Close Menu
    What's Hot

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 2025

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 2025

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 2025
    Facebook X (Twitter) Instagram
    Tendances
    • Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?
    • Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?
    • Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa
    • Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?
    • Imashine ziharura amahera: Akarusho kadasanzwe mu gutoza amatagisi canke icipfuzo gisanzwe nk’ibindi
    • Uburimyi bw’amavoka mu buraruko bw’igihugu: iterambere ryo kwizera canke imvugo ya poritike gusa
    • Iyirukanwa rya David Leysens: Rishobora kubangamira imiriyoni 75 z’amafaranga y’abanyaburaya yociye mu gisata c’imigenderanire
    • Ukwitanga kw’abarwanyi ba CNDD-FDD kwoba koko «kwatumye abarundi babaho bahimbawe »
    Email: info@burundifacts.org
    Burundi Facts
    Facebook X (Twitter) LinkedIn
    ABONNEZ-VOUS
    Wednesday, 8 October 2025
    • Ahabanza
    • Amakuru Yacu
      • poritike
      • Ubutunzi
      • Ibidukikije
      • Imibano
      • Ivyisungwa
    • Amakuru Aramvuye
      • Ibiharuro
      • Imyihwezo
    • Abo Turi
      • Amatangazo
      • Turi Bande?
      • Umurongo Ngenderwako
    • Abo Dukorana
      • Ni bande basuzuma amakuru yacu?
    • Twandikire
    • Français
    • Kirundi
    Facebook X (Twitter)
    Burundi Facts
    Home » IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    0
    By Burundi FactCheckers on 23 February 2022 Ivyisungwa
    Burundi Facts
    Share
    Facebook Twitter LinkedIn Email Reddit Telegram WhatsApp Copy Link

    Ibiwani mu butumwa bwo gutanga akazi, imfashanyo, ingurane, utuganuke no gufasha kronka amafaranga vyoroshe ni bisanzwe kuri Facebook. Ivyo bikwegakwega abantu bihebuye mu kubereka inzira zoroshe zo kuva mu ngorane z’amafaranga barimwo, ariko birahobora kubakwegera akarambaraye .

    Ni gute wokwirinda guhendwa ?​ Ng’izi zimwe mu mpanuro zogufasha zogufasha kubona ikiwani kuri Facebook.

    Ubutumwa bwanditse nabi

    Uburyo bwo kwandika, amakosa mu kwandika ​no gutondekanya ivyiyumviro nivyo kenshi biranga ikiwani kuri Facebook.

    Amakosa arashoboka , ariko itangazo​​ rigusaba kurungika ubutumwa ufyonze hano “  via le bouton d’envoi de message ou le lien ci-dessous ” canke rikwemerera ko ushobora gutsindira ikintu mu “ mu masegonda 10 ” kenshi aba ari ikinyoma.

    Ubutumwa bwanditse MU NDOME NKURU bukaba burimwo GATANGAZA NYINSHI!!!!! Na bwo buteye amakenga .

    Ubutumwa busaba amafaranga

    Ibiwani​​ bisaba amafaranga vyo biroroshe kubona.​​ Ni co kimwe n’amatangazo y’ibinyoma yo gutanga akazi, aho bagusaba, amafaranga yo “gusaba akazi” canke “ kwiyandikisha ” . Ibiwani bimwe bimwe vyo gutanga utuganuke nk’akarorero abakwemerera kuguha amacupa ya gaze​ ku ubuntu , bakagusaba amafaranga ya “ reservation ”  canke yo “ kukurungikira ako kaganuke ” .

    Ayo mafaranga bakurihisha usanga atari menshi, kenshi aba ari hagati y’amadorare 3 kugeza 5, ariko abatekamutwe barashobora kwinjiza amafaranga menshi iyo abantu benshi bahenzwe.

    Mu kurihisha abatekamutwe bakoresha ubuhinga bwo kurungikiranira amafaranga hakoreshejwe terefone ngendanwa. Abatekamutwe basaba kenshi abantu ko barungika amafaranga ku nomero itazwi, atari kuri konte ya banki y’amashirahamwe yemewe.

    Kurihishwa imbere ni ikimenyetso cerekana ko hari agahaze. Amatangazo y’akazi canke ubutumwa bwo gutanga utuganuke vy’amashirahamwe yemewe nta mafaranga bisaba.

    Amatangazo akurungika ku mbuga ngurukanabumenyi bidafitaniye isano

    Iyo ubutumwa bw’ikiwani bukoresha izina ry’ishirahamwe rizwi bukurungitse ku rubuga ngurukanabumenyi, urwo rubuga ntiruba rwegamiye iryo shirahamwe.

    Ubutumwa buhenda abantu ngo ni amatangazo y’akazi rubarungika kwuzuza urupapuro kuri  Google Forms, serivisi y’ubuntu aho impapuro zo kwuzuza zoroshe gukora kandi zigasa nk’aho ari izukuri. Google Forms kandi irakunda gukoreshwa na ba ntekumutwe biba amakuru y’abantu ku ngurukanabumenyi.

    Hariho​ n’ibiwani bikora ubutumwa bukwegakwegera abantu ku mbuga ngurukanabumenyi zinjiriza amafaranga ba nyenezo mu​​ kumenyekanisha ibintu.

    Dufate ko uriko uraraba utuntu n’utundi kuri Facebook ukaza ubona ubutumwa bwo kumenyekanisha igabanywa ry’ibiciro ku bikoresho vyo munzu. Ubonye ubikeneye, ugaca ufyonda. Ariko aho guca ushika ku rubuga nyakuri rw’iryo duka ugaca wisanga ku rubuga rusanzwe usanga ruri muri za mbuga zikorwa ku buntu kandi rworoshe gukora. Urwo rubuga ugasanga rwuzuye amashusho y’amabara menshi n’amatangazo yo kumenyekanisha ba nyene urubuga bakoresha mu guca amahera iyo abonywe n’abantu benshi.

    Aya mayeri kandi asanzwe akoreshwa mu biwani bihenda abantu ko bashobora kuronka akazi. Iyo mufyonze ku nzira (lien) kuri Facebook, mwihweze neza ko aderesi y’urubuga ihuye n’ishirahamwe ryavuzwe mu butumwa.

    Amatangazo agusaba gushima, gusangiza, kugira ico uyavuzeko no kubarungikira ubutumwa

    Hari Itangazo riheruka guca kuri Facebook ryavuga ko ishirahamwe rikora ibintu vy’ubuhinga bwa none ku rugero mpuzamakungu Nokia, ririko ritanga terefone nsha ku banyeshuri.​ Kugira utsindire iterefone bagusaba ko wandika urudome “N” muri commentaires.

    Utwo ni uturero tw’imitego, ni ukuvuga ubutumwa busaba abantu gusangiza no kugira ico bavuze . ivyo vyose bakabikora kugira imbuga zabo zirusheho kumenyekana kugira abazikurikirana bongerekane

    Amahiganwa amwe amwe​ kuri Facebook asaba abakoresha urwo rubuga gushima no gusangiza amatangazo yabo.​ Ariko mwitondere cane cane ubutumwa usanga kenshi busaba kuyagira muri inbox , cane cane iyo​ bagusaba kurungika amakuru yawe bwite canke umwidondoro wawe.

    Niki ushobora gukora ?

    Urahobora kubona ubutumwa kuri Facebook ukabona neza ko ari ikiwani. Niki woshobora gukora. Ubwambere na mbere, ntubufyondeko! Ubutumwa bw’ibiwani kuri Facebook bigwira kubera ubwinshi bw’ababibona. Aho kubukwiragiza, bwihoze.

    Kurashobora no gutanga ikirego kuri ubwo butumwa mu gufyonda hejuru iburyo bw’itangazo. Fyonda kuri «Signaler la publication» Hanyuma uhitemwo muri Menu aho ushobora gusobanura neza ikibazo. Facebook ica ibisuzuma ikanakurako ikintu icarico cose kidahuye n’amategeko ngenderwako yabo.

    Wame wizeye ico umutima ukubwira. Iyo ikintu kiguteye amakenga, birashoboka ko aba ari ikiwani. Ntiwibagire rino bwirizwa, “iyo ikintu gisa neza bidasanzwe nuko kiba gifise amahinyu”.

    Related Posts

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 20249 Mins Read

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 20243 Mins Read

    IVYISUNGWA: Twotora gute amareresi y’ibinyoma, adahuye n’ivyavuzwe kandi ahinduwe hakoreshejwe ubuhinga bwa none  «deepfake »

    12 September 20194 Mins Read

    LAISSER UN COMMENTAIRE Cancel Reply

    INKURU ZA MBERE
    Amakuru Yacu

    Igisirikare c’Uburundi coba gitegekanya gukinjura mu gisagara ca Uvira, muri RDC?

    24 September 202503 Mins Read

    Amakuru yahanahanywe ku mbugahwaniro arahushanye n’uko ibintu vyifashe, abasirikare b’abarundi ntibariko barakinjura mu gisagara ca…

    poritike

    Indongozi zikuru mu gisirikare, igipolisi no mu gisata c’ubutungane boba barekuriwe kwitabira imyiherero ya poritike itunganijwe n’umugambwe?

    24 September 202503 Mins Read

    Ku magenekerezo ya 4 na 5 Nyakanga 2025 i Muyinga, hamwe na 10 Nyakanga i…

    poritike

    Intwaro rusangi mu Burundi: iriho vyukuri canke n’imvugo ya poritike gusa

    23 September 202504 Mins Read

    Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga harahimbzwa umusi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi (démocratie), umusi…

    Amakuru Yacu

    Nestor Ntahontuye yoba koko yaranse kuramutsa umukuru w’igihugu ca Algérie Tebboune ?

    23 September 202503 Mins Read

    Ireresi yerekana umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Nestor Ntahontuye aciye imbere y’umukuru w’igihugu ca Algérie Abdelmadjid…

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    À une époque où les fausses informations prolifèrent non seulement sur les réseaux sociaux, mais aussi dans les médias traditionnels (radio, télévision, journaux) au Burundi, et où certaines personnalités publiques usent d’un discours versatile pouvant induire la population en erreur, il est du devoir de chacun de se consacrer à la vérification des faits.

    IMYIHWEZO YIMBITSE

    IVYISUNGWA: Abamenyeshamakuru boshikiriza gute amakuru yabo atomoye?

    18 June 2024

    IVYISUNGWA: Intambuko zitanu kugira wirinde amakuru atariyo aca kuri WhatsApp

    17 June 2024

    IVYISUNGWA: Uburyo bwo kubona ibiwani kuri Facebook

    23 February 2022

    Ronka Amakuru Masha

    Ronka amakuru masha ya Burundi Facts

    * indique "obligatoire"
    /* real people should not fill this in and expect good things - do not remove this or risk form bot signups */

    Intuit Mailchimp

    Facebook X (Twitter)
    © 2025 BurundiFacts. Designed by Oracom Web Solutions.

    Type above and press Enter to search. Press Esc to cancel.