Close Menu
    What's Hot

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 2025

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 2025

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?
    • Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?
    • Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa
    • Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?
    • Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi
    • Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa
    • Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire
    • Ukwitanga kw’abarwanyi ba CNDD-FDD kwoba koko «kwatumye abarundi babaho bahimbawe »
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Wednesday, 8 October 2025
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?

    Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?

    0
    By BURUNDI FACTS on 23 September 2025 Amakuru Yacu
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Ireresi yerekana umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye aciye imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid Tebboune atamuhaye ukuboko ngo amuramutse yarateje uruhagarara ku mbugahwaniro. Ivyo bikaba vyafashwe nko kugaragaza akababaro mubijanye n’imigenderanire, mu gihe ivyabaye ari ikwihenda gusanzwe mubatunganya ingendo n’ibikorwa vy’abategetsi.

    Ireresi yarahanahanywe ku mbugahwaniro yemeza ko umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye yoba yanse guha ukuboko umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid Tebboune n’ibigirankana mu birori vyo kwugurura ihayanisha gurisha rihuhuza ibihugu  vyo ku mugabane wa Afrika (IATF 2025). Bamwe mubakoresha imbugahwaniro, babona ko ico ari ikimenyetso kigaragaza agashavu muvy’imigenderanire Uburundi bufitiye igihugu ca Algérie.

    Intandaro ya vyose :urugendo rw’umushikiranganji wa mbere muri IATF 2025 mu gisagara ca Alger

    Kw’igenekerezo rya 2 Nyakanga 2025, umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye yarafashe urugendo yerekeza mu gisagara ca Alger aho yaserukiye umukuru w’igihugu mw’ihayanisha gurisha hagati y’ibihugu vya Afrika (IATF 2025), ryatunganijwe kuva kw’igenekerezo rya 04 Nyakanga gushika kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga 2025 rikaba ryari ryiharije umugabane wa Afrika (ZLECAF). Ni mugihe hariko hakirwa abaje baserukira ibihugu hafatwa iyo reresi iteje ikibazo: turabona neza umushikiranganji wa mbere w’Uburundi atambuka ariko adahagaze na gato imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid Tebboune.

    https://burundifacts.org/wp-content/uploads/2025/09/WhatsApp-Video-2025-09-15-at-10.52.53_1d2b786d-1.mp4

    Ireresi yarahanahanywe ku mbugahwaniro yerekanaa ko umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye yanse guha ukuboko umukuru w’igihugu ca Algérie

    Ahmed Attaf aratanga umuco:Ntakosa ryabaye hagati y’Uburundi na Algérie

    Kuri izo mpari, umushikiranganji w’imigenderanire w’igihugu ca Algérie, Ahmed Attaf yaragize ico ashikiriza yongera atanga umuco imbere y’abamenyeshamakuru mu kiganiro yaremesheje kw’igenekerezo rya 13 Nyakanga 2025. Yamenyesheje ko imigenderanire hagati y’Uburundi na Algérie yifashe neza kandi ko gushika ubu gufashanya vyifashe neza cane. Yaratanze n’akarorero,aho yavuze ko mbere hariko harategurwa n’urugendo rw’umukuru w’igihugu c’Uburundi muri ico gihugu mu misi iri imbere. Umukuru w’igihugu Abdelmadjid Tebboune akaba kandi yarakiriye umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye,aho yaramushiriye ubutumwa bwanditse bw’umukuru w’igihugu c’Uburundi.Ahmed Attaf akaba yagize ati ivyo vyafashwe nk’agashavu yamara ari ukwihenda gusanzwe. Akaba yagize ati: “Jewe ubwanje, sinigeze numva ivyo ko hari agahaze kagaragaye. Ubutumwa yashikirije igihe yakirwa n’umukuru w’igihugu bwerekana neza ko imigenderanire yifashe neza hagati yivyo  bihugu bibiri .” Yarongeye aranibutsa ahubwo ko icari kuba agahaze ari mugihe ata ntumwa ziserukira Uburundi zari kuba zahishikiye, umuntu aretse ko muri ivyo birori hari haje intumwa idasanzwe iri ku rwego rw’umushikiranganji wa mbere.

    Ukuri n’ibitari ukuri biteje icuka: Agahaze karabaye mubijanye n’ukuntu ibirori vyari bitunganijwe

    Ireresi yagiye irahererekanwa ku mbugahwaniro yakoreshejwe ukutariko hanyuma iraheza irahabwa inguvu zidafise ishingiro, mukwerekana ko ibijanye n’imigenderanire vyahungabanye. Ntakintu nakimwe kigaragara cerekana ko umushikiranganji wa mbere w’Uburundi yanse gukora mu minwe n’ibigirankana umukuru w’igihugu ca Algérie, mubisanzwe umushikiranganji wa mbere  yabuze uwumubwira uko ibintu bitunganijwe mubatunganije urubanza  kandi ivyo ntankwirikizi ku migenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu ca Algérie.

    Muri make,ivyagiye biravugwa ntashingiro bifise, kuko bishingiye mu kwihuta guca urubanza ufatiye kuma sanamu.

    Related Posts

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 20253 Mins Read

    Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi

    14 September 20253 Mins Read

    Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa

    13 September 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 202503 Mins Read

    Amakuru yahanahanywe ku mbugahwaniro arahushanye n’uko ibintu vyifashe, abasirikare b’abarundi ntibariko barakinjura mu gisagara ca…

    poritike

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 202503 Mins Read

    Ku magenekerezo ya 4 na 5 Nyakanga 2025 i Muyinga, hamwe na 10 Nyakanga i…

    poritike

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 202504 Mins Read

    Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga harahimbzwa umusi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi (démocratie), umusi…

    Amakuru Yacu

    Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?

    23 September 202503 Mins Read

    Ireresi yerekana umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye aciye imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2025 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.