Mu gihe ubukene bw’igitoro bubandanya kuba ndanse mu Burundi , amasanamu y’ibiduga bininiya bitwara igitoro yatanzwe nk’ikimenyetso cuko igitoro coba kigiye kuboneka kubwinshi yabaye menshi ku mbuga hwaniro. Inyuma yico gihuha ukuri ni ukundi: ayo masanamu nayo mu 2022 hanyuma nta murongo muremure w’ibiduga bizanye igitoro wigeze utangazwa k’umugaragaro.
Kuva kw’igenekerezo rya 27 Myandagaro 2025, amasanamu menshi y’ibiduga bininiya bitwara i gitoro yarahanahanywe k’urubuga rwa whatsapp n’izindi mbuga hwaniro,ziherekejwe n’amajambo yemeza ko ivyo biduga vyoba biriko vyerekeza mu Burundi bizanye igitoro ,muri kino gihe igihugu cugarijwe n’ubukene bw’igitoro. Mu mwanya muto,izo nyandiko zazanye icizere n’amakenga mu banyagihugu. Mugabo n’ukugaba: kuko gushika muri kino gihe ,nta kimenyetso nakimwe gishobora gutuma umuntu yemeza iyo nkuru.
Isanamu ya kera yasubiwemwo
Hifashishijwe ubuhinga bwa google lens ,haramenyekanye inkomoko yayo masanamu yaherekezwa n’amajambo .Amasanamu yifashishijwe nk’ayavuba, yakoreshejwe ubwa mbere igenekerezo rya 1.10.2022 igihe c’isaha y’icumi n’imwe n’igice z’umuhingamo zitanzwe n’ikinyamakuru Ikiriho .Ntizerekana rero na gato umurongo w’ibiduga bizanye igitoro muri uno mwaka wa 2025.
Mubisanzwe ubu ni uburyo bumenyerewe bwo gutanga amakuru ahuvya biciye mugukoresha amakuru yakera, ibintu bimenyerewe ku mbuga hwaniro mu gihe hari uruhagarara canke ikibazo. Ayo ma sanamu yarifashishijwe mu buryo butaribwo kugira herekanwe ko hari ivyo Reta iriko irakora mugukemura ikibazo. Ubwo buryo burakunze gukoreshwa mukugwiza ibihuha canke mu kurema icizere mu bantu.
Amakuru yukuri mubisanzwe aca ahantu hazwi
Ishiramwe rya Reta riraba ivy’ibitoro mu Burundi (SOPEBU),iyinjizwa n’itangwa ry’igitoro mu Burundi, ntiryigeze rishira ahabona urwandiko na rumwe rwishika canke umurongo w’ibiduga vyoba biriko birinjira bizanye igitoro. Haba ku mbuga zitandukanye za SOPEBU ,nta nahamwe usanga ayo makuru y’igitoro kiriko kirinjizwa.
Mu bisanzwe, mu gihe hari igitoro citezwe, SOPEBU irabitangariza abanyagihugu, yerekana ama sitasiyo aza kuronka, amatariki igitoro kizotangigwako, rimwe rimwe n’urugero bw’igitoro kihari. Rero nta nkuru nk’iyo yigeze itangwa gushika ubu kuri ivyo.
N’ubwo SOPEBU itanga intonde z’ama sitasiyo aronswa igitoro,ayatari make mu gihugu ntagira n’ima,hakaguma hari imirongo y’imiduga itonze irindiriye hamwe n’uruhagarara mu ma karitiye y’i Bujumbura no mubindi bisagara. Iyaba hari igitoro cinjiye,umuntu yabwirizwa kuba yamaze kubona impinduka k’urubuga yamara ibintu si uko biri.
Ikena rituma harwira ibihuha
Mu gihe c’ikena rimaze umwanya muremure, abanyagihugu bafata nka nkama akantu kose koba kerekana ko hagiye kuboneka agahengwe .Ikibabaje ,n’uko uyo mwitwarariko utuma harwira ihanahanwa ry’amakuru y’ibinyoma, ata gutohoza kwimbitse kwigeze kuba.
Indongozi zamye zigabisha akatari gake ku nkwirikizi zo guhanahana amakuru atariyo, agashobora gutuma abantu barema, bagira inyifato itariyo canke agatuma agashavu kaduga.
Muri make:
Amakuru ariko arahanahawa kumbuga hwaniro kuvyerekeye ibiduga biriko vyerekeza mu Burundi bizanye igitoro siyo. Afatiye ku masanamu ya kera yakuwe mu kibanza cayo kandi ntaho ahuriye n’ukuri kw’ibiri k’urubuga canke ngo abe yatanzwe n’abategerezwa kuyatanga. Mu gihe c’ikena nk’iri, nivyiza kwitondera inkuru zitangwa hamwe no guhanahana amakuru atohoje.
________________________________________________
Isanamu :Imwe mu masanamu y’ibiduga bitwara igitoro yahanahanywe k’urubuga hwaniro rwa whatsapp,ifatwa nk’iyizanye igitoro mu Burundi muri kino gihe harangwa ikena rikabije ry’igitoro. © DR