Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga harahimbzwa umusi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi (démocratie), umusi washinzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu mwaka wa 2017 kugira ngo rihamagarire ibihugu kwijukira ubwo buryo bwo kurongora. Mu Burundi, vyitwa ko hari intwaro rusangi . Yamara, abanyaporitike n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bemeza ko ibitegerezwa kuranga intwaro rusangi ata kibanza bigifise mu Burundi.
Intwaro rusangi, canke intwaro ya demokarasi n’uburyo bwa poritike bwo kuyobora aho ubutegetsi butangwa bukongera bugasubira kubanyagihugu , mu buryo ubu canke buriya. Insiguro ya demokarasi ikunze kwifashishwa n’iya Abraham Lincoln aho agira ati :”Demokarasi n’intwaro y’abanyagihugu, kubw’abanyigihugu n’abanyagihugu.”
Demokarasi ishingiye ku nkingi zine , arizo kwubahiriza uburenganzira bw’abanyagihugu , gutandukanya ubutegetsi, gutunganya amatora mu bwigenge kindi ku gihe hamwe no kubaho kw’imigambwe myinshi mu bwigenge.
Uburundi bwoba buyobowe koko muri demokarasi
Kubatari bake bakurikiranira hagufi ibibera mu Burundi, inyishu iratomoye: demokarasi yo mu Burundi iriho kw’izina.
Léonce Ngendakumana,umunyaporitike yanafatanije urugamba n’incunga ya demokarasi Melchior Ndadaye agira ati :” turi mu ntwaro y’umukazo yihishije (dictature voilée). Mu kiganiro catunganijwe n’ishirahamwe rihamagarire abarundi guhindura ingendo Parcem ku munsi wahariwe demokarasi, yariyamirije ikoreshwa ry’igipolisi n’igisirikare hamwe n’amahera kugira bazivye umuntu wese atavuga rumwe n’ubutegetsi.
Na Frédéric Bamvuvinyumvira, umunyaporitike ari mu buhungiro niko abibona, kubwiwe demokarasi ni ukuyiyumvira muri kahise. Kuva 2010 ,amatora yama arangwa n’utunenge, ibitesha abanyagihugu uburenganzira bwabo bwo kwitorera indongozi bipfuza. Aha avuga ko intwaro yiganjemwo abegereye igisirikare.
Jérémie Ngendakumana, yahoze atwara umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD arerekana ubudasa aho agira ati ingorane ntihagaze ko haba hatunganijwe amatora , ahubwo kutamenya neza ibiranga intwo rusangi. Muri aya majambo agira ati :”intwaro rusangi ntihagaze kw’itunganywa ry’amatongo. Ahubwo n’intwaro yitwararika kwubahiriza agateka ka zina muntu, gutandukanya ubutegetsi, hamwe n’intwaro yubahiriza amabwirizwa n’amategeko.
Audace Havyarimana,wo mw’ishirahamwe FORESC yerekana igipfungu kiranga iyo ntwaro muri kino gihe, agira ati: “abatwara bahindutse inyamaswa. Bariraba, ntibashira imbere inyungu y’abanyagihugu. Ubutunguna bwahindutse ubw’umugambwe .”
Anschaire Nikoyagize, arongoye ishiramwe Ligue Iteka abonako igihugu casubiye mu ntwaro y’umugambwe umwe:” Uno musi , nta wukura ururimi mu kanwa. Wihenze ukadyogora uba upfuye. ”
Demokarasi yinzanano , yakiriwe ukutariko
Nk’uko bisanzwe mu bihugu bitari bike vya Afrika, intwaro rusangi yashizweho mu Burundi gihutihuti kubera igitsure c’amakungu, na cane cane inyuma y’inama idasanzwe yahuje Ubufaransa na Afrika i La Baule mu 1990. Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa w’ico gihe François Mitterrand yari yatangaje ko imfashanyo y’iterambere izoza iratangwa hisunzwe utwicoro two gutsimbataza intwaro rusangi mu bihugu vya Afrika.
Kubwa Jérémie Ngendakumana, imugambwe Uprona na Frodebu, yahavuye igondozwa iremere ariko idahura neza ivyo irimwo. Umugambwe Uprona ntiwashaka ko umugambwe Frodebu usambuka , mu gihe uyo nawo washaka ubutegetsi “.
Umukuru w’umugambwe APDR, Gabriel Banzawitonde avuga ko vyoroshe guta ikosa ku makungu Kubwiwe ingorane nyamukuru ihagaze kukutubahiriza ibitegerezwa kuranga intwaro rusangi.
Ni ivyahe vyokorerwako muri kazoza mu Burundi
Aho gutanatanako imyikomo, abatari bagize ico bashiriza barabona ko hari icokorwa.
Jérémie Ngendakumana, yemeza ko abanyaporitike bari bakwiye gutahura ko bwara kubw’abanyigihugu, muri aya majambo agira ati : Poritike ntikabe urudandazwa ”
Frédéric Bamvuvinyumvira asaba ko hotunganywa inyigisho kuri bose zigamije mu kwerekana akamaro k’inzego hamwe n’uburyo bwokugendura ibikorwa vyazo.
Audace Havyarimana na Anschaire Nikoyagize bobo bahagaze kwitsimbatazwa ry’intwaro ishingiye ku mategeko, ubwigenge bw’urwego rw’ubutungane hamwe n’ibiganiro bihuza imirwi itandukanye.
Ubwa nyuma hari n’uko hari n’abasaba ko hoshirwaho uburyo bwo gutwara bwiharije ku Burundi hisunzwe intwaro ya cami hamwe n’ibiri mu nkingi za demokarasi.
Muri make
Inyuma y’imyaka 30, hashinzwe intwaro ifatiye ku migambwe myinshi, mu Burundi haracagara ibiranga intwaro ya dyogora duhure, ibiva mu matora vyiyamirizwa hamwe n’ihonyangwa ry’amategeko. Kuri bamwe mubanyaporitke n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivy”icaro vya poritike, gushika kuri demokarasi yukuri biracari kure nk’ukwezi.
Yamara icizere kiriho, bihagaze kubarundi ubwabo kwerekana neza no gushiraho uburyo bwo gutwara bwabo, hifashishijwe ivyo bakuye mu ntwaro za cami n’ibirqnga demokarasi.