Hakoreshejwe uburyo bwegeranijwe burenga imiriyaridi 100 mu mafaranga y’amarundi,imigambi y’uburimyi PATAREB na PADCAE_B yari ifise ihangiro ryogutunganya gushasha ibijanye n’uburimyi m’uburaruko bw’Uburundi .Mugihe bitegekanijwe ko isango izoherahezwako ryegereje mu mwaka wa 2026,intahe z’abantu batari bake zerekana ko inyubako zahagarikiwe hagati ,ibikoresho bitigeze bikoreshwa ,hamwe n’ikoreshwa ry’uburyo rirangwamwo igipfungu.Ivyo bishikirizwa vyoba bifise ishingiro?Dushaka kurondera ukuri dufatiye kuvyagiye birashikirizwa n’abategetsi,intahe hamwe n’uko vyifashe k’urubuga.
Iyo migambi yatangujwe mu mwaka wa 2018,umugambi warugamije guteza imbere uburimyi PATAREB waje wunganirwa n’uwundi mugambi ufasha mubijanye no guhingura ibifungurwa hamwe nokwiyungunganya mu Burundi PADCAE_B. Iyo migambi uko ari ibiri ikaba yahawe uburyo n’ibanki y’isi, ibanki ya Afrika y’iterambere (BAD) hamwe n’iikigega mpuzamakungu c’iterambere (FIDA); ihangiro kukaba kwari uguteza imbere uburimyi mu ntara z’uburaruko bw’Uburundi.Amahera yategerezwa gukoreshwa yose hamwe arenga imiriyaridi 100 mu mahera y’amarundi .
Yamara abatari bake bagumye batabaza kuco iyo migambi iriko irafasha koko abanyagihugu. Mu makomine ya Gashikanwa ,Kiremba,Gashoho ,Vumbi hamwe no muzindi ntara ,inyubako zubatswe muri iyo migambi ubu ntaco ziriko zirakora ,izindi ntizarangiye hari naho rero zahebwe burundu .
Ayo makuru aremezwa n’abashikiranganji babiri ba Reta y’Uburundi Uw’ikigega ca Reta Nestor Ntahontuye hamwe n’uwuburimyi Prosper Dodiko ,mu rugendo rw’akazi bagize muri ivyo bice kw’igenekerezo rya 11 Mukakaro 2025.Icegeranyo c’ivyavuye muri urwo rugendo kirerekana inyubako zitabaho izindi nazo ari umusaka hamwe n’ibikoresho bitigeze bikora .Umushikiranganji w’ikigega ca Reta yaremeje ko uburyo bwategerezwa bwasohotse ariko ko budahuye n’ivyaranguwe,agira ati : “Uyu mugambi uhura n’ingorane nyinshi ..Hariho inyubako ataco ziriko ziramara kandi uburyo bwarasoohotse .”
Ibiharuro vyegeranywa biragaragaza ko n’ubwo hakoreshejwe uburyo bwinshi ,umusaruro ugaragarira k’urubuga ari muto cane .Itunganywa ry’imyonga ya Nyavyamo yategerezwa kuduza umwimbu yarahomvye.Ububiko butari buke bwubatswe hifashishijwe uburyo bwo muri iyo migambi muri kino gihe buragaragara ahandi naho ntibwaheze kwubakwa,ibigaragaza itandukaniro ry’ibiri k’urubuga n’ivyari vyitezwe .
Hari kandi n’amakuru agenda aravugwa hirya nohino ko uburyo bw’iyo migambi bwoba bwaribwe nk’uko vyemezwa n’amashirahamwe adaharanira ivy”icaro vya politike nka OLUCOME.Ariko gushika ubu ntacegeranyo c’ubusuzumyi bwoba bwarakozwe kugira cerekane inyonorwa ry’ayo mahera.
Yamara rero ibishikirizwa n’abashikiranganji hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivy’icaro vya poritike birahuriza kw’itunganywa nabi riguma rigaruka kubaba bakurikirikarana imigambi ya Reta ifashwe mu mugongo n’abasanzwe bayifasha .Amatohoza yigenga yarakwiye kugira yemeze canke ahakane ivyo bivugwa .
Ikindi gishasha kigaragara ni ukuvanga poritike n’ikwirikiranwa ry’imigambi mwe n’iyo. Aha nka Olivier Nkurunziza arongoye umugambwe Uprona canke umuhinga muvy’ubutunzi Francis Rohero ,bamirira kure ivyo kudashira imbere ubushobozi bw’umuntu ahubwo hakisungwa abayoboke b’umuntu canke b’umugambwe mukugena umuntu mukurongora imigambi mwe n’iyo .Umukuru w’inama nkenguzamateka Emmanuel Sinzohagera n’umushikiranganji wa mbere bemeza ko hari abajejwe gukwirikirana imigambi bakora ibishoboka vyose kugira yikwege bashize imbere inyungu zabo .
Ukwo kwonona ibintu biza vyunyurwa no kuba ata mategeko asanzwe ahari ategekanya uko abantu bataranguye neza imirimo yabo baheza bagahanwa .Bamwe mubasanzwe bari muri Reta baremeza ku mugaragaro ko iyo ngorane isanzwe iriho bagasaba ko hoja harakorwa amasuzuma mu migambi ya Reta.Gushika ubu nta ngingo itomoye irafatwa kuri ivyo .
Muri make, amasuzuma yakozwe arerekana neza yuko imigambi PATAREB na PADCAE_B yagarukiye kugushiraho inyubako zitaheze n’izabebwe, ikoreshwa ritabereye ry’uburyo bugenewe iyo migambi, hamwe kandi n’ikoreshwa ry”ubwo buryo hisunzwe imvo za poritike.
Ivyagiriji bijanye n’inyonorwa ry’uburyo bugenewe iyo migambi n’ubwo bitagaragara bifatari kubintu bikomeye kuburyo hari hakenewe amatohoza yigenga kandi yimbitse.
Umuntu atereje amaso kure ,ibijanye n’iyo migambi ibiri bigaragaza ingorane ikomeye ijanye no gushira mu ngiro imigambi y’iterambere mu Burundi . Ivyo vyerekana ko vyihuta ko hagira igikezwe kugira abashingwa amabanga babe babishiboye ,kandi bakagenwa harimwo umuco kandi bazi ko hari ivyo bazobazwa mu gihe bonanirwa.
________________________________________________
Ifoto: Imwe mu nyubako muri iyo migambi yaciriwe hagati idaheze © DR