Close Menu
    What's Hot

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 2025

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 2025

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?
    • Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?
    • Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa
    • Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?
    • Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi
    • Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa
    • Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire
    • Ukwitanga kw’abarwanyi ba CNDD-FDD kwoba koko «kwatumye abarundi babaho bahimbawe »
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Wednesday, 8 October 2025
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » Abahuza abaguzi n’abagurisha nibo batera iduga ry’ibiciro ? Abahinga mu vy’ubutunzi barabihakana

    Abahuza abaguzi n’abagurisha nibo batera iduga ry’ibiciro ? Abahinga mu vy’ubutunzi barabihakana

    0
    By BURUNDI FACTS on 18 August 2025 Ubutunzi
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Umukuru w’igihugu, Évariste Ndayishimiye, aragiriza abahuza abaguzi n’abagurisha kwaribo (commissionnaires) batuma ibiciro vy’ibifungurwa biduga mu gisagara ca Bujumbura. Ariko inyuma y’ayo majambo ya poritike, ibiharuro muvy’ubutunzi vyerekana ukundi kuri. Ukugabanuka kw’agaciro k’ifaranga, ihindagurika ry’ibihe, ingorane mpuzamakungu, na poritike y’ifaranga, vyose vyerekana ko iyo nsiguro ari nto cane. Abahinga batanga inzira zokwifashishwa kugira hahagarikwe itakaza ry’agaciro k’ifaranga ry’Uburundi.

    Ku munsi wa kabiri, igenekerezo rya 12 Myandagaro umwaka wa 2025, ku kibuga c’inkino citiriwe Intwari, mu birori vyo gushikiriza Buramatari mushasha w’intara ya Bujumbura na musitanteri wa Mukaza, umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ukuduga kw’ibiciro vy’ibifungurwa mu gisagara ca Bujumbura guterwa n’abahuza abaguzi n’abagrisha .

    Kubwiwe , hari abantu “bamara iminsi n’iminsi bama bicaye kuma ligala barindiriye ko igihe co kwimbura gishika”, abandi bakagura imurima utarera (umurwazo), bakika mu kiza binyegeje inyuma  y’ubukene bw’amafaranga bwugarije abarimyi.Ivyo bituma ibidandazwa biciye mu ntoke z’abahuza benshi imbere yo gushika ku masoko, biduza ibiciro cane.

    Umukuru w’igihugu yatanze akarorero k’igitoke kigurwa amafaranga 3 000 ku murimyi, kikazoshikira umuguzi kigeze ku mafaranga 50 000 kw’isoko ya Kamenge. Inyishu yo yatanze ni uguhuza amakoperative yo mu gisagara ca Bujumbura n’aya ruguru aha akavuga nko ku mutumba wa Rwibaga kugira ngo ibifungurwa bishike ku masoko ku giciro gito.

     

    Uko ibintu biri

    Iyo nsiguro y’umukuru w’igihugu ntihurizwako n’abahinga muvy’ubutunzi. Ku bwabo, intandaro z’uku kwiyongera kw’ibiciro ziva kuri vyinshi kandi zifise imizi.

    Mu kwezi kwa Rusama 2025, urugero rw’ukwiyongera kw’ibiciro mu Burundi rugeze ku rugero rutari bwigere rushikako rw’ibice 45 kw’ijana. Umuhinga mu vy’ubutunzi, Jean Ndenzako, avuga ko iyo ngorane iterwa na vyinshi, harimwo:

    • Ukugabanuka kw’agaciro k’ifaranga ry’Uburundi (BIF) gushika kuri 38,5 kw’ijana mu 2023.
    • Ihindagurika ry’ibihe ryabangamiye umwimbu.
    • Ingaruka z’ingorane mpuzamakungu ku biciro vy’ibidandazwa.

    Ivyo vyatumye cane cane ibiciro vy’ibifungurwa vyiyongera ku rugero rwa 37,2 kw’ijana muri 2023, mu gihe 62 kw’ijana vy’imiryango y’Abarundi iba mu bukene buteye ubwoba.

    Jean Ndenzako yongera akerekana ko uguha isoko y’igitoro ishirahamwe rimwe rya Reta kandi ridafise uburambe biri muvyatumye igihugu kija mu ngorane harimwo nivyo kwunguruza ibidandazwa.

    Nayo Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe Parcem, arasigura intandaro zikomeye 6 z’uku kwiyongera kw’ibiciro:

    1. Umwimbu muke.
    2. Ukugabanuka kw’agaciro k’ifaranga ry’Uburundi.
    3. Igiciro c’ukwiyunguruza kiri hejuru cane.
    4. Ukwongerekana kw’amafaranga mu gihugu kuruta ukwiyongera kw’umwimbu.
    5. Poritike y’amafaranga akoreshwa na Reta idahuye n’ivyankenerwa.
    6. Ugutituka muri rusangi kwibikorwa bijanye n’ubutunzi.

    Ikigega mpuzamakungu (FMI) naco nyene carasohoye icese ku wa 15 Ndamukiza 2025urwandiko, kivuga ko ukwiyongera kw’ibiciro kwari kwagabanutse munsi ya 15 kw’ijana mu gice ca mbere ca 2024 kubera poritiki yo kuduza ifaranga hamwe no kugabanuka kw’ibiciro vy’ibifungurwa, kwasubiye kwiyongera gushika kuri 39 kw’ mu mezi abiri ya mbere ya 2025. Iryo duga ahanini ryatewe no kwongerekana kw’ifaranga mu gihugu.

    FMI iragabisha ko mu gihe Reta izobandanya ikora amafaranga kugira ishire mu ngiro imigambi yayo , igihugu kizobandanya kuja mu kaga muvyerekeye ukuduga kw’ibiciro gushika muri 2027. Guhagarika itituka ry’ifaranga ry’uburundi bitegerezwa kuja muvyihuta.

    Insiguro y’ukuri

    Si vyo – Guhuza ko abajuza abaguzi n’abagurisha n’iduga ry’ibiciro  n’insiguro yokwiyorohereza .

    Inzira zitangwa n’abahinga

    Jean Ndenzako asaba ko:

    Banki nkuru y’igihugu yokwongereza ibikorwa vyayo kw’isoko y’amafaranga.

    Kwongereza bimwe biboneka inguvu kugira itituka ry’ifaranga rihagarare biciye mu nzira zitandukanye;

    Gusubiramwo neza ibijanye no gutanga amasoko kuri bimwe mubidandazwa , harimwo:

    • Gusubizaho ibigega vy’integabizoza.
    • Kworohereza mu buryo bw’imfatakibanza iyinjira ry’ivyankenerwa.
    • Gushiraho inzira ngufi z’ugushikana ibifungurwa ku masoko.

    Kubwiwe,izo ngingo zoshobora gutuma hari ibiciro bigabanuka mu kiringo c’ukwezi 1 canke 2, ariko bisaba ko hategurwa uburyo bwo gusuzuma kugira bahagarike abagira urudandazwa mukunguka umurengera .

    ________________________________________________

    Isanamu : Mu birori vyo gushikiriza buramari mushasha wa Bujumbura, umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye yagirije abahuza abaguzi n’abagurisha kwaribo (commissionnaires) batuma ibiciro vy’ibifungurwa biduga mu gisagara ca Bujumbura. © DR

    Related Posts

    Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi

    14 September 20253 Mins Read

    Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa

    13 September 20253 Mins Read

    Ukwubahiriza ibiciro vyo kwiyunguruza mu Burundi : ingingo igoye gushira mu ngiro umuntu afatiye kukuri kwuko ibintu vyifashe muri kino gihe

    1 August 20253 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 202503 Mins Read

    Amakuru yahanahanywe ku mbugahwaniro arahushanye n’uko ibintu vyifashe, abasirikare b’abarundi ntibariko barakinjura mu gisagara ca…

    poritike

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 202503 Mins Read

    Ku magenekerezo ya 4 na 5 Nyakanga 2025 i Muyinga, hamwe na 10 Nyakanga i…

    poritike

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 202504 Mins Read

    Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga harahimbzwa umusi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi (démocratie), umusi…

    Amakuru Yacu

    Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?

    23 September 202503 Mins Read

    Ireresi yerekana umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye aciye imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2025 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.