Mu Burundi, abashingamateka bashasha, abakenguzamateka hamwe n’abashikiranganji binjiye mu mabanga batabanje kwerekana amatungo yabo, ivyo navyo bikaba binyuranye n’Ibwirizwa Shingiro hamwe n’itegeko rirwanya igiturire. Ivyo biza bitera amakenga kubijanye n’umuco utegerezwa kuranga abari mu nzego za Reta mbere bigatuma umuntu yibaza uko izo nzego zigiye gutuza igiturire.
Kw’igenekerezo rya 28 Mukakaro 2025, Inama Nshingamateka yarashashe ubwa mbere, mu nyuma harakwirikira Inama Nkenguzamateka kw’igenekerezo rya 1 Myandagaro. Mu maguru masha, haragenywe Reta nshasha kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaragenye Umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye, hanyuma kuva igenekerezo rya 6 Myandagaro, Reta igizwe n’abashikiranganji 13 yaratangajwe icese. Igenekerezo rya 7 Myandagaro,Reta yararahiye. Ariko nta mutegetsi n’umwe yigeze yerekana amatungo yiwe nk’uko bisanzwe bitegekanijwe n’amategeko.
Ingingo isanzwe itegekanywa n’Ibwirizwa Shingiro
Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi ryo mu mwaka wa 2018 riratomoye: Ingingo y’i 151 itegeka abagize Reta kwerekana amatungo yabo kugira habemwo umuco kandi hongere hatuzwe ingendo yo kurya igiturire.Ingingo ya 95 irerekana neza ko umukuru w’igihugu, icegera ciwe, umushikiranganji wa mbere hamwe n’abashikiranganji bategerezwa kwerekana urutonde rw’amatungo yabo imbere ya Sentare Ntahinyuzwa.
Iryo bwirizwa riza ryunganirwa n’irindi inomero 01/12 ryo kuwa 18 Ndamukiza 2006, ritegeka abakozi bakuru kwerekana ubutunzi bwabo, ubwaba fasha babo hamwe n’ubwabana babo bakiri bato. Ivyo biraheza bigakorwa mu mu kwezi gukurukira batanguye amabanga canke bahejeje amabanga. Intumbero iratomoye: ni ukugira umuntu ashobore kubona vyoroshe umuntu yoba yararonse amatungo adasiguritse ni nukugira kandi inzego zihari zibe ari inzego zizewe
Yamara, izo ngingo zose ziherera mu mpapuro. Ntazindi ngingo zigeze zishirwaho zotuma umuntu atubahirije amategeko aheza agahanwa, ari naco gituma gushika ubu abategetsi bashasha batanguye amabanga batabanje gushira mu ngiro izo ngingo zo kwerekana amatungo yabo.
Ukwivuguruza kw’umukuru w’igihugu muri 2020
Agishika k’ubutegetsi muri 2020, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yari yijeje ko abagize Reta babwirizwa kwerekana amatungo yabo mukiringo c’indwi zitatu bakigenwa mu mabanga .Ariko inyuma yaho haheze amezi atari make, mu kwezi kwa Kigarama uyo mwaka nyene, yavugiye k’umugaragaro ko hari ivyamugoye. Kubwiwe, kwerekana amatungo kuri bamwe vyotwara umwanya muremure kuko bamwe muribo “batunze vyinshi” bikaba vyotwara indwi zirenga zibiri kugira bavyerekane .Yagiriyeko avuga ko gusa abo bizogaragarako ko bafise amatungo adaciye mu muco aribo bazoheza bagategekwa kuyasigura bahejeje ikiringo cabo.
Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu bikaba vyarateye amakenga vyongera biranegurwa n’abatari bake, kuko biza vyaka inguvu ya ngingo ya 95 y’Ibwirizwa Shingiro hamwe n’itegeko rirwanya ibiturire.
Kwirengagiza akamomo katewe n’amashirahamwe adaharanira ivy”icaro vya poritike
Ishiramwe rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta OLUCOME kuva muri Mukakaro 2020 ryari ryagumye risemerera risaba umukuru w’igihugu gushira mu ngiro amategeko ajanye no kwerekana amatungo yabo kuri abo bose bagenywe mu mabanga. Olucome yagira iti: “mugihe abategetsi baterekanye amatungo yabo bizoguma bigoye gutuza ingeso yo kwegeranya amatungo adasiguritse.”
Ayo makenga ya Olucome ntiyigeze afatirwako na gato. Uno musi kubona haterekanwa amatungo yabagenywe mu mabanga biza binigira mu menshi ibijanye no gutuza igiturire,mu gihugu gisanzwe kiri mu kibanza ca 165 k’urutonde rw’ibihugu 180 mubihugu vyamunzwe n’igiturire nk’uko bitangwa na Transparency International muri 2024.
Ikimenyetso kibi mubijanye n’ibitegerezwa kuranga intwaro ibereye
Mukwanka gushira mu ngiro ingingo zisanzwe zanditse neza kandi zisiguritse mw’Ibwirizwa Shingiro, abashingamateka n’abashikiranganji b’Uburundi batanze ubutumwa buteye amakenga: kurwanya igiturire biguma bivugwa biherera mu majambo, Uko kudakwirikiza amategeko biza bica kubiri n’umuco utegerezwa kuranga intwaro ibereye, biranatuma kandi hashobora gutsimbatara umuco wo kudahana, bigatuma kandi intwaro ihari idaheza ngo yizerwe n’abanyagihugu eka mbere bigatuma igira n’ishusho mbi mu makungu.
________________________________________________
Isanamu: Reta iheruka kugenwa muri Myuandagaro 2025 mu Burundi © DR