Mu gihe umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ahayagiza akarorero keza k’imbonerakure ku rwego mpuzamakungu, ivyegeranyo bitangwa n’amashirahamwe mpuzamakungu vyerekana ibindi. Kure yokuba akarorero, imbonerakure zagirizwa ivyaha vyoguhohotera abandi, kutihanganirana muvya poritike hamwe noguhonyanga agateka kazina muntu.
Ariko atanga ikiganiro kubamenyeshamakuru ari mu gisagara ca Ngozi kw’igenekerezo rya 23 Myandagaro 2025,umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ,Révérien Ndikuriyo yarahayagije inyifato y’imbonerakure yemeza ko zabaye akaroro ku rwego mpuzamakungu.Agira ati:
“Bimwe mu bihugu biribaza ukuntu twabigenjeje kugira dushobore gupanga neza urwaruka rwacu rw’imbonerakure.Kwanza, hariho n’abipfuza kurungika intumwa kugira baze tubigushe ukuntu twabikoze kugira dushobore gushika kuri iyo ntambwe ”
Ariko yishura kumakenga y’abamenyeshamakuru ku bijanye nokwigisha abana bakiri bato bita “Ibiswi vy’inkona, Ndikuriyo yarahumurije ko ari ukugira bategure urwaruka ruzoba rufise ijunja n’ijambo muri kazoza .Agira ati :
“Urwaruka rwacu rutegerezwa gukura rufise ubuntu murirwo kandi umuntu adafatiye kuvyiyumviro vya poritike.”
Ishusho idahuye n’ibibera k’urubuga
Ivyo bishikirizwa biranyuranye cane n’ibibera k’urubuga . Imbonerakure zagirizwa n’amashirahamwe mpuzamakungu menshi kugira iterabwoba hamwe no guhohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi.
Ishiramwe mpuzamakungu ONU ryoryo riramaze no gufata imbonerakure nk'”akarwi k’inkorabara ” kubera ibikorwa vyazo. Mu rwandiko rwasohowe n’amashirahamwe abiri Raoul Wallenberg hamwe na SOS-Torture Burundi rugira ruti:
“Kuva hatangujwe imyiyamamazo ,imigambwe itari mike itavuga rumwe n’ubutegetsi ,yagumye yiyamiriza ihohoterwa rikorerwa abanywanyi bayo ,ikubagurwa ,hamwe n’itotezwa bikorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure .”
Ugucureha kw’akanya gato
Kubw’ishirahamwe Human Rights Watch ,kuva Evariste Ndayishimiye ashitse k’ubutegetsi harabaye icizere. Umukuru w’igihugu yaragabanije amabi yakorwa n’urwo rwaruka .Ariko amwe mumashirahamwe avuga ko urwo rwaruka rutahagaritse burundu amabi rukora.,mubijanye nihagarika ry’agasakisaki,ihohotera hamwe no kunyuruza abo bose bikekwa kuba batavuga rumwe n’ubutegetsi,ivyo vyose urwaruka rukabikora rufashijwe n’ubutegetsi hamwe n’abari mu nzego z’umutekano n’iziperereza.
Ibinyamakuru bikorera mu gihugu bikaba vyarerekanye uturorero tutari duke imbere y’amatora, aha bikaba vyavuga ibijanye no gukizura kw’imbonerakure mw’ijoro zitwaje ibirwanisho,bamwe mubaguye mu minwe yarwo bakaba barakubiswe abandi baramburwa utwabo.
No ku mbuga hwaniro nko kuri facebook umuntu arondeye arasangako uko imbonerakure zifatwa .
“Urondeye uraheza ukabona ko imbonerakure ziyitirira ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi n’urwanko .”
Ishiramwe mpuzamakungu ONU riragabisha
Intumwa ya ONU idasanzwe ku Burundi Fortuné Gaëtan Zongo ntahengeshanya kwerekana amakenga yiwe n’ubwo Reta yanse ko bakorana. Mucegeranyo aheruka gushikiriza mu nama ya ONU iraba agateka ka zina muntu, yagize ati :
“Reta ibandanya yikora ku biro vy’igendereza, imbonerakure hamwe harimwo n’abajejwe umutekano muri bimwe mu bice vy’igihugu.”
Kubwiwe ,urwo rwaruka rwarihaye uburenganzira bwo kuvuga rikijana ,guhagarika hamwe no guhohotera uwo wese rushatse.
Amashirahamwe yigenga arahagaritse umutima
Amashirahamwe arenga 40 adaharanira ivy”icaro vya poritike yarandikiye umurwi wa ONU uraba ivy’agateka ka zina muntu,werekana uruhara rw’umugambwe CNDD_FDD hamwe n’urwaruka ruwukomokako hamwe n’amabi rukora mu kugira iterabwoba hamwe no guhohotera abandi .Ayo mashirahamwe arerekana kandi inyifato nk’iya gisirikare muri kino gihe harangwa intambara mu buseruko bwa Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Congo.
Ayo mashirahamwe arafise ibitari bike asaba :
- Ko amakungu yokomeza gufasha u Burundi mubijanye no gutsimbataza agateka ka zina muntu n’intwaro ibereye;
- Kwongereza ikiringo c’intumwa idasanzwe ya ONU mubijanye n’agateka ka zina muntu ;
- Gutunganya ku rwego rw’igihugu ibiganiro nk’umuti wo kugarukana amahoro arama.
Ico gufata
Oya. Nk’uko bishishikirizwa n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, imbonerakure ntabwo ari akarorero keza kubindi bihugu. Kuba zagirizwa amabi ajanye no guhohotera,hamwe no kutihanganiranira birerekanwa n’ivyegeranyo bitangwa n’amashirahamwe atandukanye
Muri make
Kuba imbonerakure zagirizwa kwivanga mubikorwa vy’inzego z’umutekano ,biracateye amakenga.Aho kubera akarorero ibindi bihugu ,ahubwo ukwo kuba igikoresho ca poritike bibandanya bitera amakenga kubijanye n’icuka ca poritike.Kubatari bake bakwirikiranira hagufi ibijanye na poritike y’Uburundi ,ivyo bigaragaza ugushaka kw’umugambwe uri k’ubutegetsi mu kuzivya iyindi migambwe hamwe no gusasagaza iterabwoba.
________________________________________________
Isanamu : Urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD ziriko ziratambuka mw’ikoraniro © DR