Kuwa 16 Ntwarante 2020
Ihanahana ry’ inkuru zitarizo ku rubuga rwa WhatApp rishobora gukwekera abagenzi banyu n’imiryango yanyu mu makosa. Barashobora gufata ikintu kitari co nk’uko ari ukuri.
Amakuru y’ibinyoma ashobora kandi kwica
Muri 2018, harakwiragijwe kuri WhatsApp, ibihuha vy’inyuruzwa ry’abana mu Buhindi, ingaruka zabaye agahomerabunwa. Ubutumwa bwaciye kuri urwo rubuga bukarandagata bwari bwerekeye urupfu rw’abantu rw’abantu mirongo itatu mu gihugu.
Muri Afrika y’Epfo, hari ubutumwa bwahanahanywe kuri WhatsApp burimwo ibihuha vyerekeye abanyamahanga, ugushaka gukora ubwicanyi bigizwe n’abahavuka, ugutembagaza ubutegetsi, imishamirano ishingiye ku rukoba n’ibindi bibazo « bikiri mu mushuhira» bishobora kuba intandaro y’amatati n’ukwinubana.
Dutegerezwa kwama twameze magabo kugira ntiduhanahane ubutumwa bw’ibinyoma canke butaribwo.Mbega none twomenya gute ko ubutumwa ari ikinyoma?
Ng’ibi ibibazo bitanu vyo kwibaza ( no kubaza abagenzi banyu) imbere yo gusangiza ubutumwa.
1) Ni inde yabwanditse?
Ubutumwa bwinshi bw’ikinyoma (na cane cane ubwarungitswe) ntibwerekana uwabwanditse. Mu gihe tutazi uwabwanditse, twobwizera gute ?
Mu gihe mukekeranya uwanditse ubutumwa canke inkomoko y’ivyo yemeza ko ari vyo, murahagabire.
Imbere yo kubuhanahana : baza uwuburungitse uwabwanditse n’aho yavyabuye, hanyuma usuzume kandi ivyo bintu ko ari ukuri.
2) Mbega noshobora gusuzuma ivyo bemeza?
Ubutumwa bw’inshi bw’ibinyoma ntibutanga amasoko y’ivyo bushikiriza canke bwisunga amasoko atariyo nk’ imbuga z’uguhuguza. Amakuru amwamwe y’ibinyoma avuga ko yisunga amasoko y’ukuri ni nk’imbuga z’amakuru agezweho zizewe- yamara ari ukubesha.
Mu gihe mukekeranya ko inkuru yashikirijwe n’isoko ry’ukuri, mube maso. Imbere yo gukwiragiza inkuru: mubaze uwayirungitse ko iyo nkuru nyene yaciyeno ku mbuga z’amakuru zizewe canke n’ayandi masoko yemewe, musuzume ko izo mbuga zidatanga inkuru zo gushikuza. No mu gihe izo mbuga vyoshika ntizitange amakuru yo gushikuza, musubire musuzume gushasha ivyabaye.
3) Mbega inkuru irantera ubwobwa canke iranshavuza?
De nombreux faux messages essaient de nous faire peur ou de nous mettre en colère par rapport à quelque chose. Il peut s’agir de déclarations choquantes concernant des délits ou des enlèvements, des personnes d’un autre pays ou d’un groupe racial ou des nouvelles politiques gouvernementales.
Ubutumwa bw’inshi bw’ibinyoma bugerageza kudutera ubwoba bw’ikintu canke kutuvyurira ishavu ry’ikintu. Ashobora kuba amakuru ababaje ajanye n’ivyaha canke ukunyuruzwa,abantu b’ikindi gihugu canke umurwi ushira imbere urukoba canke imigambi mishasha y’amareta.
Mu gihe ubutumwa butanga amakuru y’iterabobwa canke ababaza – murahagabire.
Imbere yo kubukwiragiza: ni mwihweze nimba ubutumwa bukorera k’ubwoba canke k’uvyo abantu basanzwe barishizemwo hanyuma mubisuzume ko ivyabaye arivyo.
4) Ayo makuru yoba arimwo amasanamu, ubutumwa bwo kuraba havanzemwo amajwi canke bwo kumviriza ( ama video canke ama audio) ababaza umutima?
Ubutuma bwinshi bw’ibinyoma bukoresha amasanamu, ama videwo canke amajwi kugira buhuvye. Ayo nayo ashobora guhinyanyurwa canke guhindurwa kugira acike ayo guhuguza. Ashobora kandi no gufatirwa mu gikorwa gitandukanye n’ico bavuga canke mu kindi kibanza.
Mu gihe ubutumwa burimwo amasanamu, ubutumwa bwo kumviriza ( ama audio) canke bw’ukuraba n’ukwuviriza( ama video)ababaza umutima, mube magabo. Imbere yo gukwiragiza: musuzume ko ibigize inkuru bitakoreshejwe ukundi canke bitahinduwe ukundi gusha canke ko bitoba ari ibintu biheruka kuba canke vyabereye mu kindi kibanza.
5) Ubwo ndazi neza ko atari inkuru b’ububeshi?
Ubutumwa bwinshi n’ubwo ibinyoma bushobora gusuzumirwa ku mbuga ngurukanabumenyi. Murashobora guhinyuza ku mbuga zitanga amakuru nyayo canke imbuga zoguhinyuza ko ivyo bavuga ari ukuri nka fr.africacheck.org cankeLes Observateurs France 24.
Imbere yo gusabikanya: musuzume murondere ku mbuga zikoresha umuhora ngurukanabumenyi ko ubwo butumwa bwamaze guhinyuzwa ari ukuri canke ikinyoma.
Ntimugakwiragize inkuru kiretse muzi neza ko ari iz’ukuri. Inkuru ntiba nyayo kuberako yatanzwe n’urubuga nkoranyambuga canke kuberako iriko ihanahanywe ku mbuga rusangi!