaga, yatangaje ko hari ubwato bunini bupakiye igitoro buriko buraza bugikuye muri Bahrein. Inyuma y’amezi make, yavuze ko igitoro cugaraniwe i Dar es Salaam, kubera ko habuze imiduga ikizana. Muri 2024, yavuze ko hari umutegetsi yabujije ko gipakirwa kitabanje kurihwa.

    Amakuru ataho afatiye yaragiye arahanahanwa, nk’umugambi wo guhingura igitoro mu mavoka canke mubindi vyatsi.

    Ntakintu nakimwe cemeza ivyatangajwe n’umukuru w’igihugu

    Kw’igenekerezo rya 23 Gitugutu 2025, nta kimenyetso nakimwe kigaragara cerekana ko igitoro kiriho kandi gikwiye mu Burundi. Amatohoza yakozwe na Burundi Facts hamwe n’intahe zitangwa n’abiyunguruza vyerekana ko intara za Bujumbura,Gitega na Butanyerera zarangwamwo ubukene bw’igitoro budasanzwe.

    Sopebu, ariyo isanzwe itanga igitoro, ntatangazo na rimwe yigeze isohora ivuga ko igitoro kiriho. Ama sitasiyo twavuganye yemeza ko atamategeko yigeze ahabwa avuga ko bashobora gutora igitoro kurusha uko bahora bagitora.

    Umwe mibatwara imodoka ntoya yunguruza abantu twaganuriye hagati mu gisagara ca Bujumbura yagize ati: ” ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu ntashingiro bifise”. Kubwiwe atongera ati: ” ni gute umudandaza yironderera inyungu, yokwanka kuja kurangura igitoro nyimba koko vyukuri kiriho.?”

    Umwe mubiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura wewe yagize ati: « umukuru w’igihugu ashaka guhuma amaso abantu mukwerekana ko ama sitasiyo ariyo ari mu makosa kandi Reta ariyo atabushobozi ifise bwo kwama ikizana uko vyategerzwa. »

    Ikibereye n’uko hofatwa ingingo

    Kubwa Gabriel Rufyiri arongoye ishiramwe Olucome, mu gukemura ico kibazo kiguma cisubiriza c’ikena ry’igitoro hakwiye gutunganywa inama rukokoma kubijanye n’ibibazo vy’ubutunzi kugira higwe ibituma: itunganywa ririmwo igipfungu, ubukene bw’amafaranga mvamakungu, hamwe no kuzera inze mubijanye n’ibidandazwa.

    Faustin Ndikumana, arongoye Parcem ahamagarira Reta gufata ingingo zidasanzwe, na cane cane mugushiraho ikigega, intunganyo irimwo umuco hamwe n’ukugururira abandi ngo bazane igitoro.

    Murimake

    Nyimba umukuru w’igihugu yemeza ko igitoro cisesa mu Burundi, ntakintu nakimwe kiza kigaragaza ko ivyo yavuze arivyo. Ubukene buracibonekeza mu ntara zitandukanye, amasitasiyo ntiyigeze abwirwa ko yoja gutora igitoro uko agishaka kandi amakenga ni menshi mubanyagihugu.

    Abahinga barahuriza kuri bimwe muvyotuma haboneka agahengwe: inama rukokoma, intwaro ibereye, hamwe no kwubaka ububiko. Mugihe rero ivyo vyose bitazoba birakorwa, ntawogira icizere ko ingorane y’igitoro yakemutse mu Burundi, kandi abanyagihugu nibo inkwirikizi zizoguma zikorako.

    Related Posts

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 20264 Mins Read

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 20253 Mins Read

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Abakozi b’abarundi baja kwisumamwo hanze: urupapuro bategerezwa kurondera n’urubakingira koko, canke nukugira basuzume neza abasohoka?

    14 January 202604 Mins Read

    Abakozi b’abarundi bakorera canke bipfuza kuja gukorera i Dubai ubu bariko bahura n’ingorane zidasanzwe mubijanye…

    Ubutunzi

    kugwanya ubusuma mu gisata c’ubutare: inguvu z’ubutegetsi ziguma zigabanuka, Ndabirabe aguma aduga

    30 November 202503 Mins Read

    Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abandanya kuvuga kwatakwihanganira abashora ubutare mu mpisho, umusaruro uriko…

    Amakuru Yacu

    Ukwimbura umusesekara vyaratangajwe, yamara uduhaze ni twinshi

    4 November 202503 Mins Read

    Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi gukura amaboko mu mpuzu ngo barime haboneke…

    Amakuru Yacu

    «Amahera ya buji» yakwa abapfungwa n’ukuri canke n’urukurukuru?

    2 November 202503 Mins Read

    Mu Burundi, amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu ariyamiriza ubusuma bukorerwa abapfungwa bashasha.…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2026 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.