N’ubwo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yizeza ko Uburundi bufise igitoro «gikwiye» ukuri kugaragara k’urubuga kwerekana ibindi. Ubukene bw’igitoro buragaragara mu ntara zitandukanye;Sopebu ntatangazo yigeze isohora ishimangira ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu kandi n’abiyunguruza ntacizere. Ivyo vyose vyerekana ko ivyagiye birashikirizwa ari uguhuma amaso kw’ikena ry’igitoro rimaze imyaka n’imyaka.
Ariko ashikiriza icese musitanteri mushasha wa komine Bugendana mu ntara ya Gitega, ku musi wa kane igenekerezo rya 23 Gitugutu 2025, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaremeje ko igihugu gifise igitoro gikwiye. Kubwiwe, ikena ryibonekeza riterwa n’aba nyene amasitasiyo «badashaka kuja kugitora muri Sopebu»
Yagiriyeko anagabisha ko banyene ayo masitasiyo «badakwiriye no kubaho», ko kandi ashobora gufata ingingo yo gushira mu minwe ya Reta ayo masitasiyo.
Bimwe muvyizere vyagiye biratangwa ariko ataco vyashitseko
Kuva muri 2021, Uburundi buri mu ngorane z’igitoro ziguma zisubiriza, imirongo idahera, iduga ry’ibiciro vyo kwiyuruza. N’ubwo umukuru w’igihugu aheruka gutanga icizere, nta mpinduka iraboneka.
Muri 2022, inyuma yikurwa ry’uwari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yivugiye ko ikibazo c’igitoro agiye kucifatira «mu minwe», yizeza ko atakena rizosubira kubaho. Muri 2023, ari muri zone Musaga, yatangaje ko hari ubwato bunini bupakiye igitoro buriko buraza bugikuye muri Bahrein. Inyuma y’amezi make, yavuze ko igitoro cugaraniwe i Dar es Salaam, kubera ko habuze imiduga ikizana. Muri 2024, yavuze ko hari umutegetsi yabujije ko gipakirwa kitabanje kurihwa.
Amakuru ataho afatiye yaragiye arahanahanwa, nk’umugambi wo guhingura igitoro mu mavoka canke mubindi vyatsi.
Ntakintu nakimwe cemeza ivyatangajwe n’umukuru w’igihugu
Kw’igenekerezo rya 23 Gitugutu 2025, nta kimenyetso nakimwe kigaragara cerekana ko igitoro kiriho kandi gikwiye mu Burundi. Amatohoza yakozwe na Burundi Facts hamwe n’intahe zitangwa n’abiyunguruza vyerekana ko intara za Bujumbura,Gitega na Butanyerera zarangwamwo ubukene bw’igitoro budasanzwe.
Sopebu, ariyo isanzwe itanga igitoro, ntatangazo na rimwe yigeze isohora ivuga ko igitoro kiriho. Ama sitasiyo twavuganye yemeza ko atamategeko yigeze ahabwa avuga ko bashobora gutora igitoro kurusha uko bahora bagitora.
Umwe mibatwara imodoka ntoya yunguruza abantu twaganuriye hagati mu gisagara ca Bujumbura yagize ati: ” ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu ntashingiro bifise”. Kubwiwe atongera ati: ” ni gute umudandaza yironderera inyungu, yokwanka kuja kurangura igitoro nyimba koko vyukuri kiriho.?”
Umwe mubiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura wewe yagize ati: « umukuru w’igihugu ashaka guhuma amaso abantu mukwerekana ko ama sitasiyo ariyo ari mu makosa kandi Reta ariyo atabushobozi ifise bwo kwama ikizana uko vyategerzwa. »
Ikibereye n’uko hofatwa ingingo
Kubwa Gabriel Rufyiri arongoye ishiramwe Olucome, mu gukemura ico kibazo kiguma cisubiriza c’ikena ry’igitoro hakwiye gutunganywa inama rukokoma kubijanye n’ibibazo vy’ubutunzi kugira higwe ibituma: itunganywa ririmwo igipfungu, ubukene bw’amafaranga mvamakungu, hamwe no kuzera inze mubijanye n’ibidandazwa.
Faustin Ndikumana, arongoye Parcem ahamagarira Reta gufata ingingo zidasanzwe, na cane cane mugushiraho ikigega, intunganyo irimwo umuco hamwe n’ukugururira abandi ngo bazane igitoro.
Murimake
Nyimba umukuru w’igihugu yemeza ko igitoro cisesa mu Burundi, ntakintu nakimwe kiza kigaragaza ko ivyo yavuze arivyo. Ubukene buracibonekeza mu ntara zitandukanye, amasitasiyo ntiyigeze abwirwa ko yoja gutora igitoro uko agishaka kandi amakenga ni menshi mubanyagihugu.
Abahinga barahuriza kuri bimwe muvyotuma haboneka agahengwe: inama rukokoma, intwaro ibereye, hamwe no kwubaka ububiko. Mugihe rero ivyo vyose bitazoba birakorwa, ntawogira icizere ko ingorane y’igitoro yakemutse mu Burundi, kandi abanyagihugu nibo inkwirikizi zizoguma zikorako.
