Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarijeje abanyagihugu bo muri komine Kiremba kazoza gasayangana biciye mu giterwa c’amavoka. Ariko ku rubuga, ubukene bw’impapuro zitangwa zijanye n’ubuziranenge, amikoro make y’abarimyi hamwe no kuzera inze biratanga igihushane kubijanye n’imbono. Amatohoza yacu.
Mu birori vyo gushikiriza musitanteri mushasha wa komine Kiremba mu ntara ya Butanyerera, umukuru w’igihugu yarakoresheje imvugo yerekana icizere co muri kazoza aho yagize ati: «mwebwe murahiriwe muzoba muri abatunzi mu myaka 5 iri mbere,umwe wese azoba afise umuriyoni mu mufuko. »
Imvugo iraremesha nivyo ariko ibintu bimeze gute vyukuri?
Ikigaragara n’uko iyo mvugo y’umukuru w’igihugu atacizere itanga.
Nta buhinga bwokwemeza ko ivyahinguwe bikwije ubuziranenge
Kugira ivyahinguwe bivuye mu biterwa bishobore gushikanwa ku masoko mpuzamakungu bitegerezwa kuba bifise urupapuro rwemewe. Ariko rero mu Burundi, ubwo buhinga busa n’uko ataburiho.
«Rimwe rimwe, urupapuro rutangwa n’ikigo CNTA ruremerwa ahandi naho ntirwemerwe. » ivyemezwa n’umwe mu bakozi bo mubushikiranganji bw’ubudandaji bakuwe na Burundi Facts.
Igikorwa n’uko,amavoka yo mu Burundi adashorwa hanze yitirirwa igihugu, kuko biheza bigakorwa n’abadandaza bava mu gihugu ca Kenya canke abo muri Tanzaniya basanzwe bafise ibigo bitanga impapuro z’ubuziranenge iwabo. Amavoka y’Uburundi agaca aheza agashika kw’isoko mpuzamakungu abitirirwa.
Akabirya kivyo twirimira gakamishwa n’ibihugu bibanyi
Umuhinga mubijanye n’uburimyi Rénovat Nitunga ntarya umunwa aho agira ati: «abadandaza b’abatanzaniya n’abakenya nibo bungukira m’urudandazwa rw’amavoka y’Uburundi. »
Ibiharuro birashimangira ayo majambo: muri 2023, ikiro c’amavoka cagurwa hafi 2083 mu mafaranga y’amarundi mu ntara ya Kayanza. Yamara mugihe arenze imbibe z’igihugu, ico kiro kiraheza kikagurishwa kugera 14879 mu mafaranga y’amarundi. Ubusumbasumbane mubijanye n’ibiciro burenga incuro indwi, ivyerekana ko umurimyi w’umurundi ata kibanza kinini ahabwa muri urwo rudandazwa.
Ingorane zurusukirane zikomeye
Uretse ingorane z’impapuro,igisata c’amavoka kirahanzwe n’:
- ubukene bw’amatongo,kubera umurindi w’irwirirana ry’abantu;
- ukuba abanyagihugu batobato batabona ko igiterwa c’amavoka ari igiterwa cinjiza;
- ukubura kwabahinga muri ico gisata vyunyurwa no kuba hari koperative nke kandi zidafise ubumenyi.
Rénovat Nitunga agira ati: «kugira amavoka ashobore kuba igiterwa njabukamazi, umuntu atabanje gukemura ibibazo bitandukanye, amahirwe aragoye gushikwako. »
Icizere gitangwa kiratandukanye n’ibiri k’urubuga
Ikigaragara n’uko hari ubutandukane hagati y’ijambo ry’umukuru w’igihugu n’ukuri kw’uko ibintu vyifashe:
- Igihugu ntikigira inyubako n’amategeko akenewe kugira gishore hanze amavoka;
- Inyungu abarimyi bakura mu mavoka iracari nto, abanyamahanga nibo bavyungukiramwo;
- Ico gisata kiracabuze ubufasha buhagije bwa Reta
Murimake
Oya, abarimyi bo muri komine Kiremba ntibazoba ari abarwizatunga mu myaka 5 iri imbere mu gihe intambamyi zibonekeza zitarakemurwa. Uburimyi bw’amavoka burafise akarusho kagaragara,yamara azovyazwa umusaruro biciye muri poritike y’igihugu itomoye hamwe no kugwiza ubuhinga.
Ibintu bimeze uko, imvugo y’umukuru w’igihugu igaragara ko ari imvugo ya poritike aho kuba imvugo igaragaza ubutunzi bwizewe mu misi iri imbere.
____________________________________________
Isanamu: Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye ariko aragendera umurima w’amavoka. © DR