Haraheze imisi, hari amakuru acishwa ku mbuga za X avuga k’urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi kandi yahoze yubashwe mu mugambwe CNDD-FDD. Inyuma y’amatohoza, twasanze ata makuru yizewe namwe yemeza iyo nkuru: Général aracari mu bitaro i Gitega aho acungiwe.
Vyose vyahereye ku butumwa bwaciye k’urubuga rwa X rwuwiyita @RhumatologueS, yemeza ariko atavyemezo atanze aho yagira ati: «Inkuru iradushikiriye, Général Bunyoni ahejeje kwitaba Imana inyuma yo kuborezwa igufa n’ukwicwa urwagashinyaguro n’ubu butegetsi bwa Général Neva. »
Mukanya gato, urwo rukurukuru rwarahanahanywe mu migwi itandukanye ya whatsapp, bituma benshi bashaka kumenya uko amagara yuwahoze ari umushikiranganji wa mbere hagati ya 2020 na 2022 yifashe. N’izindi mbuga zaranditse iyo nkuru, bamwe bemeza ko ari amakuru bakuye «mubamwegereye i Gitega».
Ariko, nta mutegetsi n’umwe w’Uburundi, abegereye Général, canke ikinyamakuru cizewe cigeze gitangaza urupfu rwa Bunyoni.
Amatohoza twagize aravuguruza urwo rukurukuru
Amatohoza yakozwe n’ishirahamwe ryigenga King Umurundi, yerekana ko Bunyoni akiriho.
Iryo shirahamwe ryemeza ko ryavuganye n’abatari bake bari i Gitega, baraheza baremeza ko uwahoze ari umushikiranganji wa mbere ari mu bitaro vy’akarere I Gitega kandi acungiwe aho nyene.
Nta tangazo, nta n’umuryango w’amaraso wa Général, canke incuti zindi bigeze batangaza urupfu rwiwe.
Izo nkuru zemeza urupfu rwiwe n’inkuru zitatohojwe zirimwo ibinyoma, zikaba kandi zatanzwe n’abantu badashaka kumenyekana kandi biragoye ko umuntu abamenya, vyerekana ko ari isekeza rigamije gutanga amakuru ahuvya yerekeye abategetsi b’Uburundi.
Umugabo afise kahise kadasanzwe
Umuntu yarakomeye muri CNDD _FDD, Général Bunyoni yafashwe igihe kitari gito nk’umwe mubagabo bavuga rikijana mu Burundi, na cane cane ku ntwaro ya gatatu ya prezida Petero Nkurunziza.
Umu ofisiye wo k’urwego rwo hejuru mu nzego z’umutekano, yaragiye aravurwa muvyegeranyo mpuzamakungu yagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu, imbere yo gukurwako icizere n’ibihangange mu mugambwe uri ku butegetsi.
Ihagarikwa ryiwe muri 2023, ryakurikiwe n’ipfungwa rirerire, mbere rituma haba no gucanamwo mu mugambwe uri k’ubutegetsi. Ijanwa ryiwe mu bitaro ryavyuye ico cuka rica ryugururira imiryango ibihuha.
Ibihuha bitagira ishingiro, bibeshuzwa nivyo tubona
Inyuma yo gushishoza twagize, nta kintu nakimwe cemeza urupfu rwa Général Alain Guillaume Bunyoni. Inkuru zagiye ziraca ku mbugahwaniro cane cane kuri X ntizifise ishingiro, kandi noneho nta tangazo na rimwe ryasohotse ku mugaragaro ryemeza urwo rupfu. Général Bunyoni aracariho, nk’uko vyezwa n’amakuru yo kwizerwa ava i Gitega.
